24 juillet 2024

Imiryango 954 yimuriwe Ku mutumba Gisagara, komine Mubimbi y’intara ya Bujumbura biturutse k’umwuzure w’amazi wateye muri zone Gatumba, hamwe n’abashikiwe n’ivyago vy’isiduga ry’imisozi barafashijwe n’Ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo gushikikirana

Itoni 5 z’umuceri, itoni 5 z’ibiharage, amamesa, umunyu hamwe n’ibindi bikoresho bitandukanye vyo mu nzu nivyo vyatanzwe, Kuri uyu wa 5 Ruheshi 2024, n’Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, Ku miryango 954 yimuriwe Ku mutumba Gisagara, komine Mubimbi y’intara ya Bujumbura, biturutse k’umwuzure w’amazi wateye muri zone Gatumba, hamwe n’abashikiwe n’ivyago vy’isiduga ry’imisozi.