- Kw’igenekerezo rya 9 Myandagaro uko umwaka utashe, Uburundi burifatanya n’amakungu muguhimbaza umunsi Mukuru mpuzamakungu wahariwe Abasangwabutaka, wemejwe n’Inama Nkuru ya ONU kw’igenekerezo rya 23 kigarama 1994 mu ngigo yayo A/RES/49/2014.
- Uno mwaka uwo munsi uzohimbazwa ku civugo mpuzamakungu kivuga giti: Ntihagire uwusigara inyuma: Ni akamo gatewe abasangwabutaka mw’itunganywa rishasha ry’iterambere ridakumira. Iki civugo kirashimangira icifuzo co gushira imbere no gukomeza ibijanye n’imibano hamwe n’ubutunzi kuri bose.
- Aha mu Burundi abasangwabutaka ni Abatwa. Nico gituma ku rwego rw’igihugu, icivugo catowe kivuga giti : Dutsimbataze umuco mwiza w’itunganywa ry’imigambi y’iterambere ry’ubutunzi n’imibano ridasiga inyuma abatwa.
- Kukaba nkako , Leta y’Uburundi ntiyirengagiza umuntu n’umwe mwi tegurwa ry’imigambi mikuru mikuru no mu ndinganizo yayo. Ninaco gituma ikibazo ca bantohonikora harimwo n’imiryango y’abatwa camye gishirwa imbere mu kurwanya ubukene .
- Ivyo na vyo tubisanga mu gitabo kirimwo umugambi ndongora migambi y’Uburundi 2018-2027 hamwe no mu mugambi w’igihugu wo gukingira n’ugutegekaniriza kazoza abenegihugu washizweho mu mwaka wa 2011.
- Uyu munsi mukuru uhimbajwe mugihe duherutse guhimbaza umunsi mukuru w’igihugu wahari gufashanya mukibano hamwe n’umunsi mukuru wahariwe amakomine mu Burundi.
- Iyo minsi mikuru ukwo ari ibiri yose n’akaryo keza ku murundi wese ko gusubira ku migenzo myiza yaranga abarundi yo gufashanya no gukorera hamwe kugira tunagure duteze imbere imibereho y’imiryango y’abatwa batwegereye mu kibano.
- Ibirori vyo guhimbaza uwo munsi bizobera mu ntara ya Cibitoke kuri stade Urunani, muri komine Buganda, kw’Igenekerezo rya 20 Myandagaro 2021.
- Duhamagariye Abarundi bose na cane cane abo mu ntara ya Cibitoke no mumicungararo yaho, harimwo n’Abatwa, gusidukana n’iyonka mukuza guhimbaza uwo munsi mukuru.
- Niharambe abasangwabutaka n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi.
Murakoze Imana ibahezagire.