23 avril 2024

Amazu 30 y’i Nyangungu niyo sasakawe

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 12 ndamukiza 2023 kumutumba Nyangungu, zone Nyangungu, muri komine Mutaho intara ya Gitega, Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwarashikirije imfashanyo y’amabati imiryango 30 y’abatwa bo kuri uyo mutumba. Perose Minani, Umuyobozi ajejwe gusubiza muzabo abazitesheje no guha uburaro bwiza ba ntahonikora  mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, akaba yabasavye kubungabunga izo nzu kandi ngo ntihazogire uwuzohirahira ngo agurishe ayo mabati naburya bayaronka baca bayashira kunzu ubwo nyene.

Akaba yaciye ashira ibati ryambere kunzu yo ngaho muri ico kirwati c’i Nyangungu.

Abenegihugu baronkejwe iyo mfashanyo bakaba barashimye cane, baca baboneraho gusaba gushigikirwa mu kuronswa amasuka kugirango bashobore kubandanya bakora n’iyindi migambi yo kurima nk’abandi barundi.

Musitanteri wa Komine Mutaho akaba yarashimye cane iyo nfashanyo kuko ngo abo benegihugu bari bayikeneye cane.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →