12 août 2022

ITANGAZO RISHIKIRIJWE NA NYAKUBAHWA UMUSHIKIRANGANJI W’AGATEKA KA ZINA MUNTU, IMIBANO N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA KU MUNSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE AGATEKA KA ZINA MUNTU

  1. Kw’igenekerezorya 10 kigarama uno umwaka w’2019, Uburundi buzifadikanya, n’amakungu mukwibuka imyaka 71 ihaciye hemejwe umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka ka zina muntu. Ni akaryo rero ko gusubira kuzirikana neza ivyo ibihugu biba vyariyemeje, mugutsimbataza no mugukingira agateka ka zina muntu.
Nyakubahwa Umushikiranganji w’Agateka Ka Zina Muntu, Imibano n’Iterambere Ridakumira Martin NIVYABANDI (Ifoto na Elie HARINDAVYI)
  1. Uwo munsi wemejwe kw’igenekerezo rya 10 kigarama mu mwaka 1948 n’ingingo y’inamankuru ya ONU ya 217(III) A. Niwo mushinge w’agateka  ka zina muntu, umwidegemvyo, ubutungane n’amahoro kw’isi. Uwo munsi ukaba uhuriranye n’isozerwa ry’imisi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme.

 

  1. Uburundi buhimbaje uwo munsi mugihe igihugu cose kirangwamwo amahoro n’umutekano kandi agateka ka zina muntu kubahirijwe kuroi bose. Icivugo c’uyu mwaka kikaba kivuga giti : « RWARUKA, HAGURUKA MUHARANIRE AGATEKA KA ZINA MUNTU, MUBICISHIJE MU BIKORWA VY’ITERAMBERE».

 

  1. Ico civugo c’uno mwaka citiriwe urwaruka hisunzwe ihimbazwa ry’umunsi amakungu aheruka guhimbaza imyaka mirongo itatu yiyemezwa ry’amategeko agenga agateka k’abana mukaba muzi ko igice kinini c’abari kwisi kigizwe n’urwaruka.

 

  1. Ngaha iwacu, Ibirori nyezina vyo guhimbaza uwo munsi bizobera mu ntara ya Bururi, ku murwa mukuru wa Komine Mugamba, ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 13 kigarama 2019.

 

  1. Duhamagariye abenegihugu bose na cane cane abo muri Komine ya Mugamba gusidukana n’iyonka mu birori vyo guhimbaza uwo munsi mukuru.

 

  1. Ni harambe Uburundi burangwamwo amahoro,umutekano n’agateka kubahirijwe kuri bose.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →