8 octobre 2024

Abakenyezi bafashijwe n’umugambi wa Reta Merankabandi bagiye gutera iyindi ntambwe yo kuja muri banki

Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa Gatanu igenekerezo rya 11 ntwarante 2022 hariya kumurwa mukuru w’intara ya NGOZI, aho hari habereye inama yo kumenyesha no guhanahana ivyiyumviro kuvyaranguwe mu mugambi Merankabandi I ku bashingamateka batowe mu ntara 4 uwo mugambi ukoreramwo.

Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA, Umunyamabanga ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA Yavuze ko ari intambuko ikenewe cane, kuko ngo mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bariko bararaba ingene bokwigisha abakenyezi bahoze bafashwa muri uwo Mugambi MERANKABANDI kwitegurira imigambi ishobora gushigikirwa na banki na burya haheruka gushirwaho Ibanki y’iterambere ry’abakenyezi hamwe n’iyurwaruka.

Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura ibikorwa vy’urwo ruganda rwo kurabira hamwe ivyaranguwe mu mugambi Merankabandi yambere hamwe n’ibigiye gushimikirwako mu mugambi ugira kabiri wa Merankabandi, Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA yamenyesheje ko uwo mugambi uzokorera mu ntara zose kandi hakazoba harimwo mbere n’umurwi w’abahungiye mu gihugu c’Uburundi bafise amikoro make uwo mugambi uzofasha.

Abari bitavye iyo nama (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yaribukije abashingamateka ko ihangiro nyamukuru ry’uwo mugambi ryariryo  gushigikiza uburyo bw’amafaranga imiryango ikenye cane gusumba iyindi,  ifise abana batarenza imyaka 12 y’amavuko, baba ku misozi yatowe kugira bashobore kwitezimbere mu buzima bwabo bwa misi yose.

Yagize ati « Uwo mugambi wategerezwa gushigikira mu ntango  imiryango ya Ba Ntahonikora ingana n’ibihumbi mirongo ine n’umunani (48000) mu gihugu cacu, baturuka mu makomine cumi n’atandatu (16)  bo mu ntara za Ruyigi, Karusi, Gitega na Kirundo,  mu kiringo c’amezi mirongo itatu kuko ngo izo ntara zine zatowe hisunzwe ubusumbasumbane bw’amikoro make hamwe no gufungura nabi kw’imiryango ».

Yaciye amenyesha ko umugambi Merankabandi ubu umaze gufasha imiryango irenga ibihumbi mirongo itanu n’itandatu (56.000) yahora  ifise amikoro make mu kubaronsa imfashanyo y’amafaranga  hamwe n’inyigisho mperekeza zibafasha kuyahindura umutahe wo kwiteza imbere no kugira ubuzima bwiza.

Yarongeye aramenyesha ko muri iyo miryango yatowe, imiryango y’abatwa  itibagiwe kuko Umugambi  Merankabandi wafashije imiryango y’abatwa 1418 muri izo ntara zine yadondaguye.

Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA, yabwiye abashingamateka ko Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu, n’Iteramabere Ridakumira  naho aribwo  bwateguye uyu mugambi, butari gushobora kuwushira mu ngiro budafashijwe n’izindi nzego z’igihugu.

Ati « Nico gituma twashaka gufata umwanya wo gushima  bimwe vy’umwihariko uruhara rw’Abashingamateka n’Abakenguzamateka mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi Merankabandi. Turakengurikira kandi abajejwe intwaro n’abandi nkuko tudahengeshanya kubishikiriza ku ruhara rwabo ntangere bama berekana. »

Michel NYABENDA, Umuhuzabikorwa mumugambi MERANKABANDI (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Michel NYABENDA, Umuhuzabikorwa mumugambi MERANKABANDI ari nawe yerekanye ivyo umugambi MERANKABANDI I washitseko n’ibigiye gukoreka mu mugambi MERANKABANDI II, yamenyesheje ko kubera rero iyi mfashanyo y’amafaranga n’inyigisho mperekeza, abafashijwe n’uyu umugambi barashoboye kwisununura baratera intambwe ishimishije yo kuva mu bukene.

Akaba yaciye adondagura bimwebimwe mu bigize umwimbu w’Umugambi Merankabandi I :

  • Abafashijwe muri uwo Mugambi basigaye bakeye mu maso, bambaye neza, isuku ryariyongereye ku mubiri no mungo zabo, ;
  • Abana n’abavyeyi barafungura neza,
  • Abana baraja kw’ishure, imiryango irafise amakarata yo kwivuza,
  • Ubutunzi bwariyongereye mu miryango :
  • Nka bose baroroye ibitungwa bitobito na binini ;
  • Abafashwa n’umugambi bari mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana, n’ibindi.

Yamenyesheje ko uwo mugambi ugiye kuzorangiza ibikorwa vyawo mu kwezi kwa Ruheshi 2022, hace hatangura umugambi Merankabandi ugira kabiri uzorangurira imirimo mu ntara zose zigize igihugu c’Uburundi.

Jocky Chantal NKURUNZIZA, umwe mu bashingamateka batowe mu Ntara ya ruyigi ariko araterera iciyumviro co gushima (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Abashingamateka bari aho bakaba barashimye cane ibikorwa vyaranguwe muri uwo mugambi Merankabandi I, bararonswa n’umuco kubijanye n’abahungiye mu gihugu bazo fashwa muri uwo mugambi kandi hari amashirahamwe asanzwe abitaho, baca bagirako basaba ko imirwi y’abatwo yokwama iza imbere mu bafashwa kuko bigaragara ko yari yarasigaye inyuma mw’iterambere.

Umwe mu bafashijwe n’umugambi Merankabandi bashoboye gushinga intahe y’ingene uwo mugambi merankabandi wabakuye mu bukeneye (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya ko bamwe mu bafashijwe n’umugambi Merankabandi bashoboye gushinga intahe y’ingene uwo mugambi merankabandi wabakuye mu bukeneye none ubu baraza akaguru mw’ikoma kubera ubukene babaza.

Bivugiye neza ko bamaze kuronswa uburyo bw’amafaranga, baciye bumvikana n’abagabo babo uko boca batangura gukora bashirahamwe, bahereye mu burimyi, ubworozi no kugira urudandaza rutoruto, ubu bakaba barateye intambwe iboneka mw’iterambere ry’imiryango yabo.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →