18 avril 2024

Bakenyezi-birimizi, imiryango n’igihugu bihari kubera mwebwe

Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe na Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA, Umunyamabanga ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya18 Gitugutu 2022 i Gitega mu birori vyo guhimbaza Umunsi mukuru Mpuzamakungu wahariwe abakenyezi birimizi.

Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA, Umunyamabanga ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (photo par Elie HARINDAVYI)

Akaba yamenyesheje ko uwo munsi wahimbajwe kw’igenekerezo rya 18 Gitugutu kubera igenekerezo rya 15 ryahuriranye n’iminsi y’akaruhuko isozera iyinga, ku civugo kivuga kiti : « Umukenyezi- Mwirimizi, shimikiro ry’ingaburo ibereye kuri bose. » Mu gifaransa « La femme rurale au centre d’une alimentation équilibrée pour tous »

Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA yarakeje cane abakenyezi-birimizi ku ruhara rw’abo ntangere mu buzima bw’imiryango n’igihugu kuko ngo bihari kubera bo.

Yavuze ati: «Bakenyezi birimizi, ni mwebwe murima   ibitunga abenegihugu bose ndetse n’abo igihugu cacu cahaye indaro,  Ni mwebwe murima mukongera mugakwirikirana ibiterwa njabukamazi na mbumbarugo, mukabisoroma mukongera mukabitegura gushika aho bishobora kugirira akamaro ababikoresha, ni mwebwe kandi mwitaho ibitungwa bitobito na binini binini».

Abari bitabiriye ivyo birori (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yarongeye ati «Ivyo vyose mubikora mudasize inyuma igikorwa co kubungabunga umuryango mu kuwuronderera imfungurwa, kwitaho isuku ry’urugo n’ibibondo, n’ibindi. Ni namwe muremesha amahoro n’umubano mwiza mu kibano, mukitaho abarwaye n’abageze mu za bukuru. Muri rero inkingi y’umuryango n’igihugu. Muri karahara mu ruganda ntibacura».

Yaribukije abari aho ko Umunsi Mukuru Mpuzamakungu wahariwe umukenyezi-Mwirimizi washinzwe mu mwaka w’2007 n’ibihugu vyose bihurikiye mw’ishirahamwe Mpuzamakungu ONU kugira ngo vyerekane uruhara ntangere rw’umukenyezi-mwirimizi mu kuzamura ubutunzi bw’ibihugu vyabibarutse, mu kugwiza imfungurwa no mu kurwanya ubukene mu miryango.

Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA, Umunyamabanga ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko araraba ivyimbuwe n’abakenyezi birimizi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yaciye amenyesha intumbero y’uwo munsi Mukuru Mpuzamakungu wahariwe umukenyezi-Mwirimizi zikurikira :

  • Gushigikira abakenyezi-birimizi mu migambi y’abo yo kwiteza imbere no guteza imbere igihugu;
  • Guhimiriza ama Leta n’abenegihugu ngo bamenye ko ibikorwa vy’umukenyezi-mwirimizi bifise uruhara ntangere mu buzima bw’igihugu naho hari ababifata minenerwe;
  • Guhimiriza umukenyezi-mwirimizi ku bijanye no kwitunganya neza gusumba kugira ngo ashobore kwiteza imbere;
  • Kumenyesha abo bose bafata ingingo ivyipfuzo vy’abakenyezi-birimizi bo kw’isi yose, na canecane ku batwara ikigega mpuzamakungu hamwe n’ibanki nkuru y’isi yose;
  • Kwifadikanya n’abandi bakenyezi ngo bunge urunani rw’intamenwa mu ntumbero yo guhimiriza ama Leta ngo akore ibikorwa bigaragara bifasha mw’iterambere ry’umukenyezi-mwirimizi.

Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA yarongeye aramenyesha ko Ingaburo ibereye kuri bose bisigura k’umuntu wese hatisunzwe imyaka yiwe, aho abaye  canke amikoro yiwe aronka imfungurwa ziri muri ya mirwi mikurumikuru ari yo Ndemamubiri, Ntanganguvu, na Nsanganyangaburo ; kandi ku rugero rushimishije. Ngo iyo umuntu yaronse ingaburo ibereye bituma agira amagara meza ; gurtyo akabona kurangura neza imigambi yo kwiteza imbere no guteza imbere igihugu camwibarutse.

Ngo nta mfungurwa rero zagenewe abana gusa, nta mfungurwa zagenewe abakenyezi canke abagabo gusa ; twese turazikenera aho bitandukaniye ni ku rugero  twozifatirako kango ngo aho n’aho abahinga mu bijanye n’imfunguro barahari kandi  bodufasha kubimenya gusumba.

Yahamagariye abakenyezi kwitaho kumenya ibikenewe kuko ngo  mu gihe rero Umukenyezi-Mwirimizi adafise ubumenyi bukwiye mubijanye n’imirwi mikuru mikuru y’imfungurwa umubiri wacu ukenera kugirango tugire amagara meza yohava yibagira kurima imirwi imwimwe y’ibiterwa abenegihugu bagafungura ingaburo itikwije ivyotuma amagara y’abo ataba meza kuko umubiri w’abo woba hari ivyankenerwa utaronse.

Yavuze ko Umukenyezi-mwirimizi ategerezwa kuba n’umworozi kugira ngo ibitungwa yoroye hambavu yokumufasha kurwiza umwimbu bitume aronka imfungurwa ziva mu bikoko nk’amagi, amata, inyama n’amavuta.

 

Niko guca asigra ko ico civugo gihamagarira umukenyezi-mwirimizi  wese gukura amaboko mu mpuzu kugira ngo :

  • Arwize umwimbu gurtyo abone kuronka imfungurwa zikwiye agaburira abagize umuryango hamwe n’izo acikishirizako amasoko.
  • Arime imbuto zitandukanye kugirango ashobore kwimbura ibiri muri ya mirwi mikuru mikuru y’imfungurwa ari yo Ndemamubiri, Ntanganguvu na Nsanganyangaburo ;

 

Kino civugo gihamagarira kandi abakenyezi-Birimizi gutegurira abagize umuryango bose imfungurwa zikwije. Kugira ngo abishikeko bimusaba kumenya ibitohara mu kw’isahani kugirango  yame avyitwararika mu gihe cose ariko arategura imfungurwa, ivyo adafise akabisuma.

Yahanuye abakenyezi-birimizi gufungurira abagize umuryango ivyo barima batitwaje ko bagodotse barushe ngo bategure gusa ibinyaruka, canke bitwaje ubukene bagaca bashora ibigurwa amahera menshi kw’isoko.

Aca abibutsa umugani uvuga uti « Ubwiza buca mu kanwa » kandi ngo « Amagara aramirwa ntamerwa ».

Abitavye Ibirori (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yaciye adondagura ibitari bike bimaze kurangurwa na Reta y’Uburundi mu ntumbero yo guteza imbere abakenyezi-birimizi bo mu Burundi:

  • Ishingwa ry’umugambi w’igihugu werekeye gutezimbere umukenyezi mu butunzi;
  • umugambi w’igihugu wo gufasha abenegihugu kuronka umwavu w’ikizungu mu ntumbero yo kurwiza umwimbu;
  • Gutunganya imyonga mu buhinga bugezweho kugirango irimwemwo ibiterwa vy’imbuka cane nk’umuceri n’ibigori;
  • Kwubaka amabarabara afasha mw’ihanahanwa ry’urudandaza hagati y’intara n’amakomine;
  • Kwubaka ibigega vyo gushingura umwimbu kugira ngo uzogurishwe mu gihe ufise agaciro kw’isoko;
  • Kwubaka amasoko ya kijambere atuma ibidandazwa bigirirwa isuku ababisumye bakagira amagara meza;
  • Gukwiragiza umugambi wo kuziganya no kuguranana “Nawe Nuze “ mu ntara zose z’igihugu;
  • Umugambi w’igihugu wo kuvura ku buntu abana bari munsi y’imyaka itanu hamwe n’abakenyezi bibaruka ku buntu;
  • Ishingwa ry’Ibanki yo guteza imbere uburimyi n’Ibanki y’Abakenyezi;

 

Ivyaranguwe n’abakenyezi birimizi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

N’aho ibitari bike bimaze kurangurwa mu ntumbero yo guteza imbere umukenyezi-mwirimizi, Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA yavuze ko abandanya ahura n’intambamyi nyinshi zimubuza kuronka umwimbu ukwiye umufasha gufungurira neza umuryango wiwe no gucikishako umusesekara ashora.

Zimwe zimwe murizo ntamabamyi akaba yavuze izi zikurikira :

  • Amatongo yaze atuma imiryango myinshi itagishoboye gutungwa n’uburimyi. Kubera isi ndimwa yaze usanga imiryango myinshi irima ibiterwa mbumbarugo bibiri canke bitatu, ibituma bama ku ndya imwe ingaburo ibereye ikaba umugani muriyo ;
  • Itituka ry’isi ndimwa rituma umwimbu ugenda uragabanuka ku mwaka ku mwaka bigatuma imiryango imwimwe ifungura ibidakwiye (rimwe ku munsi) ;
  • Ubuhinga bwo guhingura ivyimburwa budashemeye bigatuma umwimbu kenshi na kenshi ugurishwa ku giciro c’intica ntikize ;
  • Amayira n’amabarabara ashika mu mirima atameze neza canke adakwiye;
  • Ihindahurika ry’ibihe rituma imirima, inyubakwa rusangi n’uburaro vyonenekara bagasigara mu kangaratete n’ibindi.

 

Yaboneyeho guhamagarira abo bose bakorera mu gisata c’imibano gukarihiriza ubumenyei abakenyezi-birimizi ku bijanye no gufungura neza kugira ngo indwara zijanye no gufungura nabi ziranduranwe n’imizi hano mu gihugu cacu.

Abasanzwe bashigikira igihugu c’uburundi nabo mu migambi y’iterambere, yabasavye kuronsa abakenyezi-birimizi ibikoresho n’ubuhinga bituma umuruho bagira mu bikorwa vya minsi yose ugabanuka gurtyo baronke umwanya ukwiye wo kurwiza umwimbu no gutegura imfungurwa zibereye.

Ivyo birori bikaba vyaranzwe n’ihayanisha gurisha vy’ivyiburwa n’ibikoresho vyavuye mu maboko y’abakenyezi.

Sabine NICIZANYE arongoye abakenyezi birimizi ku rwego rw’igihugu (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Sabine NICIZANYE arongoye abakenyezi birimizi ku rwego rw’igihugu arashima cane ibimaze kurangurwa na Reta y’Uburundi ku neza y’ubakenyezi birimizi nko Kwibaruka kubuntu, kwiga kubuntu mu mashure y’intango, kuko ngo iyo ubukene buteye umwana w’umwigeme niwe ngo atajanwa mwishure, gushiraho amashure yo kwiga gusoma no kwandika, guhimirizwa kuja mu mashirahamwe aho mbere Reta yashizemwo imitahe y’Imiriyoni cumi kuri buri mutumba , guhimirizwa gukora uturima tw’igikoni, ikirushirije ngo ikaba ari ishirwaho ry’ibanki y’abakenyezi.

Yaciye aboneraho gusaba Reta ko utwo twigoro twobandanya na cane cane ko ngo hakiri abakenyezi bahohoterwa, abigeme bagishurashuzwa kunguvu bagatako bagasama inda batipfuza, abakenyezi batagira ijambo kumatungo y’urugo, abakenyezi bagisabiririza kuko batarajijuka ngo baje mumashirahamwe, hakaba handi n’abakenyezi batazi amategeko abagenga.

Dr Xavier CRESPIN, Uwaserukiye amashirahamwe mpuzamakungu akorera ngaha mu Burundi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Dr Xavier CRESPIN, Uwaserukiye amashirahamwe mpuzamakungu akorera ngaha mu burundi akaba yarashimye cane intambwe reta y’uburundi igezko mu kwitwararika abakenyezi birimizi, aca avuga ko ataco batazokora kugirango bagume bashigikira Reta y’Uburundi, maze umukenyezi mwirimizi abandanye yoroherwa mu mirimo yiwe ya minsi yose teza imbere ingo n’igihugu.

Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA, Umunyamabanga ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko araraba ivyimbuwe n’abakenyezi birimizi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Abari ngaho bakaba baciye baboneraho kugenzura no kugura ivyimburwa hamwe n’ibikoresho vyavuye mu maboko y’abakenyezi birimizi bazanye ivyo bahingura mwihayanisha gurisha ryamze iminsi ibiri.

Abakenyezi Birimizi barongoye amashirahamwe yaronkejwe Udushimwe (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya ko amashirahamwe agera kuri 5 y’abakenyezi birimizi ariyo yaronkejwe akabaha ko kubatera intege ngo babandanye boroherwa mu mirimo yabo yo kurwiza umbwimbu.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →