20 avril 2024

Bamwe muri ba ntahonikora b’i Bubanza ivano bagiye kubaza

Gutanga amabati (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Kuri uyu wambere igenekerezo rya 15 munyonyo 2021, ku murwa mukuru wa zone Ruce komine Rugazi intara ya Bubanza, Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA ,Umwunganizi w’Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yarashikirije Imfashanyo y’Amabati 900 ku miryango 50 yo mu bwoka bw’abatwa bava ku misozi ya Ruce, Kabanga, Rutake na Rwamvugwe yo muri iyo zone.

Umuryango wose ukaba wahabwa amabati 18.

Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA ,Umwunganizi w’Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zinama Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mw’ijambo ryiwe, Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA yasavye abajejwe intwaro gukurikiranira hafi ico gikorwa, kandi n’abaronkejwe iyo nfashanyo ngo bakomeze umutiwa wo gushigikirana, kugirango uwuzogira ibati acikisijeko, riheze rifashe umundi mubanyi azoba atashikiriwe.

Musitanteri wa Komine RUGAZI, NYANDWI Isaac, akaba yarakengurutse cane iyo nfashanyo, aca aboneraho gusabira n’abandi bantahonikora bo mu yandi mazone agize komine Rugazi.

Mwomenya ko ico Gikorwa cabandanije no muri komine Bubanza aho amabati 342 yahawe imiryango 19.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →