4 décembre 2022

« Si agaseseshwarumuri, mwese murabizi ko Reta imaze gukora ibitari bike biza bifasha abanegihugu kuva mu bukene, umukenyezi nawe adasigaye inyuma ».

Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka Ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wambere igenekerezo rya 7 munyonyo 2022 ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke aho yari yateye iteka ibirori vyo guha impapuro abakenyezi bakurikiranye inyigisho zo gutunganya imigambi yo gukora urudandazwa, babifashijwemwo n’ishirahamwe kazoza ku mfashanyo y’ingoma y’ububirigi ibicishije mw’ ishirahamwe TradeMark East Africa.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka Ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yavuze ko ahimbawe no gushika kukivi muri iyo komine ya Rugombo, kugirango nawe yirabire aho abo bakenyezi bagejeje ikivi co kwiteza imbere, babifashijwemwo n’Ingoma Yububirigi ribicishije kw’ishirahamwe TradeMark East Africa.

Yarongeye aramenyesha ko bashigikiye urudandazwa rukorwa n’abo bakenyezi, rwaba urudandazwa ruto ruto muri iyo ntara eka mbere n’urudandazwa njabuka mbibe, kandi ngo mbere bahimirize abo bakenyezi gutunganya imigambi izoshikirizwa amabanki n’ama microfinances maze baheze baronswe imitahe yisununuye, biteze imbere.

Ari nako guca avuga ati « Nkuko mubizi, Reta Mvyeyi kandi Nkozi, irajwe ishinga n’uko umukenyezi w’Umurundikazi atera intambwe idasanzwe nawe mw’iterambere ryaba iry’umuryango n’iry’igihugu ».

Aca yisunga amategeko agira ati : « Ni no muri iyo ntumbere yashizeho Ubushikiranganji bujejwe gukurikirana kumunsi kumunsi uko iterambere ry’umukenyezi ryifashe, ibicishije mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu n°100/007 ryo kuwa 28 Ruheshi 2020 risubiramwo itegeko n°100/037 ryo kuwa 19 Ndamukiza 2018 ritunganya Reta y’Uburundi”.

Arongera at : « Mw’itegeko rero No 100/ 084 ryo 12 gitugutu 2020 ritunganya Ubushikiranganji bwo Gushigikirana Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Itermbere Ridakumira turongoye, mu ngingo yaryo yambere, duhabwa uburenganzira bwo gukurikirana neza ibijanye n’iterambere ridakumira, harimwo na cane cane guteza imbere umukenyezi mu migambi yotuma atera intambwe kuruta uko vyahora ».

Abari bitavye (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yaranamenyesheje abari aho ko ari ni muri iryo tegeko nyene bahabwa uburenganzira bwo gutegerezwa gukurikirana neza ibikorwa vyose vy’abo baza kubashigikira babicishije mu mashirahamwe atandukanye nka TradeMark East Africa n’abandi bose bama babashigikira mu migambi iza isahiriza abenegihugu, umukenyezi adasigaye inyuma.

Yaribukije abo barongoye amashirahamwe ko mu kwezi kwa kigarama 2021, mu mwiherero abagize Reta y’Uburundi bakoze, aho babonye neza ko abaza bose bashigikira Uburundi  botegerezwa kwisunga intumbero ya Reta Mvyeyi, Reta Nkozi, kanatsinda ni nayo ngo ijejwe kumunsi kumunsi ubuzima bw’abenegihugu.

Ati nico gituma Ubushikiranganji bwo Gushigikirana Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Itermbere Ridakumira bwishikira igihe cose kukivi, kugirango butere intege abo bose baza bafasha abenegihugu kuva mu bukene, ngo bakore ibikorwa bibatuma bironkera ico umunwa wose ufungura n’umufuko wose ukaronka amafaranga.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko atari agaseseshwa rumuri, Reta imaze gukora ibitari bike biza bifasha abanegihugu kuva mu bukene, umukenyezi nawe adasigaye inyuma.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka Ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Aha yaciye adondagura ibi bikurikira :  kwigisha abakenyezi kuja hamwe mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana bita Nawe Nuze, gushigikira amakoperative ari ku mitumba igize igihugu cacu, aho buri mutumba waronkejwe imiriyoni cumi, gushinga ibanki y’urwaruka hamwe n’ibanki y’iterambere ry’abakenyezi, haruhande yo kubandanya ivura abana n’abakenyezi bibaruka kubuntu, eka n’abana bakiga kubuntu mu mashure y’intango.

Yarongeye ati : « Ivyo tukaba tubishikiriza kuko biza bisahiriza cane umukenyezi mu bikorwa vyo mumuryango, maze urudandazwa ashobora gukora rugaheza rukamugirira akamaro kadasanzwe ».

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka Ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yaciye mbere yibutsa abari aho ko ubwo bushikiranganji buheruka no gutanga n’ibitungwa bitobito vy’ingurube ku makoperative, aho nk ‘ikoperative y’abakenyezi iri kumurwa mukuru w’intara ya Ruyigi rwasanze yitunganije bikwiye, tukaba twabahanuye ko bobera akarorero abandi mukubamurikira, kandi bongere biyumvire n’ibindi bokora gutyo bagume batera intambwe, abandi babafatireko akarorero.

Yarakeje ishirahamwe TradeMark East Africa be n’Ingoma y Ububirigi, bo biyumviriye gufasha abakenyezi bagera kubihumbi bibiri bikorera utwabo bari kumipaka ine, bakora urudandazwa njabuka mbibe, kuja hamwe muma koperative, bagakarihirizwa ubwenge, eka mbere bakaba urunani rwintamenwa, kugira ngo ejo aho bukera, bahakure uturusho, bagwize umwimbu uzoteza imbere imiryango yabo, igihugu eka mbere n’akarere duherereyemwo, kuko turazi neza twese ko « Umukenyezi ashoboye ».

Abari bitavye (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Aca abemerera ko Reta y’Uburundi ibicishije mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Itermbere Ridakumira ataco batazokora ngo bashigikire imigambi yose izoza iteza imbere umwenegihugu.

Yemereye abo bakenyezi ko Ubushikiranganji arongoye bozobama hafi ngo kanatsinda bufise abaduserukira mu ntara zose no mu makomine yose mbere hakaba n’imboneza y’umuremeshakiyago kuri buri mutumba, ati muze  mubiture igihe cose muzoba muzazaniwe ku migambi muzoba muriko mararangura, mugihe izoba ijanye n’ivyo ubwo Bushikiranganji bwahawe kurangurira abenegihugu.

Yaciye abipfuriza imigisha kugirango ejo haza, bazobone abo bakenyezi basigaye ari abagwizatunga bakomeye, batanga akazi kandi bashobora mbere no gushinga amahinguriro akomeye.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE ntiyobagiye no kubibutsa kuja hamwe mumakoperative kandi ngo bagahamagara na barya batarumva umugambi mwiza w’igihugu wo kuja hamwe n’abandi, kuko no mu kirundi barayamaze bati « Nyamwigendako ntarimira impeshi »

Carême BIZOZA , Buramatari w’intara ya Cibitoke (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe buramatari w’intara ya Cibitoke Carême BIZOZA arashima igikorwa cakozwe muri intara co kwigisha abakenyezi ibijanye no gutegura imigambi y’ubudandaji, naburya iyo ntara itekanye mu makomine yose ayigize.

Christien NIBASUMBA, arongoye Ishirahamwe Trademark East Africa (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe Christien NIBASUMBA ari nawe arongoye Ishirahamwe Trademark East Africa yavuze ko ashima cane kubona abagize Reta bafashe mu mugongo ibikorwa bariko barangura, kandi ko bariko barigisha abakenyezi bakora urudandazwa ruto ruto ku mbibe z’ibihugu nko mu Gatumba, Ruhwa, Rumonge na Mugina kugirango abakenyezi benshi bahimirizwe kuja mu makoperative, abahora bakora urudandazwa rudaciye mu mategeko barukore kumugaragaro, biciye mu mategeko.

Yibukije abari aho ko ihangiro ry’iryo shirahamwe TradeMark East Africa ari uguteza imbere urudandazwa njabukambibe mu bihugu vyose bigize umuryango wa Africa y’Ubuseruko.

David Jordens arongoye igisata co gufashanya muri ambasade y’ingoma y’Ububirigi (chef de coopération, Ambassade de Belgique) mu Burundi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

David Jordens arongoye igisata co gufashanya muri ambasade y’ingoma y’Ububirigi (chef de coopération, Ambassade de Belgique) mu Burundi, yakeje abakenyezi 100 bo naho haheze igihe hari ikiza Ruhonyanganda Covid – 19, bashoboye kubandanya baja hamwe mu makoperative, barigishwa ibijanye n’urudandazwa no kwitunganiriza imigambi ishobora gushigilkirwa n’ababanki.

Akaba kandi yashimiye cane abarongoye amabanki kubona bahishikiye harimwo na Banki y’Iterambere ry’imigambi y’abakenyezi BIDF, no kubona abagize Reta y’uburundi afatiye kuri Nyakubahwa Umushikiranganji ajejwe gushigikirana hamwe na Buramatari bishikiye muri ico gikorwa.

Abo bakenyezi bakaba basiguriye Nyakubahwa Umushikiranganji n’abo bagendanye ivyo barangura n’ingene umugambi bateguye uzoshirwa mungiro, n’inyungu bazoronka.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka Ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yashatse kumenya neza aho bakuye umutaye urenga imiroyoni zine bazotanguza, aho yahawe inyishu ko ari intererano (Cotisations) z’abanywanyi bagiye barashirahamwe bahejeje kwigishwa, kugirango bashobore kwironkera umutahe.

Abakenyezi bariko barasigura ivyo bakora (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Bakaba kandi berekanye ivyo badandaza ahanini bigizwe n’ivyamwa bitandukanye, aho baciye bashimira Nyakubahwa Buramatari w’iyo ntara ya Cibitoke kukungene yabashigikiye na cane cane mu kubaronsa ikibanza badandarizamwo.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka Ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya ko Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Itermbere ridakumira yaciye atanga impapuro zerekana ko abo bakenyezi bakurikiranye inyigisho z’ugutunganya imigambi y’ubudandaji ishobora gushigikirwa n’amabanki hamwe n’ama microfinances.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →