20 septembre 2021

ITANGAZO RISHIKIRIJWE N’UMUSHIKIRANGANJI W’AGATEKA KA ZINA MUNTU, IMIBANO N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA RYEREKEYE GUTANGUZA ICESE ISEKEZA RY’IMINSI 16 YAHARIWE KURWANYA AMABI AKOREGWA ABAKENYEZI N’ABIGEME- UMWAKA W’2018

Na Elie HARINDAVYI

 

Barundi, Barundikazi

Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo, Uburundi burifatanya n’amakungu mu gutanguza Isekeza ry’iminsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme. Icokiringo c’iminsi cumi n’itandatu gitangura kuwa 25 Munyonyo kikarangira kuwa 10 Kigarama.

Martin NIVYABANDI, Umushikiranganji w’Agateka ka Zina Muntu, Imibano n’Iterambere Ridakumira igihe yariko aravuga itangazo ryo kwugurura imisi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme (Photo par Elie HARINDAVYI)

Iryo sekeza ryashinzwe mu ntumbero yo kwibuka abakenyezi benshi n’abigeme bashikirwa n’amabi afatiye kugitsina bigatuma ataho bishikana canke ngo bashikane imiryango yabo.

Ni akaryo kandi kuri abo bose biyemeje kurwanya amabi afatiye kugitsina ko gusubiza agatima mpembero ngo barabire hamwe ahobateje ikivi ; ivyagenze neza babishishikare, ivyabagoye navyo batore ubuhinga bwo kubirengera na kare ngo « akatavuga ntigahenda akavuga ».

Uno mwaka, rino sekeza rizokwisunga icivugo kivuga kiti:” «  Kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme ni urugamba rwa twese ».

Kino civugo kitwereka ko uruhara rw’umwenegihugu wese rukenewe kugirango turandurane n’imizi ako kabi kabishe mu gihugu cacu c’Uburundi.

Muri ico kiringo, ibikorwa bitari bike birategekanijwe na cane cane kumenyekanisha itegeko ryerekeye gukinga amabi afatiye kugitsina, gukingira abayakorewe no guhasha abayakoze kundongozi zitandukanye.

Ibirori vyo gutanguza icese iryo sekeza bizoba kw’igenekerezo rya 27 Munyonyo 2018, mu ntara ya Kirundo, komine ya Bugabira .

Turangije duhamagarira Abarundi bose kwitaba ibirori vyogutanguza iryo sekeza no gukwirikirana ibikorwa vyategekanijwe muri ryo kugirango dutere intambwe iboneka mu gutsimbataza agateka k’umukenyezi n’umwigeme, nabo babone guteza imbere imiryango yabo n’igihugu cabibarutse.

Ni hahangame Uburundi buzira amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme!

Murakoze! Imana ibahezagire !

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →