29 mars 2024

Twaje kugira tubatere intege

« Twaje kugira twipfurize Noel nziza n’umwaka mwiza ibibondo biri muri iki kigo, muze tubone gutera intege abavyeyi bihebeye Imana bariko barasahiriza Reta mu kurera abana b’impfuvyi ». Ayo ni amwe mu majamwo yashikirijwe na Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA, Umunyamabanga Ntayegayezwa Mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira igihe yariko aragendera irerero ry’impfuvyo ryitwa « Maison Cana » ryo ku Buterere, kw’igenekerezo rya 21 kigarama 2021.

Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA, Umunyamabanga Ntayegayezwa Mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira igihe yariko arashikiriza ijambo (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA Yamenyesheje ko umugirwa mwiza wo kwipfuriza abana Noël nziza n’umwaka mwiza ari igikorwa kimwe muri vyinshi vyo guteza imbere agateka k’abana, kuko umwana uwariwe wese arafise uburenganzira bwo kunezerwa mu kwiginana n’abandi.

Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA, Umunyamabanga Ntayegayezwa Mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira igihe yariko aripfuriza Noël nziza n’umwaka mushasha abana barerewe mu kigo Maiso Cana co ku Buterere (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Muri uko kubipfuriza Noël n’Umwaka mwiza, Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA yari yagiye yitwaje agakemanyi kagizwe n’umuceri, ibiharage, umunyu, imitobe y’abana, ibisuguti, amata, amasabune, pampers, amavuta yo guteka n’ayo kwisiga n’ibindi vyankenerwa bashobora gukoresha mu buzima.

Akaba kandi yarabashikirije n’akabahasha k’Umuriyoni w’amafaranga y’amarundi kugira bazobone kugura ivyo badashoye kubazanira, kandi bazobone gusabikanya n’abasanzwe bafasha kwitaho ubuzima bw’abana buri musi.

Uwurongoye Ikigo Maison Cana, umubikira wo mumuryango w’abigeme ba Mariya Umugabekazi w’i Cana (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Uwurongoye Ikigo Maison Cana, umubikira wo mumuryango w’abigeme ba Mariya Umugabekazi w’i Cana, arashimira cane Ubushikiranganji bwo Gushigikira, Imibano Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kubona baje kubashigikira muri ibi bihe vy’imisi mikuru.

Yamenyesheje iryo rerero ryatanguye mu mwaka w’2005. Rikaba ari ishami ry’iryatanguye riri muri komine Gahombo intara ya kayanza, rikaba rifise ihangiro ryo kurera abana batagira kirera, abana bavuka bagatabwa canke bakaba bavutse kubavyeyi bafise indwara zo mumutwe.

Akaba yavuze ko ihangiro ari uko barera abo bana baze bagaheza bakumva ko bari kumwe n’abavyeyi naho ataribo babibarutse k’ubw’amaraso.

Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA, Umunyamabanga Ntayegayezwa Mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari kumwe n’abana bo mu kigo maison Cana co ku Buterere (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA, Umunyamabanga Ntayegayezwa Mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yamenyesheje kandi ko Leta y’Uburundi yisunze amasezerano mpuzamakungu ajanye n’agateka k’abana, iritayeho bimwe biboneka ineza ya zina mwana wese, yaba umurundi canke uwuba mu Burundi, na cane cane abana bari mu ngorane.

Aho akaba yatanze uturorero tw’impfuvyi, abana bari mu miryango itishoboye, abana bagendana ubumuga, abana bataba mu miryango kubera imvo izi canke ziriya bagaca baja mu ma barabara canke mu bigo , abana bari mu mirwi yahora ikumiriwe nka ba nyamwema canke abatwa, abana bakoreshwa ibikorwa bibarengeye,…

Yasavye abo bama bitangira ubuzima bw’abo bana kwama na ntaryo babareresha indero runtu, kandi babafashe guhitamwo ico bazoba ni bashika mu bigero.

Nyakubahwa Felix NGENDABANYIKWA, Umunyamabanga Ntayegayezwa Mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko arashikiriza akaganukwe k’imisi mikuru (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yavuze ati : « Aha muri aba bana, turizeye ko hazovamwo abasaseredoti, ababikira, abanyamabanga ntayegayezwa, abigisha… » ati « mubafashe rero guhitamwo neza, natwe twatoranye kwama tubashigikira muri ivyo bikorwa vyiza mukora ».

Mu kurangiza yaciye ahereza abana akaganuke ka Noël n’Umwaka mwiza w’2022.

Ifoto rusangi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya ko muri ico gikorwa yari yaherekejwe na bamwe mu basanzwe bitaho ineza y’umwana bakorera mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →