Kuri uyu Wa gatanu igenekerezo rya 9 kigarama 2022, Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yarashikirije ibikoresho vyo kwiyunguruza bigizwe n’amamoto 9 y’abakozi b’ubwo Bushikiranganji bakorera mu ntara no mumakomine yose agize intara ya Muyinga.
Akaba yabasavye kubibungabunga kugirango noneho aho batahora bashika kukubura ubryo bwo kuhagera , baheze boroherwe, bashike kukivi, maze umwenegihugu akenra ubufasha aburonke bitamugoye.
Yaratanze kando amakinga 5 ku bene giguhug bafise ingorane bisangije.
Muri abo benegihugu kandi bafise ingorane bisangije (personne à besoins spécifiques) harimwo abaronkejwe ivyarahani vyo kubarira, baka bari bararonkejejwe nibindi bikoresho bo nyene bivugiye ko bakeneye vyobafasha nk’umutahe w’ibanze ngo batere intambwe mw’iterambere.
Akaba yarangije ashimira ishirahamwe OIM ryatanze izo moto hamwe na HCR yatanze ivyo bikoresho kuri abo benegihugu bafise ivyo bakenera bisangije.