29 mars 2024

ITANGAZO RISHIKIRIJWE NA NYAKWUBAHWA UMUSHIKIRANGANJI AJEJWE AGATEKA KA ZINA MUNTU, IMIBANO N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA MU GUHIMBAZA UMUNSI MUKURU WAHARIWE UMWANA W’UMUNYAFRICA, 16 RUHESHI 2019

  1. Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 16 Ruheshi, Uburundi burifatanya n’amakungu mu guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe umwana w’umunyafrica.
  2. Martin NIVYABANDI, Umushikiranganji w’Agateka ka Zina Muntu, Imibano n’Iterambere Ridakumira igihe yariko arasoma iryo tangazo imbere y’abamenyesha makuru

    Uwo musi washinzwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Africa (Union africaine) mu ntumbero yo kwama bibuka abana bagandaguriwe i Soweto mu gihugu ca Africa y’epfo mu mwaka w’1976, bazira gusaba uburenganzira bwabo bwo kuja kw’ishure nka bene wabo b’abazungu. Aho hari ku ntwaro karyanishamiryango yarangwa muri ico gihugu.

  3. Dufatiye ku civugo catowe na Komite y’Abahinga b’Africa ku masezerano ya Africa yerekeye amateka n’imibereho myiza y’abana, ngaha mu gihugu cacu tuzowuhimbaza tuvuga tuti : « Dushire imbere na ntaryo agateka k’abana mu gufasha abatishoboye na cane cane abashikiwe n’ivyago  bitandukanye».
  4. Uyu munsi rero uhimbajwe hano mu gihugu cacu hariko hakorwa utwigoro tudasanzwe twoguha agateka kabereye abana bose. Aha twotanga akarorero ko gukura abana mu barabara tubasubiza mu miryango. Kuva uwo mugambi utanguye gushirwa mu ngiro, abana barenga 3500 mu gihugu cose baramaze gusubizwa mu miryango.
  5. Ubugira kabiri twovuga rya sekeza rizomara imyaka itanu ryo kugwanya kutitaho abana, Reta yatanguje mu kwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka 2017.
  6. Iruhande y’ivyo vyose, Reta iherutse gushiraho umunsi wahariwe gushigikirana mu kibano, abana bakaza mu kibanza ca mbere;

Reta kandi iherutse gusubiramwo Politike yo gukingira abana hamwe n’Igitabo c’amategeko abakingira bikazemezwa n’urwego rubijejwe.

  1. Reta y’Uburundi ibicishije ku bushikiranganji bw’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira, ikaba isubiye kwiyemeza kuzokwama yitaho ineza y’abana n’amategeko abakingira.
  2. Mur’uyu mwaka w’i 2019, ibirori vyo guhimbaza umunsi mukuru wahariwe umwana w’umunyafrica bizoba ku wa kabiri, igenekerezo rya 18 Ruheshi, 2019 muri zone Buterere aha mu gisagara ca Bujumbura. Turateye intege abavyeyi, abajejwe intawro, eka n’abo bose basanzwe bakorera muri iki gisata c’abana kugira ngo biteho gusumba abana ; aho haboneka ko hakiri abana n’abakuze mbere bagisegerereza mu mabarabara. Tuboneyeho akaryo ko kwibutsa yuko gufashiriza mu barabara umwana canke uwusegerereza uba uriko uratuma aguma mw’ibarabara. Ibi navyo birahanwa n’amategeko. Tuvyirinde rero kuko ayo mategeko agiye koko gushirwa mu ngiro.
  3. Tuboneyeho n’akaryo ko gutumira abenegihigu baba mu gisagara ca Bujumbura muri rusangi, abo muri Komine Ntahangwa na cane cane abana bo mu ma karatiye yo mu micungararo y’aho ku Buterere hamwe n’amashirahamwe yose araba ivy’ agateka k’abana ngo basidukane n’iyonka mu kuza guhimbaza uwo munsi.
  4. Twifurije umunsi mukuru mwiza abana bose bo mu Burundi n’abo muri Africa.

NI HARAMBE UMWANA W’UMURUNDI,

NI HARAMBE UMWANA W’UMUNYAFRICA,

TWESE HAMWE DUKINGIRE ABANA ICO COSE GIHUNGABANYA AGATEKA K’ABO;

IMANA IBAHEZAGIRE, MURAKOZE!!

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →