29 janvier 2023

« Mu butungane nibaze baraca izibereye kugirango uwo baciriye urubanza aheze agende yiyumva ko atarenganijwe »

Ivyo bikaba vyavuzwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 18 nzero 2023 aho yariko yishura kukibazo cashikirijwe c’abasangwabutaka bavuga ko iyo baburanye badatsinda urubanza kandi batemerwa urwacitse.

Hari mu kiganiro uwo mushikiranganji yagiraniye n’abenegihugu bo mu ntara ya Cibitoke vyabereye muri komine Mabayi.

Yavuze kandi ko duhiriwe duhishije, ko hashizweho hariho abahuza bo kumitumba, ngo bizeye  ko bazofasha cane mumanza kuko baba bazi kuva kumutumba ivyabaye mumatari y’aba na bariya, at ariko Mubushikirangnji ntaburyo bwokwama bufasha kuriha aba ababuranira abantu igihe cose.

Kukibazo c’abana bo mwibarabara basaba ko hoshirwaho ikigo, yavuze ko muri iyo ntara ya Cibitoke bashobora gushiraho ikigo maze Ubushikiranganji bwo gushigikirana bugaheza bugaterera, ati  mubushikiranganji ntitwoshobora gushiraho ibigo muntara zose.

Yavuze ko i Bujumbura hariho ibigo bifasha kwakira abana bo mwibarabara, bikabigisha,  ariko ngo no muntara barashobora kwiyungunganya bakagira ikigo kiba kirakira abana bo m’wibarabara bagashobora kubigisha imbere yo kubasubiza mumiryango.

Kukibazo c’abasavye amabati y’abenegihugu yabomotse, Nyakubahawa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko abajejwe intwaro bogira intonde z’amazu yabomotse hamwe n’amabati akenewe, kandi ngo ivyo babikorane n’abajejwe ubushikiranganji muntara no mumakomine, ni hagira amabati aboneka, habe arizo bisunga.

Ivyo kandi akaba yabivuze ngo Kuberako muntara zose bagiye basaba amabati, ngo babonye  ko hoba intonde bagaheza bakayatanga muntara bivanya n’amabati yabonetse bakaza baratanga make make, yose agateba agakwira.

Muri komine MUGIRA, amazu ariko arabomagurika, yaciye agishira mumurwi w’abandi bagiye kuzofashwa. Ngo bazoca Babashira muri wa mugambi woguha uburaro bwiza abatabufise, bikorwe no muri ya politike yo kurwanya inzu za Nyakatsi bise  « zero nyakazi », maze ngo bakore kugirango bose baronke uburaro bwiza.

Nyakubahawa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE Yaciye yerekana abaserukira Ubushikiranganji bwo gushigikirana muntara no mumakomine yose kugirango abenegihugu bobone uwo bazoshikiriza ibibazo.

Kukibazo c’impapuro zimenyesha ko abantu kanaka ari bantahonikora, Nyakubahawa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE yamenyesheje ko ari abajejwe intwaro guhera kumutumba bategerezwa kwemeza ko umuntu ari ntahonikora koko, nayo Mu bushikiranganji bujejwe gushigikirana bakira ahubwo urupapuro rwavuye mubajejwe intwaro.

Yvuze ko vyagaragaye ko hariko kandi abigira ntahoniko atari bo.

Ngo mu miryango hamwe bashigikirana, bashobora gufasha umuntu agatera imbere, kuko ngo usanga hari uwuba abuze gusa akantu kamuzamura agaca atera imbere.

Hariho ngo kandi n’abavyeyi bafise abana bifashe, ariko batitabwaho n’abo bana babo. Ugasanga bipfuza ko boshirwa mubigo vy’abageze muzabukuru kandi bari bashoboye kumufasha.

Mu vyerekeye kuvuza bantahonikora, Nyakubahawa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE

Yaciye aha ijambo Uwurongoye Umurwi w’igihugu ujejwe gukinga no gutegekaniriza kazoza abenegihugu, Nyakubahwa Arcade NIMUBONA kugirango atange umuco kuvyo basanzwe barangura muri ico gisata.

uwo nawe Yavuze ko hagiye kuzojaho imirwi 4 y’abenegihugu kubijanye no kuvuzanya, aho umurwi wambere wotanga interenano y’amafaranga ibihumbi bitatu (3000), uwa kabiri bitanu ( 5000), uwa gatatu ibihumbi mirongo ibiri (20000) hamwe n’uwa kane ibihumbi ijana (100000).

Ivyo rero ngo bakaba baragize ivyirwa vy’ibanze vyakorewe muri komine Gashoho mu ntara ya Muyinga.

Ngo hari rero imirwi babonye ko yobaho igaheza igashira abantu muri iyi mirwi : Ntahonikora, Aboro, abakenye, abisununuye, abatunzi, abakire kandi ngo ivyo vyose vyakozwe babanje kuraba ubutunzi, amashure, n’ivyo bakora.

Mukubikora, yavuze ko baheza rero bakabaza umwe wese bamubaza bati « wewe ubona woba uri hehe muri iyi mirwi? Ivyo kandi vyakorerwa kumitumba.

Ngo Ubu rero basavye ko vyokorerwa ahandi, none bagomba kubikorera muburere bune.

Nyakubahwa Arcade NIMUBONA yarongeye aramenyesha ko baravye rero abenegihugu bari muvyo kubuzanya, ngo ni 5% gusa, baba abari muri mutuelle de la Fonction publique, canke ayandi mashirahamwe yo kuvuzanya.

Ni nico gituma bariko barasaba ko muminsi hazobaho ko umuntu agendana agakarata ko kwivurizako, aho ngo bazosanga bose bategerezwa kuja hamwe, ariko batanga inntererano zitandukanye, kuko ngo uko bimeze ubu, baba abadandaza canke abakenye bagura irya karata y’ibihumbi bitatu (3000).

Yarangije ahamagarira abanyu kuza kwikingira batararwara.

Nayo kukibazo c’amatongo ubushikiranganji busanzwe busabira bantahonikora, Nyakubahwa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE yaciye asaba umuyobozi ajejwe gusubiza muzabo abaziteshejwe Perose MINANI, uwo nawe akaba yavuze ko babanza kugira intonde z’abasaba ubufasha bwo kuronswa aho baba, kandi ngo baba ari abafise amikoro make, abasangwabutaka, canke abandi batagira icepfo n’ica ruguru (sans terre ni référence).

Kubijanye n’impapuro ubushikirangnji bwo gushigikirana bwari bwahaye abantu baba mu birwati, yavuze ko baca bibaza ko amatongo abegukiye, bagaca bayagurisha.

Ngo ubu rero bagiye kuzoca bagira ingendo mu kirwati ca KAMAKARA kugira barabe abo bavuga ko bagurishije amatongo asubizwe kuko cazira ko baca bagurisha ayo matongo n’amazu arimwo bubakiwe, kandi kuva ubu baciye bahagarika gutanga bene izo mpapuro kubatari bwazironswe.

Kubijanya n’amavuriro y’abikorera utwabo asaba ko yokorana n’ubushikiranganji bwo gushigikirana, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko Ubushikiranganji arongoye bokorana n’mavuriro yose ya Reta mu kuvuza bantahoniko, ngo rero ibitaro canke amavuriro ya Reta asabwa ko akorana n’ubushikiranganji, kandi bakabicisha muri barya bakozi basanzwe baserukira ubushikiranganji bujejwe gushigikirana mu makomine no muntara.

Kukibazo c’inzara ivugwa aho ibintu vyazimvye, yishuye ko ari kuja kukivi, barime bimbure ariko ntibabihereze mw’isoko.

Kubijanye n’imiti itaboneka muri mutuelle de la fonction publique naho, Nyakubahwa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE yaciye asaba umuyobozi Mukuru w’imfata kibanza w’ishirahamwe Mutuelle Dr. Marie Noëlla UWINEZA kugira ico abivuzeko.

Uwo nawe akaba yavuze ko hari haheze igihe imiti itaboneka mu mapharmacie ya mutuelle ariko ko ubu yamaze kuboneka. Aca asaba ko hamwe hoba hari pharmacie ivyipfuza ko yosaba gukorana na Mutuelle kugirango vyorohe kuronka imiti itashoboye kuboneka muri pharmacie ya Mutuelle isanzwe iri ngaho muri komine Mabayi.

Mwomenya ko Nyakubahwa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE yarai yagiye aherekejwe n’abayobozi batandukanye kugirango ibibazo vyega buri gisata bashobore kumwunganira mu gutanga inyishu ibereye ku benegihugu bitura ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →