29 janvier 2023

NOEL NZIZA

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 23 kigarama 2022 ku murwa mukuru w’intara ya Makamba Nyakubahwa Potien HATUNGIMANA, Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yaragendeye ikigo c’impfuvyi UWIMANA, aho yari yagiye abashiriye agakemanyi kagizwe n’ibro 300 vy’umuceri, ibro 20 vy’ibiharage, ibiro 50 vy’isukari, amakarato 2 y’amavuta yo guteka, ibiro 25 vy,umunyu ibisuguti imitobe, amasabune n,ibindi.

Nyakubahwa Potien HATUNGIMANA, Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Akaba yamenyesheje ko ivyo Ububushikiranganji bwo gushigikirana bwabitanze mu ntumbero yo kwipfuriza Noel n’umwaka mwiza 2023 abana baba muRI Kigo nk’uko ubwo bushikirananganji bwama bubikora.

Nyakubahwa Potien HATUNGIMANA, Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Uwurongoye ico kigo Mama Francine NZITONDA akaba yarashimiye cane ubwo bushikiranganji kuri iyo mfashanyo. Akaba kandi yavuze ko ico kigo kimaze imyaka 26 kuv a kibayeho kikaba cakira abana bavuka kubigeme batwaye inda zishushubagaca babata, hamwe nababura abavyeyi bakivuka.  Ubu kikaba gifise abana 44 n’abakozi 12 hamwe n’ababikira 2.

Mama Francine NZITONDA , arongoye ikigo UWIMANA c’i MAKAMBA (IFOTO NA eLIE harindavyi)

Bikaba vyari bihimbaye cane kubona Nyakubahwa Pontien HATUNGIMA yifatanya ‘ivyo bibondo mu gusangira akanyamuneza ka Noelli n’Umwaka mushasha w’2023 ugiye gutangura.

Abana bo mu kigo UWIMANA c’i MAKAMBA (ifoto na Elie Harindavyi)

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →