Kuri uyu wambere igenekerezo rya 15 munyonyo 2021, ku murwa mukuru wa zone Ruce komine Rugazi intara ya Bubanza, Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA ,Umwunganizi w’Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yarashikirije Imfashanyo y’Amabati 900 ku miryango 50 yo mu bwoka bw’abatwa bava ku misozi ya Ruce, Kabanga, Rutake na Rwamvugwe yo muri iyo zone.
Umuryango wose ukaba wahabwa amabati 18.
Mw’ijambo ryiwe, Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA yasavye abajejwe intwaro gukurikiranira hafi ico gikorwa, kandi n’abaronkejwe iyo nfashanyo ngo bakomeze umutiwa wo gushigikirana, kugirango uwuzogira ibati acikisijeko, riheze rifashe umundi mubanyi azoba atashikiriwe.
Musitanteri wa Komine RUGAZI, NYANDWI Isaac, akaba yarakengurutse cane iyo nfashanyo, aca aboneraho gusabira n’abandi bantahonikora bo mu yandi mazone agize komine Rugazi.
Mwomenya ko ico Gikorwa cabandanije no muri komine Bubanza aho amabati 342 yahawe imiryango 19.