24 juillet 2024

Abavyeyi, abarezi mbere n’abandi bose barasabwa kugira uruhara ruboneka mu guteza imbere no kubahiriza agateka k’abana

Ivyo ni ivyashikirijwe na Nyakubahwa Ponsiyano Hatungimana, Umunyamabanga ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka Kazina Muntu n’Interambere Ridakumira, aho hari haramutse hahimbazwa kuri uyu wa 26 ruheshi 2024, umunsi mukuru wahariwe umwana w’umunyafrika.
Uwo munsi ukaba wahimbajwe ku civugo kigira giti : Harageze ko umwana wese wo muri Afrika aronka indero y’akanovera ».
Ibirori vy’uwo munsi bikaba vyabereye kw’ishure shingiro ryo mu Ruziba, riri muri Komine Muha, mu gisagara ca Bujumbura.
Yamenyesheje ko ihimbazwa ry’umunsi mukuru wahariwe umwana w’umunyafrika, ryashinzwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Africa (Union Africaine) mu kwibuka abana bagandaguriwe i Soweto mu gihugu ca Africa y’epfo mu mwaka w’1976; atakindi bazize atari uko bariko baharanira uburenganzira bwabo bwo kuja kw’ishure nka bene wabo b’abazungu. Aho hari ku ntwaro karyanisha miryango yarangwa muri ico gihugu. Uguhimbaza uwo munsi rero ni akaryo ko kwibuka no kuzirikana izo nzirakarengane.
Yarongeye aramenyesha ko igihugu cacu c’Uburundi cafashe iya mbere mu guteza imbere no kubahiriza uburenganzira ku bana bose, ibitari bike bikaba vyararanguwe; nk’ishirwaho ry’:
• ingingo ya Reta yo kwigisha ku buntu abana bose bo mu mashure nshingiro;
• Umugambi wo kugwiza amashure mu gihugu cose aho usanga umutumba wose ufise n’imiburiburi ishure;
• Umugambi wo gukura abana mw’ibarabara mu ntumbero yo kubasubiza mu mihana y’abo;
• Umugambi wo kugaburira abana ku mashure amw’amwe, mu ntumbero yo kworohereza abana, na cane cane kugira igitigiri c’abana baheba amashure baja kurondera ivyobabeshaho kigabanuke.
• Ishirwaho rya za Komite zo ku mitumba zijejwe gukingira abana (CPE), n’ibindi.
Ntiyibagiye gutanga impanuro ku bavyeyi n’ibibondo, aho yasavye abavyeyi kugaruka kuri ya ndero yo kuziko bagakurikirana abana babo, nayo abana yabasavye kwirinda ivyo vyose bibasamaza bikabakwegera mu ngeso mbi. Ati : “ mwirinde ibarabara kuko mw’ibarabara nta kazoza kariyo, ikibanza c’umwana si mwibarabara ni mu muryango”.
Yamenyesheje kandi ko hacibonekeza mbere n’abarezi bahemuka kw’ibanga ry’abo ry’uburezi, bakagoba izo baragiye canke mu guhohotera abana mu buryo butandukanye, bigatuma batabandanya kugira uburenganzira bwo kuja kw’ishure bahabwa n’amategeko.
Nyakubahwa Ponsiyano Hatungimana akaba yaboneyeho gusaba abavyeyi, abarezi mbere n’abandi bose kugira uruhara ruboneka mu guteza imbere no kubahiriza agateka k’abana, abavyeyi begere abana babo babasubize kuri ya ndero yo kuziko, kugira abana bose baronke indero y’akanovera, na kare nibo Burundi bwejo.
Ku bavyeyi bafata nabi abana babo ngo nuko bavukanye canke bagendana ubumuga, yabasavye kujijuka yongeraz abibutsa ko abana bose, abafise ubumuga canke abatabufise bafise uburenganzira bungana.
Yarongeye aramenyesha ko Reta y’Uburundi, ibicishije mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere ridakumira, atako itazokora kugira ihimirize ikibano hamwe n’abo bose begwa n’indero y’abana, ngo bashire inguvu hamwe kugira baterere mw’iterambere ry’igihugu mu gutsimbataza indero y’akanovera ishingiye ku burenganzira bungana ku bana bose, ivyo akaba arivyo bizodushikana kuri ya mbona kazoza y’igihugu cacu, aho Uburundi buzoba ari igihugu « cifashe mu 2040, kikaba igihugu giteye imbere mu 2060 ».
Uwaserukiye Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho ineza y’umwana UNICEF, Umupfasoni France Bégin, yarashimiye Reta y’uburundi ku ntambwe ishimishije imaze gushikako kuvyerekeye guteza imbere agateka k’abana, akaba yashikirije ko Ishirahamwe Unicef ritazohengeshanya gushigikira Reta y’Uburundi mu migambi yayo na cane cane iyiteza imbere agateka k’abana.
N’uwaserukiye abana yarashimiye Reta kubona yarashizeho umusi w’abana, agasaba kubandanya bashigikirwa mu bitari bike, haba ùu mashure ndetse no mu migambi yindi y’iterambere.
Ibirori vy’uwo munsi bikaba vyarangijwe n’ugutanga ubushimwe ku bana batoye ibibazo babajijwe.
Amashirahamwe atari make akaba yarafashije kugira uwo munsi mukuru ugende neza, aha twovuga Ishirahamwe Mpuzamakungu Unicef, Ikigo SOS Village d’Enfants mu Burundi gifadikanije na UPHB mu mugambi Nkingira nkure neza, ufashwe mu mumugongo n’Ubumwe bwa Buraya, ISeach for Common Ground n’ayandi.