29 mars 2024

Imiryango y’abatwa ishika 1418 yo mu ntara ya Gitega, Karusi, Ruyigi na Kirundo yafashijwe kuva mu bukene

Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa Kane Igenekerezo rya 17 ruhuhuma 2022 hariya i Gitega aho bari baramutse bugurura icese inyu yo kumenyekanisha ko kugurishirizamwo ivyabumbwe n’abatwe bafashijwe mu mugambi wa Reta MERANKABANDI kuva mubukene.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yasavye iyo miryango kutazosubira kuja mu rutonde ry’abafashwa kuko bavuye mu bukene, bakaba ubu bari kurugero rw’abandi barundi bafise ico bikenuza.

Yaribukije abari aho ko Umugambi MERANKABANDI ari umugambi wa Reta ufasha imiryango irenga ibihumbi mironwitanu na bitandatu yahora  ifise amikoro make  mu kubaronsa imfashanyo y’amafaranga  hamwe n’inyigisho mperekeza zibafasha kuyahindura umutahe wo kwiteza imbere.

Ati Iyo miryango  yatowe  kumugaragaro   mu ntara 4 n’amakomine 16,  muri yo,  imiryango y’abatwa  ntiyibagiwe kuko nayo nyene ari Abarundi nk’abandi mbere ikaba ihura n’ibibazo bikomeye biyibera intambamyi mu nzira yo kwiteza imbere.

Umugambi  Merankabandi ukaba ufasha imiryango y’abatwa ishika 1418 muri izo ntara zine twavuze.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko aragenzura ibikoresho vyabumbwe kijambere (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iteramnbere Ridakumira arongoye bwama na ntaryo bushira imbere igikorwa co gushigikira abo aribo bose bigaragara ko bakeneye gushigikirwa vy’ukuri.

Aha akavuga ko babonye ko iyo miryangao ikeneye gushigikirwa, maze ivyo rero baca barabishimangira muri uyu mugambi Merankabandi, barafasha iyo miryango y’abatwa  mu buryo budasanzwe mukubaronsa :

  • ubwa mbere imfashanyo y’amafranga, inyigisho mperekeza nk’abandi bose bafashwa n’umugambi,
  • ubwa kabiri harabaye integuro ku buryo bw’umwihariko yerekeye imiryango y’abatwa gusa.   Iyo nteguro yerekeye abatwa gusa ikaba ifise intumbero yo kugira ishoboze imiryango y’abatwa kwisununura bimwe biboneka no kutsimbataza akaranga kabo ariko twisunze ibihe tugezemwo.

Banyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, yaribukije abari aho ko abatwa bamye barangura umwuga wo kubumba, maze bakagurisha inkono babumvye kugira bashobore kubeho. Ati rero ubwoko bw’abatwa ntibari kure cane y’imana, kuko yo yaremye umuntu mw’ishusho yayo imubumvye mw’ivu, none abatwanabo bakaka babumba ibikoresho bitandukanye kandi atawurinze kubibigisha.

Abenegihugu bari bitavye ivyo birori (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yavuze ko aho amajambere ageze, inkono, imibehe, ntibigikoreshwa na benshi ngaha mu Burundi iwacu mu bijanye no gukinjika, kuvoma, gutara inzoga mu mpange, kugemura mu mibindi, mbere no kw’isi yose  kuko vyasubiriwe n’amasafuriya, amabido, indobo n’ibindi bifasha muri bene ivyo bikorwa. Murumva rero ko muri kino gihe uyo mwuga  wo kubumba  ata kintu kinini ucinjiriza abawukora nkambere. Ariko yaciye amenyesha ko wew atazigera ahemukira inkono, ahubwo aca ahamagarira abantu gusubira guteka mu nkona nk’ambere.

Ati « Ni muri iyo ntumbero  Umugambi Merankabandi  waciye wiyumvira  gutegura  inyigisho zijanye no kubumba mu buryo bwa kijambere mu mwaka wa 2020, zikaba zaratanzwe ku mashirahamwe y’abatwa yo muntara 4 uwo mugambi usanzwe ukoreramwo. »

Yaboneyeho gushimira bimwe vy’umwihariko  Ekleziya Gatorika, na cane cane Diyoseze Nkuru ya Gitega ibicishije muri ODAG kugira ngo ifashe gushigikira Abatwa maze nabo babandanye bisununura, batere intambwe iboneka mw’iterambere, batsimbataza imigambi iteza imbere igihugu, bagire ubumenyi n’umutahe bakuye muri Merankabandi.

Yaciye asaba abajejwe  ubudandaji, abajejwe ivy’ingenzi, abafise amahoteli, abamenyeshamakuru, n’abandi bose gufasha kumenyekanisha ico kibanza mbere n’ivyo vyabumbwe n’abatwa biboneke aho barangurira imirimo yabo ya misi yose.

Yaciye atera akamo abatwa  intege n’ akamo abatwa bakora ivyo bikorwa vyokubumba mu buryo bwa kijambere ngo babandanye, bakura amaboko mu mpuzu bashiruke umwete  kugira ngo  haboneke vyinshi vyo kurata no kudandaza.

NININAHAZWE Samuel, Umuhanuzi wa Buramatari w’intara ya Gitega (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mw’ijambo ry’ikaze, NININAHAZWE Samuel, Umuhanuzi wa Buramatari w’intara ya Gitega arashima intambwe umugambi Merankabandi washikanye ko abenegihugu bahora mu bukene budasanzwe harimwo n’imiryo y’abatwa.

NYABENDA Michel, umuhuzabikorwa mu mugambi Merankabandi (ifoto na Elie HARINDAVYI)

NYABENDA Michel, umuhuzabikorwa mu mugambi Merankabandi yavuze ko imfashanyo uwo mugambi watanga imfashanyo zibiri gusa kandi zidatandukana, nayo ikaba ari imfashanyo y’amafaranga itanga mu gihe gito kizwi hamwe n’imfashanyo y’inyigisho mperekeza, maze bikaba ivyo vyarafashije kurwanya ubukenye no gushikira iterambere.

Yamenyesheje ko umugambi umaze gutangura, bamaze kubona imitumba bazokorerako, baciye batangura kwegeranya ibiharuro, baragira rusansuma y’imiryango y’abatwa kuko bari bazi ko iri kure gusumba abandi mu bijanya n’iterambera.

Felix NGENDABANYIKWA, Umwunganizi w’Umunyamabanga ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yari yitavye ivyo birori. (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yavuze ko bakoranye cane n’amashirahamwe arwanira iterambere ry’abatwa baraheza baragira rusansuma, barerekana aho iyo miryango iri n’ibibazo bibagoye.

Mu biharuro babonye, yavuze ko basanze hari abatwa barenga 26000, bava mu miryango yababa 7000 ari nabo baciye batoramwo abo bashilkiriza izo mfashanyo kandi ko basanze bafise ibibazo koko bitari bike bifatiye kumikoro make.

Nyenicubaho Simoni NTAMWANA, Umwungere Mukuru wa Dioyeseze Nkuru Ya Gitega (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyenicubaho Umwungere wa Dioyeseze Nkuru Ya Gitega Simoni NTAMWANA, ari nawe yaserukiye ishirahamwe ODAG ryatanze izo nyigisho, yamenyesheje ko atawokwirengagiza iterambere ry’abantu ngo barifate minenerwe.

Yavuze ko abarundi bose bari bakwiye gusaba imbabazi abari mu miryango y’abatwa kuko babirengagije mu kubasiga inyuma, aho abahutu n’abatutsi babataramuye, babasiga inyuma, igihe bariko bariga kwambara ibirango ngo ntibatsitare, canke kwambara amarori ngo babone iyo baja, ariko bo bakabiyibagiza nkuko umenga bo si abana b’Imana.

Yarongeye ati : « Kutubona muri iki gikorwa cunganira amajambere ni ibanga ritwega. »

 

patiri mukuru wa paruwasi Mushasha  Jean Berchmance ari kumwe n’Umwunganizi w’Umusikiranganji ajejwe gushigikirana Tantine Ncutinamagara (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yaciye aboneraho gusaba ishirahamwe ODAG ngo rikerebuke, rikomeze riho ko ryaronse akaryo ko gukorana n’umugambi MERANKABANDI ngo barane ingene abo bavukanyi boshobora kubaduza bikarama n’ingoga.

Ati ariko ntibibe nka ka gacanwa k’ubwatsi gaca kazima kuko kadacanywe kunkwi zikomeye, aca amenyesha ko Ekleziya katorika yipfuza kubandanya ishigikira abao bavukany bo mu miryango y’abatwa.

Mwomenya ko uwo mugambi merankabandi ushigikiwe n’ibanki y’isi yose ugiye kurangurirwa mu ntara zose zigize igihugu c’Uburundi.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →