29 mars 2024

Mutuelle de la Fonction Publique iri ku kivi yitaho abanywanyi bayo pe !

  1. Kuri uyu wa Kabibiri igenekerezo rya 2 munyonyo 2021 ku bitaro vyo mu Rushubi, komine Isare Intara ya Bujumbura, haruguruwe icese ibiro vy’ishirahamwe Mutuelle de la Fonction publique. Ivyo birori bikaba vyatewe iteka nya Nyakubahwa NCUTINAMAGARA Tantine, Umwunganizi w’Umushikiranganji ajejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu, n’Iteramabere Ridakumira.
  2. NCUTINAMAGARA Tantine, Umwunganizi w’Umushikiranganji ajejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu, n’Iteramabere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Mw’ijambo ryiwe, yamenyesheje ko mu ntumbero ya Reta mvyeyi kandi Nkozi, ari uko ishaka ko abenegihugu boroherezwa mu buzima bwabo bwa misi yose. Ari naco gituma twatunganije ivyo bikorwa vyo kugurura ivyo biro vy’ishirahamwe Mutuelle kugirango abahora bagira ibibazo bisaba abakozi ba mutuelle boroherezwe.

  3. Nyakubahwa NCUTINAMAGARA Tantine yamenyesheje ko ishirahamwe Mutuelle ubu rimaze imyaka irenga 41 rirangura imirimo yaryo ngaha mu Burundi.
  4. Akaba yarakeje Umuyobozi mukuru w’Ishirahamwe Mutuelle, hamwe n’abakozi bose bafashanya, ku bwira n’ubukerebutsi babirangurana.
  5. Ivyo biro bikaba vyagize ivya ivya 50 vyuguruwe mu gihugu cose.
  6. Buramatari w’intara ya Bujumbura (ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Nyakubahwa buramatari wa Bujumbura mw’ijambo ryiwe yarashimwe cane iyugururwa ry’ivyo biro, kuko bigiye gufasha cane abenegihugu bahora barinda kumanuka i Bujumbura, barondera ubufasha bwa Mutuelle , ati gutyo rero umwanya bata bzowukoreshe mu bikorwa bindi bibateza imbere.

  7. Yaciye yasavye Ishirahamwe Mutuelle ko bokwubaka ibiro vyiza, intara izokazoterera mu kubaronsa ikibanza bubakamwo.
  8.  SENDAZIRASA Annonciate, Umuyobozi Mukuru wa Mutuelle de la fonction Publique (ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Sendazirasa Annonciate, Umuyobozi Mukuru wa Mutuelle de la fonction Publique nawe mw’ijambo ryiwe akaba yamenyesheje ko mu misi iri imbere ishirahamwe Mutuelle rigiye kwugururira imiryango abenegihugu bose, harimwo mbere n’abanyamahanga bakorera mu gihugu cacu.

  9. Ivyo birori bikaba vyaranzwe n’umurisho w’ingoma hamwe n’intambo zitandukanye

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →