29 mars 2024

Tuzokwana na ntaryo tubashigikira

Ni bimwe mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Itera mbere Ridakumira kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 9 kigarama 2022 mu rugendo rwo kuraba ivyo ubushikiranganji buriko burarangurira abenegihugu,  rwabere ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga.

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA arashimira cane igikorwa c’abihebeye Imana bo mu kigo citiriwe Umweranda Yohani Bosco c’i MUYINGA kukungene bitaho abagendana ubumuga.

Yabemereye ko Ubwo Bushikiranganji bwo gushigikirana ataco butazokora kugirango bwame bubashigikira uko bushoboye, narirya ari igikorwa c’iteka kiza gisahiriza Reta mu migambi yayo yo kwama yitaho ineza y’abenegihugu.

Uwurongoye ikigo c’abagendana ubumuga c’i Muyinga (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Umubikira arongoye ico kigo arashimira cane Reta y’uburundi ibicishije mu bushikiranganji bwo gushigikirana, Imibano, agateka ka Zina  Muntu n’Iterambere Ridakumira kukungene bwama bubafata mumungo na cene cane ko aribwo buriha facture z’amatar n’amazi.

Buramatari wa Muyinga Jean Claude BARUTWANAYO (Ifoto na Elie Harindavyi)

Na Nyakubahwa Buramatari w’intara ya Muyinga akaba akenguruka igikorwa c’abihebeye imana hwa n’ubushikiranganji bujejwe gushigikirana muri ico gikorwa co gufasha abagendana ubumuga.

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Bakaba barashoboye kugenzura uko bakorera abao bagendana ubumuga ibikoresho nyunganirangingo naho babikorera, ariko ngo ko hari ikibazo c’ababizi ari bake.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →