19 avril 2024

Tugiye kubaza neza amakuru yiyo amahera yagiye duheze tubatunganirize

Izo ni zimwe mu nyishu Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agatekaka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yahaye abakozi bahora bakorera mu kigo Centre Multifonctionelle c’i Gitega kuri uyu wambere igenekerezo rya 16 nzero 2023 mu kiganiro yagiraniye n’abenegihugu bo mu ntara ya gitega, aho mbere yishuye no kubindi bibazo.

Abo bakozi bakaba bavuze ko ngo bamaze imyaka 5 barahagaritse imirimo yabo muri ico, kigo, bakavuga ko amadeni n’ubukenene bibarembeje.

Abahoze barongoye ico kigo bakaba bavuze uko bahasanze, ngo kuva 2016 bahashitse hari ingorane nyinshi, ariko guca basaba ko nyNya kubahwa Umushikiranganji ajejewe gushigikirana ico kigo gisanzwe gikukira yobagenedera kugirango amenye neza uko ingorane zabo zifashe.

Ati Abakozi bahembwa mumahera baciye. Ngo abaye make, bakarindira. Mu kwugara ikigo, babwiwe n’ubwo bushikiranganji ko bugara ikigo kubera cakiriye abarwaye corona virus. Abakozi baba bavuyemwo uko haca hasigara aba platons gusa. Ati kuri konte twari dufise yari muri interbankie hariko amafaranga, ngo nico gituma basaba ko bohembwa kandi bobo mbere bagasaba ko ikigo cokugururwa kigasubira gukora ukuri kwamye.

Mu bindi bibazo vyatwaye umwanya muninig bikaba ari ibibazo vy’amavuriro akorana na mutuelle, aho nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yaciye asaba Umuyobozi mukuru w’infata kibanza wa Mutuelle kugira ico ashikirije.

Uwo nawe yamenyesheje abari aho ko ngo Hariho ivyo ibi taro vy’I Gitega vyisangije mu gukorana n’ishirahamwe Mutuelle.

Ngo Abakozi bb’ivyo bitaro bakukira Ubushikiranganji bujejwe amagara y’Abantu, kandi ngo abo nabo bavurwa 100% n’ubwo bushikiranganji. Bagaca baza barandikisha imiti kugira bayigurishe.

Ikindi yavuze n’uko ngo umuntu arwaye, ari umunywanyi wa mutuelle akaza muri ivyo bitaro, abaganga baho baca bamwandikira imiti yose bibaza ko yosohoka afashe, naho ngo rero atayifata, baca bayandika kuri facture kugirango irihwe n’ishirahamwe Mutuelle, ngo baguma bacungana gose.

Yamenyesheje kandi ko iryo shirahamwe rigiye gushira umuntu umwe umwe muri agence kugira akore ico gikorwa co kuraba neza imiti n’ibikoresho biriko bikorwa neza, aheze afashe mu kurwanya unyonyezi bumwe bumwe bw’imiti.

Yyaboneyeho kugaruka no kukibazo c’imiti bita specialité bama bavuga ko itaboneka mw’ishirahamwe mutuelle, ngo burya ni generique arioko ngo hariho abaganga bagira publicité gusa yayo mu kwama bayandika.

Ariko kandi kurundi ruhande bikaba vyagaragaye ko hari abaganga bava mu gihugu c’ubushinwa bigoye ko babahaba code kubera ko ngo bobo ata na Diplôme zisohoka , gutyo baheze barabireko ivyo bize baheze bakoreshe code zabo boheza bakisunga.

Mu bindi bibazo vyabajijwe hariho ikibazo c’abakukurutse babanje batarakwiza imyaka (pension anticipée), bakabaha uburyo, nongo ngo none bashikanye imyaka 60 yo gukukuruka baca batangura kubakata amahera yose bukebuke,

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yamenyesheje ko iy’aba babakata ayo mutaronse vyari kwumvikana ngo none ko bayariye aho ni amarame.

Akaba yaciye aha ijambo uwaserukiye ishirahamwe Inss kugirango atange umuco kuri ico kibazo.

Uwo nawe akaba yavuze ko ngo iyo umuntu bihenze bakamuha amahera yagiye muri pension anticipe, ashikanye imyaka ya pension aca atangura kuyariha kandi bamukata 5% gusa kuyo aronka buri kwezi.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yamenyesheje abari aho ko hari bariko barategura umugambi bita santé universelle aho umwenegihugu wese azoshikira ubuvuzi bitamugoye kuko umwe wese azotanga bivanye n’uburyo afise.

Yavuze ko ngo hariho abaguta ya karata yo kwivurizako y’ 3000, kandi ngo iyo yahariwe bantahonikora gusa.

Mu gihe rero ngo vyoja mungiro, imitwaro ya benshi yo kuvuza abantu mumuryango izokworoha cane kuko ngo atamwitwarariko umuntu azogira wo kumenya uko uvuza umuntu mumuryango.

Yasaciye asaba abari aho kugenda guhimiriza abandi kwitegekaniriza kazoza, kuko atawumenya ingene imyaka igenda, akisanga yashikiriye ikiringo c’ubusaza.

Kukibazo c’abasaba niba ubushikiranagnji bujejwe gushigikirana bishobora gushigikira abarwaye bakenera kuja kwivuza hanze, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, yavuze ko gushika ubu ataburyo ubwo bushikiranganji bufise bwo kuvuza abantu baja hanze.

Ngo ico bukora burakorana n’amavuriri y’abigenga nka CMCK, iyo hari umuntu vyagaragaye ko arai ntahonikora baba bavuye, baraheza bakabariha facture.

Ngo rero ni vyashika umuntu akaja kwivuza batavuganye, akaja kubitaro bidafitaniye amasezerano n’ubwo Bushikiranganji yo kuvura ba ntahonikora, ngo abajejwe intwaro boca babafasha kugirango uwo muntu ari ntahonikora aheze avugwe bitagoranye.

Mwomenya ko Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agatekaka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira azobandaniriza aho bukera mu ntara ya Cankuzo na Ruyigi, akaba amaze kugendera intara 7 arizo BUBANZA, BUJUMBURA, BURURI, RUMONGE, MAKAMBA, RUTANA na GITEGA.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →