20 avril 2024

Akaganuke

Mugihe bariko barabazimana, Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 19 Rusama 2022 i Bujumbura, Reta y’Uburundi ibicishije mu Bushikiranganji bujejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yarashikirije akaganuke abashitsi bose bari baje baserukira ibihugu vyabo uko ari 12 bigize ishirahamwe CIRGL  mu nama ya bose y’ihuriro ry’abakenyezi bo muri aka karere k’ibiyaga binini.

Felix NGENDABANYIKA, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bujejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (ifoto na Chanel HARINGANJI)

Felix NGENDABANYIKA, Umunyamabanga Ntayegayezwa muri ubwo Bushikiranganji ari nawe yaserukiye Reta muri ico gikorwa akaba yabasavye gusubira iwabo bahayagiza ivyiza babonye ngaha mu gihugu ciza c’Uburundi, igihugu c’amata n’ubuki.

Abashittsi b’iteka (Ifoto na Chanel HARINGANJI)

Abo baje baserukiye ivyo bihugu bakaba barakengurutse cane ingene bakiriwe hamwe n’ako kaganuke.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →