29 janvier 2023

Genda ruguru, ni mwagira ikibazo mwiture abajejwe intwaro, tuzobafashirizayo

Izo  ni zimwe mu mpanuro zatanzwe na Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira  kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 7 nzero 2023 i Bujumbura, mu gihe ubwo Bushikiranganji bwari buramutse bufasha mu kudugana abenegihugu bagera 79 bava mu miryango y’abatwa bahora basegerereza mu gisagara ca Bujumbura.

Abo bene gihugu bava mu miryango 39, bari abo muntara ya Gitega, karusi na Kayanza, intara ya Gitega  ikaba ariyo yarimwo benshi kuko abagera 61 bose bava muri Komine Bugendana, abandi 10 bakaba bava muri komine Shombo y’intara ya Karusi, kamwe na 8 bo muri Rango mu ntara ya Kayanza.

Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA, yamenyesheje abari aho ko Ubushikiranganji bujejwe Gushigikirana busanzwe bufasha abenegihugu bose bafise ibibazo bitandukanye, ariko ko bukorana n’abajejwe intwaro kugirango bufashe abakenye ubufasha vy’ukuri.

Niko guca yibutsa abo benegihugu bari bamanutse baje gusegerera mu gisagara ca Bujumbura ko bosubira iyo baje bava, maze ngo nibagira ikibazo baheze biture abajejwe intwaro hamwe n’abakozi b’ubwo bushikiranganji bari muntara no mumakomine yose agize igihugu,  kugira baheze babasabire ivyo bakeneye.

Yaciye abamenyesha kandi ko Ubushikiranganji bwabafashije imodoka zo kubasubiza iwabo, ariko ko atanakimwe babatekerera, kuko ngo bari baramenyereye ko baza igihe cose bagasaba kuduganwa iyo baje bava, ngo ntatike bafise, bakagenda batekerewe amafaranga n’ibifungurwa, icatuma bama bagaruka kuko baba bizigiye ko bazokwama batekererwa.

Musitanteri wa komine Bugendana BUKURU Beatrice yakiriye umurwi umwe w’abo bene gihugu bava muri iyo komine yarahimbawe cane n’uko bagarutse kuko ngo yari yamye no kubagendera kumutumba babako, ariko atangazwa n’uko yakiriwe n’abanegihugu bari kurushi.

Yabasavye kuguguma bakorera kuri uyo mutumba, maze aca abemerera kuzokwama abaja imbere mu gihe hari uwugize ikibazo kibatuma bakenera ubufasha mu Bushikirangnaji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira batiriwe baratama.

Bamwe muri abo basubijwe iyo bajej bava baka baratumenyesheje ko ubuzima bwo gusegerereza mu gisagara bwari bwabarambiye ariko ko bari bamanutse kuberako na ruguru bari bagize ikibazo co kuronka ibumba ngo babandanye umwuga bahora bakora wo kubumba, umwuga utagishoboye kubafasha kwibeshaho n’imiryango yabo nkuko vyahora aho hambere.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →