23 avril 2024

Turabateye intege, kandi tuzokwama tubashigikiye

Ayo ni amwe mu majambo ya Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 9 kigarama 2022 ku mutumba Nyaruhengeri uri muri komine BUHINYUZA intara ya MUYINGA.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka Ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yashimiye abarongoye iyo komine kukungene bumvise akamo bababateye bagaheza bagatanga itongo ry’ihegitari 10 kugirango ubwo Bushikiranginji buheze bufashe abenegihugu baba mu kirwati c’amahoro c’ i Nyarunazi ngo bakirime, ubwo bushikiranganji nabwo buheze bubafashishe imburo n’umwavu.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka Ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko Ubushikiranganji arongoye bwo gushigikirama buzoguma bubashigikira mu kubaronsa imbuto n’umwavu gushika aho bazogera aho bimenya.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka Ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yavuze ko ubushikiranganji bwipfuwa ko abanegihugu bava mu bukene bakuye amaboko mu mpuzu aho kuja mu mabarabara gusegerereza, reta nayo igaheza ikabashigikira muvyo batishoboje.

Umurima w’imyumbati (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yihweje umurima w’imyumbati ingene uteye igomwe, yaciye abatera intege aremera ko ataco batazokora kugirango bigende neza cane, kandi aca agenda yemeye kuzobaronsa ibitungwa vy’ingurube kugira bizoze birasahiriza mu kubaronsa ifumbire y’ikirundi.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko araca amabango y’ahaterwa ibigori (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yaciye yifatanya nabo mu gutera igiterwa c’imyumbati ari kumwe na Buramatari w’intara ya MUYINGA

Yabaremesheje avuga ko mu minsi iri imbere bazova mu bukene, kuko bazoronka aho bakura ico bafungura bitabagoye.

Mu gufatira kukarorero ko gukora , yifadikanije nabo kandi mu guteragira ibigori muri iryo tongo araheza aranashima ubumwe bw’abo benegihugu basanzwe bava mu bwoko bwose, akipfuza ko ubwo bumwe berekanye bwobera akarorero n’abandi bose bo mu zindi ntara.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →