19 avril 2024

ITANGAZO RIJANYE N’IHIMBAZWA UMUNSI MUKURU WAHARIWE UMWANA W’UMUNYAFRICA, 16 RUHESHI 2021

  1. Ihimbazwa ry’umusi mukuru wahariwe umwana w’umunyafrika kw’igenekerezo rya 16 Ruheshi ukwo umwaka utashe, ryashinzwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Africa (Union africaine). Ni umusi wo kwibuka abana bagandaguriwe i Soweto mu gihugu ca Africa y’epfo mu mwaka w’1976. Abo bana akaba atakindi bazize atari uko bariko baharanira uburenganzira bwabo bwo kuja kw’ishure nka bene wabo b’abazungu, uburenganzira budafatiye ku macakubiri. Aho hari ku ntwaro karyanisha miryango yarangwa muri ico gihugu.
  2. Icivugo catowe uno mwaka, kivuga kiti : « Inyuma y’imyaka mirongo itatu iheze twiyemereje amasezerano ya Afrika ajejwe agateka no kubaho neza k’umwana, turushirizeho inguvu mu gushira mu ngiro ibiri mu ndinganizo y’ivyokorwa gushika mu mwaka w’ 2040 ». Ico civugo akaba ari naco igihugu cacu  cashimye guhimbarizako uwo munsi.
  3. Kukaba nkako, kuva yemeje amasezerano ya Afrika Agenga Agateka n’ukubaho neza kw’umwana, Leta y’Uburundi iramaze gushika ku ntambwe ishimishije mu bijanye no gukingira abana haba mu mategeko, mu vya politike canke mu nzego,. Aha twovuga nko gushiraho politike y’igihugu ikingira abana, inyamiramabi zijejwe gukingira abana, utwigoro rusangi two gufasha abana ba ntahonikora, gushiraho igisata kijejwe abana n’imiryango mu bushikiranganji, gusubiza mu kibano abana bo mw’ibarabara n’abasegerereza, gushiraho ibigo 3 vy’igororero ry’abana bakurikiranwa n’ubutungane, gushiraho ihuriro ry’abana mu Burundi, tutibagiye kubandanya kwigisha ku buntu abana bari mu mashure shingiro, kuvuza ku buntu abana batarenza imyaka itanu no gushiraho ibanki y’urwaruka.
  4. Ubiravye neza, ivyo bikorwa vyose bijanye n’amahangiro(10) ari mu ndinganizo y’ivyokorerwa abana bose bo muri Afrika gushika mu mwaka w’2040. Leta y’Uburundi ikaba rero yiyemeje kurushirizaho mu gushira mu ngiro iyo ndinganizo tutibagiye n’intererano y’abana nyene biciye muri ryahuriro ry’abo.
  5. Ngaha mu gihugu cacu, uwo musi uzohimbazwa kw’igenekerezo rya 16 Ruheshi 2021. Hakaba hategekanijwe kugendera ikibanza SOBEL kiri muri zone Maramvya, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura, kakazoba ari n’akaryo ko gushigira abana bakozweko n’imyuzurira ihitiye mu Gatumba no mu Kajaga.
  6. Tuboneyeho akaryo ko gutumirira abarundi bose kwibuka uyo musi udasanzwe no kugirira umusi mukuru abana babo eka n’abandi bana batishoboye bo mukibano aho baherereye.
  7. Ku bana bose bo mu Burundi n’abo muri Afrika, turabipfurije umusi mukuru mwiza.

 

IMANA IBAHEZAGIRE,

MURAKOZE CANE!!

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →