19 avril 2024

Iri riba ni iryanyu muzoribungabunge

« Muzoyabungabunge iri riba kuko wu mugambi watwaye imilioni zirenga 40. Iri riba ni irya bose, abapoloti, abakatorika, abaislam. » ivyo ni ivyashikirijwe na Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA, Umunyamabanga Ntayegayezwa Mu Bushikirangnji bwo Gushigikirana, imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira igihe yariko arashikiriza icese iriba ry’amazi akoreshwa n’umushwarara w’Izuba wubatswe n’Umuryango w’abaIslamu b’aba ahmadiyya Mu Burundi kuri uyu wa Gatandatu Igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2023 ku mutumba Bukeye muri komine Nyanza lac Intara ya Makamba.

Yasavye kandi abo barongoye uwo muryango ko bashobora kuraba n’ibindi bofasha abenegihugu mukubaronsa udutahe, dutoduto canke bakabaha ibitungwa kugirango bisuniunure mw’iterambere.

Uwurongoye uwo mugambi akaba na sheikh arongoye umuryango w’abaislamu b’aba ahamadiyya mu Burundi Ghulam Murtaza, yameneyesheje ko bariko barabandanya no kuyindi mitumba kugirango abenegihugu boroherwe mu kuronka amazi.

Yavuze kandi ko bakora igihe cose bisunze amategeko y’igihugu, kandi ko iryo riba mugihe izuba ryatse rica ryuzuza itangi amazi ashikiramwo maze abenegihugu bakaguma bivomera bitabagoye.

Nawe SIYAWEZI Oscar, Umuhanuzi wa Musitanteri wa Komine Nyanza Lac yarashimye cane kuri iyo mfashanyo aca asaba ko bobandanya bubaka amazi nkayo na burya abenegihigu bo ngaho bahora baronka amazi barinze gufata ingendo za kure.

Mwomenya ko bubaye ubwambere ubwo bushikirangnji buri kumwe n’abasanzwe babufasha mw’iterambere baronkeje imfashanyo nk’iyo abenegihugu.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →