Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 25 nzero 2022, i Bujumbura, igihe hariko harugururwa icese « Urubuga rw’ubuhinga bw’abarundikazi ».

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, yagize ati « Twagira tubamenyeshe ko runo « rubuga rw’ubuhinga bw’Abarundikazi » ruje ari inyishu ku kibazo gikomeye ku bafata ingingo n’abo bose bakorera mu gisata c’iterambere ridakumira bakunda guhura na co ».
Ati Ico kibazo naco kikaba cerekeye amakenga agirwa n’abantu benshi bataratahura ko kugira ngo igihugu cacu gishikire iterambere rirama intererano y’abenegihugu bose ; abagabo n’abakenyezi, itegerezwa kwibonekeza.

Yarongeye avuga ko hari abahora bibaza bati: « mbega burya hari abakenyezi b’abarundikazi b’abahinga n’uburambe bariho mu gisata runaka?»
Nyakubhwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko iyo bishitse hagakenerwa umukenyezi w’incabwenge kandi w’umuhinga mu gisata iki canke kiriya, vyasaba kubaririkiriza aha na hariya kuko ata rutonde rwariho kuri buri gisata.
Ati ivyo vyatuma inyishu iteba canke ntiboneke, gutyo, ntihatangwa umuhinga ashoboye ikintu gusumba abandi bivanye n’ukubura aho umuntu abironderera hafi kandi hatunganije neza.

Urwo rubuga www.umurundikazi.gov.bi rero ngo ruje ari inyishu kuri ivyo bibazo vyose kuko ruzotuma haboneka urutonde rw’abakenyezi bafatiye ku bisata bakurikiranye mu mashure y’abo, n’impanyabushobozi bafise.
Yarangije amenyesha ko mu gisata cose naho, uburambe mu mwuga bukazoba buzwi, kandi ko abakenyezi mu bumenyi bwabo n’ubuhinga bwabo bazigaragaza, maze hamenyekane ico bashoboye kandi bongere bakoreshwe mubikorwa bitandukanye bafatiye ku buhinga bw’umwe umwe.

Mw’ijambo ryiwe, Nyenicubahiro Umutambukanyi wa Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Angeline NDAYISHIMIYE, yavuze ati : « ubwenge burarahugwa », kandi ngo « tubiri tuvurana ubupfu ».
Yamenyesheje ko bipfuza ko nibamara kwiyandikisha ko hagati y’abakenyezi ubwabo hazoba ugufashanya kwungurana ubumenyi bitarinze gusaba uburyo bwinshi. Ati « Urwo rubuga turuzeyeko ibikomeye cane, kuko ruzodufasha no kumenya abakenyezi b’ubwenge n’ubuhinga aho bari kw’isi yose, gutyo bigatuma haba urunani rwo kwigishanya no kurahuriranira ubumenyi ».
Yamenyesheje kandi ko Hategerezwa kumenyekana ubwenge n’ubuhinga vy’abarundikazi aho bari hose kandi ku migwi yose (abafise impamyabushobozi n’abatazifise ariko bafise ubuhinga birata).
Yarangije asaba ko abazoba bariko baratanga ubuzi canke bakeneye abantu bagena mu mabanga ko bazorukoresha mu gutoramwo abakenyezi n’abigeme b’ijunja n’ijambo bashoboye guterera umuganda bimwe biboneka mw’iterambere ry’igihugu n’iry’imiryango yabo.

Nayo Titus OSUNDINA, yaserukiye uwuhagarariye ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho iterambere kw’isi PNUD ngaha mu burundi, yasavye ko Ibice 30% vy’abakenyezi mu nzego za leta vyoduzwa bikarenga aho.
Yamenyesheje ko abakenyezi ari bo nkingi y’iterambere, bakwiye kwishimira ishirwaho ry’uru rubuga kuko ngo baronse aho bazohanahanira ivyiyumviro bibafasha kwisununura mw’iterambere.
Yaciye aboneraho kubasaba gufatana munda gusumba uko bahora, bashigikirane kandi bakomeze kugiriranira ubucuti budasanzwe bifashishije uru rubuga.

Mw’ijambo rw’ikaze, Jimmy HATUNGIMANA, Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yamenyesheje ko ata terambere riza risiga inyuma umukenyezi.
Yarahaye ikaze Nyenicubahiro Umutambukanye wa Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu, aca anamenyesha ko igisagara ca Bujumbura gitekanye, abipfuriza kumererwa neza umwanya wose baza kukimaramwo.
Yarashimiye cane Nyakubahwa Umuskiranganji ajejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kubona ico gikorwa co kwugurura urwo rubuga cabereye mu gisagara ca Bujumbura.
Ati : « Abakenyezi bize n’abatize bizotworohera kubakurikirana no kubashigikira tubazi neza » kandi ati : « Tuzoronka abakenyezi b’incabwenge duciye kuri uru rubuga maze bitworohere kwiteza imbere ».

Mwomenya ko Ivyo birori vyari vyitabiriwe n’abanyacubahiro batari bake, harimwo icegera c’Umukuru w’Inama Nshingamateka, Icegera cambere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka.

Vyaritabiriwe kandi na bamwe mu Bashikiranganji hamwe na baburamatari bagize intara z’igihugu cacu n’abandi.