18 avril 2024

Tubasavye gukoresha neza iyi ngabire

Kuri uyu Wa gatanu igenekerezo rya 9 kigarama 2022, Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yarashikirije ibikoresho vyo kwiyunguruza bigizwe n’amamoto 9 y’abakozi b’ubwo Bushikiranganji bakorera mu ntara no mumakomine yose agize intara ya Muyinga.

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko ashikiriza imoto abakozi b’ubushikiranganji bakorera i Muyinga (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Akaba yabasavye kubibungabunga kugirango noneho aho batahora bashika kukubura ubryo bwo kuhagera , baheze boroherwe, bashike kukivi, maze umwenegihugu akenra ubufasha aburonke bitamugoye.

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko ashikiriza amakinga (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yaratanze kando amakinga 5 ku bene giguhug bafise ingorane bisangije.

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Muri abo benegihugu kandi bafise ingorane bisangije (personne à besoins spécifiques) harimwo abaronkejwe ivyarahani vyo kubarira, baka bari bararonkejejwe nibindi bikoresho bo nyene bivugiye ko bakeneye vyobafasha nk’umutahe w’ibanze ngo batere intambwe mw’iterambere.

Amamoto yatanzwe (Ifoto na Elie Harindavyi)

Akaba yarangije ashimira ishirahamwe OIM ryatanze izo moto hamwe na HCR yatanze ivyo bikoresho kuri abo benegihugu bafise ivyo bakenera bisangije.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →