16 mai 2021
Imelde Sabushimike1

ITANGAZO RY’UMUSHIKIRANGANJI WO GUSHIGIKIRANA, IMIBANO, AGATEKA KA ZINA MUNTU N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA RIJANYE N’ IHIMBAZWA RY’UMUNSI MUKURU MPUZAMAKUNGU WAHARIWE UMWIGEME, umwaka 2020

  1. Kw’igenekerezo rya 11 Gitugutu uko umwaka utashe, Uburundi birifatanya n’amakungu muguhimbaza Umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe umwigeme.
  2. Uwo Musi Mukuru Mpuzamakungu Wahariwe Umwigeme utanga akaryo keza ko kurabira hamwe intambwe imaze gushikwako mu bijanye  n’iterambere ry’umwigeme, kurabira hamwe intambamyi zikihari, hagafatwa n’ingingo yo kwiyemeza kumushigikira gusumba.
  3. Uno mwaka, uwo munsi mukuru ushitse Leta y’Uburundi yishimiye intambwe igezweko muguteza imbere umwana w’umwigeme. Aha twovuga nk’ingingo yashizweho yo gufatanya imyaka 6 y’amashure matomato n’imyaka 3 y’amashure y’isumbuye. Iyo ngingo ituma abana bamaze imyaka 9 biga, bagira ishaka n’umutima vyo kubandanya amashure. Ku rundi ruhande bigatuma n’ubwo vyoshika agaheba, aba amaze kuronka ubumenyi butuma yitunganya neza muri kazoza kiwe gutyo agashikira iterambere.
  4. Nico gituma icivugo c’uno mwaka kivuga kiti : «Samiriza ijwi Dushigikire iterambere rirama ry’umwigeme w’umurundikazi ».
  5. Kino civugo gihamagarira abo bose bakorera mu gisata c’iterambere ry’umwigeme kwitaho gusumba kumuteza imbere mu bisata vyose no kwubahiriza agateka kiwe.
  6. Ngaha mu gihugu cacu, Ibirori vyo guhimbaza uwo musi Mukuru Mpuzamakungu wahariwe umwigeme bizoba kw’igenekerezo rya 12 Gitugutu mu ntara ya Bubanza, ku murwa mukuru wa komine ya Mpanda.
  7. Duhamagariye abarundi bose na cane cane abo mu ntara ya Bubanza kuza guhimbaze uwo musi mukuru wahariwe umwana w’uwigeme, bawuhimbaze mukanyamuneza, batere intege umwigeme wese kugira ashikire iterambere rirama.
  8. Turipfurije umusi mukuru mwiza abana b’abigeme bose.
  9. Imana Ibahezagire. Murakoze.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →