26 avril 2024

Ntamahera yishure asabwa, twabahaye amahera yo kwifasha bakiri kwishure

Ayo ni amwe mumajambo yashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa Kane igenekerezo rya  26 nzero 2023 ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi mu kiganiro yariko agiranira n’abenegihugu bo muri iyo ntara, muri rwa rukurikirane rw’ibikorwa abashikiranganji bagize Reta y’Uburundi bariko baragira mu ntara zose.

Aho mu ntara ya ngozi, harabajijwe ikibazo c’abana b’abatwa batoye ikibazo co mu mwaka w’9, maze reta ishinga ko baja mu mashure afise uburaro, baraheza bafashihswa ibikenewe vyose, harimwo n’udufaranga tubasha muvyo bakeneye bari kwisure (argent de Poche) ariko hakaba hari abayobozi baciye bayabasaba ngo ni amahera y’ishure.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yabwiye abari aho ko ingingo yo gufasha abana b’abatwa batoye ikibazo co mu mwaka w’icenda yafatiwe mu nama nshikirangnji, kandi ko ata na hamwe abo bana batanga amahera yishure, abo bayobozi rero  ngo iyo ngingo bifatiye ntibaho na gatoya bakwiye kuyabasubiza kuko ngo ata yandi mahera bazobaronsa muri uno mwaka.

Yaboneyeho no guhumuriza amana basanze batashizwe kurutonde kuko ku bikoresha vyasigaye ataho bihuriye n’igitigiri c’abana basanze batari bashizwe kurutonde.

Yaciye agenda yemereye abataronse ko nabo bazorana ingene bazoshikirwa n’ubwo bufasha.

Nayo kukibazo c’abarongoye ibigo vy’amashure afise uburaro basaba gushigikirwa mu bijanye n’ibifungurwa, yavuze ko ubu stock y’ibifungurwa biri murimu bushikiranganji ari bike kandi ngo vyagenewe ba ntahonikora. Ngo ico kibazo rero kirashobora guturwa umushikiiranganji ajejwe indero.

Kubijanye n’abanyeshure basaba gufashwa, yasavye ko hoba intonde nziza zerekana umwidondoro w’abo bana bafashanije n’abaserukira ubushikiranganji mu ntara no mu makomine, baheze bagikorereko mu mwaka uza kuko ngo ubu umwaka wamaze kugenda.

Kukibazo c’uwasavye ko amasite yabateshejwe izabo ari mu gihugu yohindurwa akaba ibirwati, umushikiranganji yavuze ko vyoba ari vyiza cane, ariko akavuga ko mbere aho tugeze habaye ibirwato vyosaba ko ayo mazu asubirwamwo kandi akaba amazu ageretswe, hakazamwo n’abandi bantu atari abari muri irya site gusa. Ati “ico tuzogishikiriza kugirango bagikorereko, Kandi ubu ni igihugu c’amahoro, barashobora gusubira mumatongo iwabo”.

Kubijanye n’abatwa basaba ibumba, bari bemerewe ko abatwwa bashobora kuronswa ibumba babumbamwo inkono. Ivyo bikaba vyahawe abashikiranganji, kugirango babareke. Mu ntara boca babimenyesha abajejwe ibidukikije. Ati mbere na buramatari yacumvise, muzoheza ni vyabagore munterefone.

Kukibazo c’abagendana ubumuga basaba kuronzwa ico bakora, Yasavye ko abagendana ubumuga aho baherereye boza baraha ubuzi abagendana ubumuga aha mbere akaba yaciye abaha uburorero ko mu bushikiranganji bwo gushigikirana hari abasanzwe bagendana ubumuga kandi bakora neza nk’abandi bose, ati ivyo rero murashobora kubira aho muhereye.

Kukijanya n’abasaba ibisakazo vy’amabati, yabasavye ko bogira intonde z’abayakeneye  vyihuta, kandi bakazigira bakurikije amabati akenewe kuri buri nzu hanyuma bazirungike mu bushikirangnji, ngo amabati ni yaboneka bazoce bayabaronsa.

Kubijanye n’amatongo bashobora kuzoronswa, yabagabishije ko uwuzokwirahira akagurira itongo umutwa azohanwa co kimwe n’uwagurishije.

Kubijanye n’abasaba kuvuzwa n’ubushikiranganji, yabamenyesheje ko  bategerezwa kuba bafise impapuro zitangwa na Musitanteri kandi akaba afise agapapuro ko kwivuzizako, akerekana n’ivuriro canke ibitaro vya Reta yagiye kwivuzizako akaba yandikiye ubushikiranganji, nabwo bugaca buriha ivyo bitaro.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko mu minsi iri imbere, yipfuza ko atokwumva ko hari umwenegihugu yidogera ubushikirangnji arongoye ko adatunganiwe n’ivyo bukora.

Kukibazo c’imiti ya mutuelle basaba ko yodandarizwa muri pharmacie ya mutuelle, uwurongoye vy’imfatakibanza ishirahamwe Mutuelle yavuze ko rifitaniye amasezerano n’amapharmacie kugirango umunywanyi ntabure umuti usanze utabonetse muri pharmacie ya Mutuelle kandi ko ngo iyo pharamacie yanse gutanga umuri uhari, bakabimenya, baca basinyura amasezerano bafitaniye.

Kukibazo kijanye n’abakukuruke Umukuru w’igihugu yavuze ko bavurwa kubuntunaco, yishuye ko ari abakukuruke bahora bahembwa na Reta Gusa kuri kuri budget ordinaire de l’Etat begwa n’iyo ngingo.

Ico kibazo kikaba carunganiwe n’Umuyobozi Mukuru w’ishirahamwe INSS Gen Maj. Emmanuel MIBURO aho yavuze ko ari abahoze bakorera Reta gusa baca bakorera amakete bagaca bayajana muri Mutuelle, ari naho baca babandanya bavurwa k’ubuntu.

Nyakubahwa Umushikirangnji akaba yarangije ashimira Nyakubahwa Buramatari w’intara ya Ngozi. Akaba yabemeterey ko n’ikindi gihe barashobora kuzomutumako bakabandanya bayaga.

Nawe Buramatari w’intara ya Ngozi Emmanuel NTACONSANZE akaba yarashimye cane kubona umushikiranganji we nyene n’abamufasha bishikiye kugirango baganire n’abenegihugu kubibazo biraba ubwo bushikiranganji.

Yaciye aboneraho kubwira ba musitanteri bari ngaho, kubijanye n’ikibazo c’abatwa bakenera ibumba, kuko ngo baronse urwo ruhusha muri Reta ko boza bararonswa ibumba ryo kubumba inkono.

Yavuze kandi ko mu bijanya n’akazi baza barasabira bose kuko ngo hari n’abatwa 2 baheruka gusabirwa muri Bancobu.

Yaciye asaba ko bogira izo ntonde z’abakeneye amabati bafashaninje n’abaserukira ubushikirangnji mu ntara no mu makomine nkuko Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yari yababwiye ko vyihuta.

Akaba nawe kandi yarangije ashimira cane Umukuru w’igihugu we yategetse ko abashikiranganji bagendera abenegighugu mu ntara zose, bagaheza bakishura ibibazo vy’abenegihugu umwe wese muvyo ajejwe.

Mwomenya ko Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yama yagiye aherekejwe n’abayobozi batandukanye mu bisata bitandukanye kugirango baze baramwunganira kubibazo biba bibajijwe vyega muri gisata kigize ubwo bushikiranganji.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →