20 avril 2024

IJAMBO RISHIKIRIJWE N’UMUSHIKIRANGANJI W’AGATEKA KA ZINA MUNTU, IMIBANO N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA RYEREKEYE UMUSI MUKURU MPUZAMAKUNGU WAHARIWE ABASANGABUTAKA, UMWAKA WA 2019

Par Elie HARINDAVYI

 

Felix NGENDABANYIKWA, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bw’Agateka ka Zina Muntu, Imibano n’Iterambere Ridakumira Igihe yariko arasoma Itangazo

Mu mwaka w’1994, Inama Mpuzamakungu (mu ngingo yayo ya 49/214) yaremeje igenekerezo rya 09 Myandagaro nk’umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe abasangwabutaka, uwo musi mukuru ukaba uhimbazwa buri mwaka.

Intumbero y’uwo musi mukuru ni iyo gukomeza gufashanya ku rwego mpuzamakungu kugira ngo hatorwe umuti w’ibibazo abasangwabutaka bafise, na canecane nko mu bisata vy’agateka ka zina muntu, ubutungane, ibidukikije, iterambere, indero, n’amagara y’abantu.

Muri uyu mwaka w’2019, icivugo mpuzamakungu c’uyu musi ni « Umwaka wahariwe indimi z’Abasangwabutaka ». Aha iwacu mu Burundi, muri uno mwaka, uyu musi tuwuhimbaje kuri iki civugo: «  Dushigikire Abasangwabutaka mw’iterambere ».

Leta y’Uburundi yarafashe ingingo yo guteza imbere imirwi yose y’abarundi, idasize inyuma Abatwa. Ni muri iyo ntumbero Leta yafashe ingingo zo guhangana n’ibibazo Abatwa bafise mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu, nazo zikaba ari nk’izi :

  • Abatwa baraserukiwe mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka, mu Nama ya Afirika y’ubuseruko; mu bugenduzi bukuru bwa Leta, mu murwi w’igihugu ujejwe ivy’amatongo n’ayandi matungo, mu murwi ujejwe ivyo kuvugana ukuri n’ukurekuriranira, no mu bindi

 

  • Leta y’Uburundi yararanguye imigambi y’iterambere itari mike itibagiye abatwa mu burimyi, ubworozi, kwivuza n’ibindi kugirango Abatwa ntibasigare inyuma mw’iterambere ry’igihugu. gutanga ibitungwa bitobito mu benegihugu, kwubakira Abatwa amazu meza; guha Abatwa amakarata abafasha kwivuza (CAM) ; kubafasha kwijukira kurima igitegwa c’ikawa ; kubashira mu mugambi MERANKABANDI, n’ibindi. Ariko  ingorane z’Abatwa zose ntizatorewe umuti mugabo Leta   y’Uburundi irabandanya gukora ukwo ishoboye kugirango Abatwa nabo baronke uburenganzira bwabo co kimwe n’abandi benegihugu.

Mubijanye n’iterambere rirama, tuzokwitwararika igisata c’indero mu mashure ku Batwa, na cane cane kuko ari rwo rufunguruzo rw’iterambere mu bindi bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu. Tubasaba ariko nabo gufatana mu nda, baronderere iterambere hamwe.nibakomeze umugambi w’amashirahamwe baje hamwe n’abandi barundi kugira dushikire iterambere rirama ata n’umwe asigaye inyuma.

Turangije, twifuriza umunsi mukuru mwiza abarundi bose cane cane Abatwa, uzobera mu ntara ya Gitega ku gacimbiri Zege komine Gitega italiki 09/08/2019.

 

NI HARAMBE AGATEKA KA ZINA MUNTU  MU BURUNDI

TUGIRE UMUNSI MUKURU MWIZA W’ABASANGWABUTAKA

MU BURUNDI NO KW’ISI YOSE

 

IMANA IBAHEZAGIRE

MURAKOZE

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →