22 juin 2025

   IKIGANIRO C’AGATEKA KA ZINA MUNTU CO KUWA 15/5/2025: INGENE UBURENGANZIRA BWO KURONSWA INYIGISHO BUTEGEKANIJWE

Abantu bose barangana imbere y’amategeko kandi bategerezwa kubahirizwa co kimwe. Umuntu wese arafise uburenganzira bwo kuronswa inyigisho mu mashure, yaba ay’intango, ayisumbuye aya kaminuza ndetse no mu mashure yigisha imyuga. Kukaba nkako, ubumenyi bwo mw’ishure ni bwo soko ry’iterambere rirama. Nico gituma uburenganzira bwo kuronswa inyigisho butegerezwa kwubahirizwa kuri zina kiremwa muntu wese.Tugira rero tubayagire  ingene uburenganzira bwo kuronswa inyigisho butegekanijwe haba mu mategeko mpuzamakungu canke mu mategeko y’ibihugu bitandukanye bivanye n’ingene kimwe kimwe cose citunganije, aho tuja gushimikira ku mategeko n’amabwirizwa y’Uburundi.

  1. Ingene amategeko mpuzamakungu ategekanya uburenganzira bwo

                                        Kuronswa inyigisho

Uburenganzira bwo kuronka inyigisho burategekanijwe, tubusanga mu masezerano mpuzamakungu atandukanye. Aha twovuga nk’itangazo mpuzamakungu ry’agateka ka zina muntu, amasezerano mpuzamakungu yubahiriza agateka k’abana, amasezerano ya Afrika y’agateka no kubaho neza kw’abana, ingingo z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zo gukingira abana bapfunzwe, hamwe rero n’amasezerano mpuzamakungu mu vy’uburenganzira bw’abantu mu vyerekeye amatungo, imibano n’imico kama.

Itangazo mpuzamakungu ry’agateka ka zina muntu, rirategekanya mu  ngingo ya 26 ko, umuntu wese akwiye kuronka inyigisho ataco atanze, cane cane inyigisho z’intango. Inyigisho zerekeye ubuhinga n’imyuga zitegerezwa gukwizwa hose, inyigisho zo mu mashure yisumbuye zitegerezwa guhabwa ababishoboye bose, ata nkunzi. Ihangiro y’inyigisho ni uko zinakiremwa muntu ashikira iterambere nyakuri, akubahirizwa mu gateka kiwe. Zitegerezwa kandi gufasha gusasagaza umwumvikano mu makungu,mu madini, hamwe no kubungabunga amahoro kw’isi. Abavyeyi ni bo bategerezwa kwitorera indero abana bakwiye kuronka.

N’amasezerano mpuzamakungu yubahiriza agateka k’abana, yarategekanije mu ngingo ya 28 ko, ibihugu vyemeje ayo masezerano, vyemeye ko umwana wese ategerezwa kuja mw’ishure kugira aronswe inyigisho, gurtyo ishirwa mu ngiro ry’agateka k’abana rigume ritera imbere ata n’umwe akumiriwe. Iyo ngingo ibandanya ivuga ko, kugira ubwo burenganzira bwubahirizwe kuri bose,  ibihugu birashinga ko inyigisho zo mu mashure y’intango ziba itegeko kuri bose kandi ku buntu, kandi bigatera intege inyigisho z’amashure yisumbuye, yaba ayasanzwe canke ay’imyuga, bikongera bikorohereza uwo wese ashaka kuyajamwo, bigafata n’ingingo zorohereza abana mu kutarihisha inyigisho,no gutanga imfashanyo y’amafaranga mu gihe bikenewe. Birategura inyigisho za kaminuza kuri bose mu gihe babishoboye.

Nk’uko tubisanga mu ngingo ya 29 y’aya masezerano, inyigisho umwana aronswa zitegerezwa kwisunga intumbero zikurikira :

  • kworohereza iterambere ry’umwana mu ngabirano n’ubushobozi vyiwe.
  • Kwigisha umwana gusonera agateka n’ubwigenge vya zina muntu.
  • Kwigisha umwana gusonera abavyeyi, akaranga kiwe, ururimi rwiwe, imigenzo n’imico kama, kubaha imigenzo y’igihugu kimuhaye indaro, igihugu c’amavukiro hamwe n’imico itandukanye n’iyiwe.
  • Gutegura umwana kugira akurane umutima wo kuringaniza ivyerekeye ubuzima bwiwe mu mwidegemvyo n’umwumvikano n’abandi, mu mahoro, mu kwihanganiranira ata gukumirana, mu gukomeza ubugenzi hagati y’abantu badasangiye ubwoko, igihugu n’amadini.
  • Kwigisha umwana gusonera ibidukikije.

Kugira ngo ibiharuro vy’abana biga vyisununure, amasezerano ya Afrika y’agateka no kubaho neza kw’abana avuga mu ngingo  ya 11  ko, inyigisho mu mashure y’intango zotangwa ku buntu,iza kaminuza nazo zigahabwa abana bose babishoboye kandi babifitiye ubumenyi bukwiye. Iyo ngingo  ibandanya  ivuga ko ibihugu vyemeje aya masezerano, biha ububasha abavyeyi b’abana canke abari mu kibanza c’abavyeyi, bwo kwitorera bo nyene amashure bashiramwo abana babo bivanye n’uburyo bafise. Ariko rero,ayo mashure ategerezwa kuba afise mu nteguro z’inyigisho atanga, inyigisho zituma umwana atera imbere mu bwenge, mu nyifato, mu migenzo, mu gukunda abandi hamwe no mu gukunda igihugu camwibarutse.

Agace ka 5 k’iyi ngingo ya 11 koko kavuga ko, ibihugu bishize umukono kuri ayo masezerano, biheza bikagenzura, bikaraba ko haba mu mashure canke mu mihana, abana bafatwa runtu kandi agateka kabo kubahirijwe bikwiye nkuko aya masezerano abitegeka.

Mu ntumbero yo kwirinda ikumirwa rifatiye ku gitsina mw’iyubahirizwa ry’uburenganzira bwo kuronswa inyigisho, aya masezerano araha uburenganzira abigeme bagize isanganya ryo gutwara imbanyi bataraheza amashure, bwo  kubandanya amashure inyuma yo kwibaruka. Aya masezerano aratomora neza ko bagaruka ku gushaka kwabo mu gihe bumva bagifise ububasha bwo kubandanya kwiga, nta gahato kajamwo.Tubisanga mu gace ka 6 k’iyi ngingo  ya 11.

N’abana batakiri mu mwidegemvyo kubera bakurikiranwa bari mu matati n’amategeko, barafise uburenganzira bwo kuronswa inyigisho. Bitegekanijwe n’ingingo z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zo gukingira abana bapfunzwe (règles des nations unies pour la protection des mineurs privés de liberté) zitegekanya  ko umwana ari mu matati n’amategeko nawe nyene, ategerezwa kuronswa nk’abandi bana, inyigisho zo mw’ishure. Izo nyigisho zigatangirwa mu mashure yabigenewe kandi ari hanze y’ibohero, ndetse zigatangwa n’abantu babinonosoye iyo bishoboka. Izo nyigisho umwana  ashobora no kuzibandanya amaze gusohoka ibohero. Amashure yakira abo bana, ategerezwa kuba afise ivyangombwa bikwiye: ibikoresho, abigisha babinonosoye, amasomero  kandi afise n’ibitabo bikwiye.

Ku bijanye n’impapuro z’umutsindo zihabwa abana bari mw’ibohero, izo ngingo zitegekanya ko bibujijwe kwandikako ko uwururonse yapfunzwe kuko ntaco rwoheza ngo rumumarire, kuko mu nyigisho zose zitangwa, zitegerezwa kwisunga ubuzima bw’igihugu, zigatuma uwuzironkejwe agira ico yimariye n’ico amariye umuryango hamwe n’igihugu camwibarutse yishimikije urwo rupapuro.

Amasezerano mpuzamakungu mu vy’uburenganzira bw’abantu mu vyerekeye amatungo, imibano n’imico kama nayo, yategekanije mu ngingo ya 13 ko, ibihugu vyegwa n’ayo masezerano vyemeza ko umuntu wese afise uburenganzira bwo  kwiga amashure. Biremeza ko inyigisho zitegerezwa kugira intumbero yo guteza imbere umwana mu buntu bwiwe hamwe no gukomeza kwubaha, gurtyo agakomeza kwubaha no kwubahiriza agateka ka zinamuntu. Biriyemeza kandi ko inyigisho mu mashure itegerezwa gufasha umwana kugira ico amaze mu buzima bwiwe, igafasha mu kunywanisha abantu, mu guharanira no mu kwunga ubucuti mu gihugu no mu mirwi y’abantu badahuje amoko canke ukwemera. Iyi ngingo ibandanya ivuga ko ibihugu bishize umukono kuri aya masezerano vyemeza  kandi ko kugira ubwo burenganzira bwubahirizwe :

  • Inyigisho mu mashure shingiro zitegerezwa kuba nk’itegeko kuri bose kandi zigatangwa ku bantu bose ;
  • Inyigisho mu mashure yisumbuye, hatibagiwe inyigisho z’imyuga, zitegerezwa kugwizwa kandi abantu benshi bagashobora kuzishigikira ndetse izo nyigisho zigatangwa ku buntu bivanye n’uburyo bw’igihugu ;
  • Inyigisho za kaminuza zitegerezwa kuronswa bose ata kumirwa, hakurikijwe ububasha bw’umutwe w’umwe umwe, bishobotse izo nyigisho zotangwa ku buntu ;
  • Inyigisho ku bantu batashoboye kuja mu mashure shingiro canke batashoboye kuyamara, zikwiye gutezwa imbere.

Ibihugu vyegwa n’aya masezerano biriyemeza kandi kwubaha uburenganzira bw’abavyeyi canke abababereye mu kibanza, bwo  kwitorera amashure abana babo bigamwo naho yoba atari aya Reta, mugabo ajanye n’imigambi ya  Reta mu vy’inyigisho.

  • Ingene amategeko y’Uburundi ategekanya uburenganzira bwo

                                            kuronswa inyigisho.

Uburenganzira bwo kuronswa inyigisho, ntibutegekanijwe mu mategeko mpuzamakungu gusa, no mu mategeko n’amabwirizwa y’Uburundi burategekanijwe. Muri ayo mategeko n’amabwirizwa, twovuga nk’Ibwirizwa Nshingiro, hamwe igitabo c’amategeko agenga ingo n’abantu mu Burundi,

Ibwirizwa Nshingiro ritegekanya mu ngingo ya 53 ko, umwenegihugu wese afise uburenganzira bungana n’ubw’abandi, bwo guhabwa inyigisho, indero no kubaho hisunzwe imico kama, n’akaranga k’igihugu ciwe. Inzego zijejwe igisata c’indero zitegerezwa gutunganya inyigisho mu mashure y’Igihugu, zikanorohereza abakeneye kuyajamwo. Iyo ngingo ibandanya ivuga ko n’uburenganzira bwo gushinga amashure y’abigenga, bwemewe hisunzwe amabwirizwa.

Nico gituma kuva mu mwaka w’2005, Umukuru w’Igihugu yafashe ingingo yo kwigisha abana bose biga mu mashure ya Reta ku buntu.

Igitabo c’amategeko agenga ingo n’abantu mu Burundi, kirategekanya mu ngingo ya 289 ko n’abavyeyi b’umwana, bafise iteka ryo kurera ririmwo ibanga ryo kumubeshaho n’ukumuha indero n’inyigisho mu mashure bakurikije ingene bamerewe n’uburyo bafise. Iyi ngingo isigura ko bafise uburenganzira n’ubwigenge bwo gushira umwana wabo mu mashure  atunganijwe n’inzego nshingwantwaro z’Igihugu, canke atunganijwe n’abikorera ivyabo.

Mu gusozera, twomenya ko uburenganzira bwo kuronswa inyigisho ari uburenganzira bwa zinakiremwa muntu wese umuto n’uwukuze. Ubwo burenganzira burategekanijwe n’amategeko, haba ayo ku rwego mpuzamakungu hamwe n’ayo ku rwego rw’ibihugu, bivanye n’ingene kimwe kimwe cose citunganije.