11 novembre 2024

ITANGAZO RY’UBUSHIKIRANGANJI BWO GUSHIGIKIRANA, IMIBANO, AGATEKA KA ZINA MUNTU N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA RIJANYE N’IHIMBAZWA RY’UMUNSI MUKURU MPUZAMAKUNGU WAHARIWE UMWIGEME, umwaka 2024

1. Kw’igenekerezo rya 11 Gitugutu amakungu arahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umwigeme.
2. Umunsi Mpuzamakungu wahariwe umwigeme washizweho n’ingingo ya 66/170 y’inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ukaba wahimbajwe ubwambere mu 2011.
Uwo munsi mukuru usaba gusubiza agatima mpembero ku ntambamyi abigeme bahura na zo mu buzima, mu ntumbero yo kuzitorera umuti hamwe no guteza imbere agateka kabo hadasigaye inyuma ibijanye no kwikenura. .
Kuri uwo munsi amakungu aboneraho kandi akaryo ko kwirimbura no gusuzuma intambwe amaze gutera mu gukingira no guteza imbere agateka k’umwigeme.
3. Amatohoza yerekana ko abigeme ari inkerebutsi kandi biteguriye guhangana n’intambamyi zose zoza zigomba kubabuza gushika ku ndoto z’abo. Icankenerwa ni uko baronka ababatera intenge muri urwo rugendo.
4. Uwo munsi mukuru uzohimbazwa hisunzwe icivugo kivuga kiti : « Imbona kazoza y’umwigeme ishigikiwe ku bwa kazoza keza kuri twese ».
5. Ico civugo gihamagarira umuntu uwo ariwe wese kwumviriza no gushigikira indoto z’abigeme kugira ngo babone kwiteza imbere no guteza imbere igihugu cabibarutse.
6. Uyu munsi mukuru uhimbajwe mu gihe agateka k’umwigeme w’Umurundikazi kwubahirijwe ku rugero rushimishije. Aha twoshimikira canecane kw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi w’igihugu werekeye iterambere ridakumira uhamagarira abavyeyi gufata kumwe abana b’abigeme n’abahungu, kwishirwa mu ngiro ry’umugambi w’igihugu wo guteza imbere umukenyezi mu bijanye n’butunzi, kugira’uburenganzira ku ndero y’akanovera mu mashure ;ishigikigwa ry-imigwi canke amacoperative y’abigeme bikogwa na leta canke abo bafashanya mw’iterambere ;hamwe n’utwigoro tuboneka two kubakingira inda z’indaro ; eka nibindi vyishi tutavuze.
8.Ivyo vyose bishoboka kubera utwigoro twa leta two gukomeza hamwe no gukingira akateka ku mw’igeme na cane cane mugushiraho inzego , n’amategeko hamwe no kwemeza mbere amategeko yo mu karere canke mpuza makungu bijejwe gukomeza no kungira akateka kazina muntu muri rusangi akumwigeme kadasigaye inyuma.
9. Ibirori vyo guhimbaza Uwo munsi mukuru wahariwe umwigeme bizoba kw’igenekerezo rya 30 Gitugutu, mu Gisagara ca Bujumbura, muri komine Ntahangwa, mu kigo c’ishure rikuru ryo mu kinana ( lycée Kinama).
10. Tukaba dutumiriye Abarundi bose n’abasanzwe badushigikira mu migambi y’iterambere ngo bahimbaze uwo musi mukuru wahariwe umwana w’uwigeme mu kanyamuneza no kumutera intege muguharanira kazoza kiwe keza.
11. Twipfurije umusi mukuru mwiza abana b’abigeme bose.
12. Murakoze , Imana ibahezagire.