Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, yamenyesheje ko ari Umugenzo mwiza w’Ubushikiranganji bujejwe Gushigikirana wo kwama na ntaryo bipfuriza abana bari mu bigo eka mbere n’abandi ba ntahonikora bari mu bigo, Noël nziza n’umwaka mwiza, aho bama babagemurira ibifungurwa n’ibindi vyankenerwa harimwo n’amafaranga abafasha ibindi baba batabazaniye.
Ivyo Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yabishikirije ku musi wa kane Igenekerezo rya 23 kigarama 2021, igihe yariko aripfurije Umunsi Mukuru mwiza wa Noël hamwe n’Umwaka mushasha w’2022 abana bari mu kigo c’irerero ry’impfuvyi Nice Hope House c’i Gitega, ku musozi Zege.
Mw’ijambo ryiwe, yagize ati:”Turabizi neza ko abana bari mu miryango, banezeranwa n’abavyeyi babo. Ari naco gituma natwe nk’abavyeyi twahisemwo kugendera abana bari mu marerero kugirango bumvye ko bashigikiwe, mu guhimbaza Noel n’umwaka mwiza.”
Nyakubahwa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE yarongeye aramenyasha ko Reta y’Uburundi yisunze amasezerano mpuzamakungu ajanye n’agateka k’abana, iritayeho bimwe biboneka ineza ya zina mwana wese, yaba umurundi canke uwuba mu Burundi, na cane cane abana bari mu ngorane.
Aho yaciye atanga uturorero tw’impfuvyi, abana bari mu miryango itishoboye, abana bagendana ubumuga, abana bataba mu miryango kubera imvo izi canke ziriya bagaca baja mu ma barabara canke mu bigo , abana bari mu mirwi yahora ikumiriwe nka ba nyamwema canke abatwa, abana bakoreshwa ibikorwa bibarengeye,…
Ati:”Mu mirimo yacu ya misi yose rero, yo guharanira agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira, birumvikana ko guharanira no gukingira agateka k’umwana bitegerezwa kuja imbere, kuko turazi neza agaciro k’umwana, haba mu mibereho yiwe, canke mw’iterambere ry’imiryango canke ry’igihugu; Ntitwokwirengagiza rero ko umwana ari iteka kandi ari Kirumara mu muryango.”
Yavuze kandi ko naho ubwo bushikiranganji arongoye bufise umuco mwiza wo gushigikira ibigo bifise abana ndetse n’abandi bantu bakenyeye ubufasha butandukanye, nk’abageze mu zabukuru canke Abagendana ubumuga, ati si ukuvuga ko Reta ishigikiye cane ko abana barererwa mu bigo, ati ihangiro nyamukuru rya Reta Mvyeyi kandi Nkozi ni uko abana bose borererwa mu miryango, ari naco gituma iyo hagize imiryango itaronse amahirwe yo kuronka abana ije kubadusaba, barababaha kugirango abo bana nabo bakurire muri rwarukundo ruri hagati y’abavyeyi n’ibibondo. Gutyo ngo ineza y’umwana ibe yubahirijwe.
Kuri uwo munsi nyene, akaba byabanje kw’ugurura inyubako nshasha y’uburiro n’igikoni bizofasha abana bari muri ico kigo.
Venant MANIRAMBONA, Buramatari w’intara ya Gitega ikaba n’Umurwa Mukuru wa Politike, mw’ijambo ryiwe ryo kwakira abashitsi, yamenyesheje ko intara ya Gitega iza mu za mbere zifise ibigo bifasha abantu benshi bafise ubumuga butandukanye hamwe n’abana.
Akaba yarashimwe ingene uwurongoye ikigo nice hope house avyifatamwo mu kugira umutima wo gukora Atari uwo gukorarakora.
Léopold NTAWUYANKIRA, asanzwe arongoye ico kigo akaba yarakengurukiye cane Nyakubwahwa Umushikiranganji ajejwe gushikigikira ku ngabire y’amabati yafashije gusakara iyo nyubakwa hamwe n’ibindi vyankenerwa yaje abazaniye bizofasha cane abana 48 basanzwe barerewe muri ico kigo.