«Iyo tuvuze iterambere ry’umukenyezi, tuba dushaka ko umukenyezi ico akenera ashobora kucigurira atarinze kurindira ko umugabo akimuha. Akigurira igitenge canke ibindi vya nkenerwa, maze uburyo bw’umugabo bugakora ibindi ». Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wambere igenekerezo 28 ruheshi 2021, aho yari yishikiye kuraba ivyaranguwe n’ishirahamwe TWIZERANE ryo ku mutumba NYARUBENGA, Commune NYARUSANGE intara ya GITEGA.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yarakeje abo bakenyezi ku ntambwe bagezeko mw’iterambere, aho bamwe yasanze bamaze kugura inka, amatongo, impene, inkoko, bimbura ibihagije mbere bagasagurira isoko, abana babo nabo bakaba biga ata ngorane.

Digne NTIMPIRANGEZA, arongoye ishirahamwe TWIZERANE arashimira cane Nyakubahwa Umushikiranganji baravye urugero bagezeko mw’iterambere.
Yamenyesheje ko Ishirahamwe ryabo rigizwe n’abakenyezi 30, batanguye baziganya kuva kumafaranga 500 gushika kuri 2000, bongera baguranana.
Mu nyuma Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bufashijwe na FNUAP burabaha ingurane y’umuriyoni w’amarundi (1.000.000FBU), baca barongereza amahera bahora bagurana. Ati niho baciye bashika ku ntambwe bagezeko ubu mw’iterambere.

Umupfasoni Devote NDEREYIMANA, umwe mu banywanyi b’iryo shirahamwe, aba ku mutumba NYARUBENGA, Commune NYARUSANGE intara ya GITEGA, yamenyesheje ko we yahereye ku mutahe w’10.000, adandaza ibitoke, aca agura inkoko, mu nyuma ingurube none ubu afise n’inka yaguze ibihumbi 450.000 vy’amarundi.
Nyakubahwa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE amaze kwiyumvira no kwibonera ivyo bagezeko mu kiringo kitarezna imyaka itatu, yarashimye yongera aranabatera intege cane ngo babandanye batera imbere.
Yabipfurije kuzokorera mu ngata Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira mu kuja kwigisha abandi bo ku yindi mitumba itarashika ku ntambwe nk’iyo.
Akaba yabemereye ko Ubushikiranganji arongoye buzokwama bubashigira muri vyose.

Mwomenya ko Iyo ngurane yari yatanzwe n’Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kugira ngo yunganire abo bakenyezi ngo bagurane uduhera turwiriye, bashire mu ngiro imigambi yisununuye mu kiringo c’imyaka 3. Akazoca ahabwa ayandi mashirahamwe yitunganije neza, nayo aheze yisununure mu gushira mu ngiro Imigambi ikomeye y’iterambere y’ingo zabo.