29 mars 2024

Uburundi bwarateye intambwe idasanzwe mugufata ingingo zorohereza abakurambere bacu ugereranije n’aho hambere haheze

Ivyo bikaba vyavuzwe na Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA, Umunyamabanga Ntayegayezwa Mu bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira mu birori vyo guhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abageze muzabukuru wabaye ku rwego rw’igihugu kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 20 Gitugutu 2022 I Munanira muri Komine Rutegama Intara ya Muramvya.

Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA, Umunyamabanga Ntayegayezwa Mu bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yavuze izi zikurikira:

  • Gushiraho Politike y’igihugu ijejwe gukingira no gutegekaniriza kazoza abenegihugu;
  • Gushiraho ikigega kijejwe gutororokanya uburyo bwo gushira mu ngiro imigambi yo gukingira no gutegekaniriza kazoza abenegihugu (FAPS);
  • Gushiraho Ibwirizwa ryerekeye igitabu c’amategeko agenga ugukingira n’ugutegekaniriza kazoza abanyagihugu mu Burundi (Code de la Protection Sociale au BURUNDI);
  • Kugiriranira amasezerano n’ibigo canke amashirahamwe yitaho abageze mu zabukuru, ivyo bikaba bituma tubaha agafashanyo (subsides) ku mwaka ku mwaka tutibagiye kubarihira amatara n’amazi ndetse n’ugufasha kugira ngo imfashanyo zivuye hanze zigenewe abageze mu za bukuru zibashikire atakirinze gutangwa;
  • Kugendera ivyo bigo tukabironsa ibipfungurwa n’utundi twankenerwa;
  • Kuvuza k’ubuntu ba ntahonikora bageze mu za bukuru;
  • Gutegekaniriza kazoza no kuvuza abageze mu za bukuru baba bari abakozi ba Leta;
  • Kwemeza inyongera yo ku Masezerano y’Afrika agenga agateka ka zina muntu n’imibereho y’abantu ijanye n’agateka k’abageze mu za bukuru, n’ibindi.

 

Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA akaba yamenyesheje ko ari muri iyo ntumbero kandi yo kubandanya kwitaho abo bageze muzabukuru, babicishije mw’ishirahamwe ryo kuvuzanya ku bakozi ba Leta (Mutuelle de la Fonction Publique), abakukurutse batanguye kuvuzwa ukuri kwamye k’ubuntu nk’ukwo Nyenicubahiro Evariste NDAYISHIMIYE, Umukuru w’igihugu c’Uburundi yari yarivumereye mu birori vy’ukwimikwa, iyo ikaba ari intambwe idasanzwe kandi n’izindi ngingo nziza zizobandanya zifatwa harimwo n’iduzwa kuri k’akazamuzo karonswa abageze mu zabukuru gutyo umurundi wese yumve ko atunganiwe mu gihugu camwibarutse.

Naho yadondaguye ibitari bike Leta ikorera abageze mu za bukuru, yavuze ko atawokwirengagiza kandi ko hakiriho abakurambere atari bake bugarijwe n’ibibazo bitandukanye aho ndetse hari nabirirwa barakubagurwa bahogwa uburozi canke banyagwa amatongo.

Ngo bamwe bakivugira ata n’isoni ngo « URUKWAVU RURAKURA BAKARURYA » kandi umwibutsa w’ukuri ari “URUKWAVU RURAKURA RUKONKA UMWANA ».

Yasavye abafise ingeso benizo ngo bikebuke, babafashe riho kugira  abakurambere bacu bazorangize neza urugendo bariko gutyo ko « Batumwereye imvanda, natwe tubamwere imvi ».

Abageze mu zabukuru (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yibukije abari aho ko Duhiriwe duhishije haheruka gushirwaho abahuza bo ku mitumba, akizera ko bagiye gufasha ata nkunzi kugira abageze mu zabukuru bahora barenganywa mu manza na cane cane abapfakazi banyarwa ivyabo canke bakabisohorwamwo baheze batunganirizwe uhereye mu kibano nyene.

Ati « Leta y’Uburundi “ LETA MVYEYI, LETA NKOZI’’ turizeye ko izobandanya ikora ukwo ishoboye kwose kugira ngo buke buke abageze muzabukuru bagende bagira akarusho aha tukaba twemeza ataguhigimanga  ko inyishu ya mbere ibereye iri muri ca gikorwa co gushigikirana mu kibano tumaze imyaka itanu duhimirizwa kwitabira ».

Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA, Umunyamabanga Ntayegayezwa Mu bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Ikindi Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA yashikirije, yavuze ko bagiye kwihatira gushiraho, n’itegeko ry’igihugu ryo guherekeza ya nyongera yo ku Masezerano y’Afrika agenga agateka ka zina muntu n’imibereho y’abantu ijanye n’agateka k’abageze mu za bukuru Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu yashirako umukono kw’igenekerezo rya 28 ndamukiza, uyu mwaka nyene turimwo kandi ko n‘imbere yo gutangura ibirori  babanje kugira urugando rwo kwiga integuro y’iryo tegeko.

Ati « ni umunsi mukuru wanyu, twaje tubazaniye n’akaganuke kagizwe n’ibifungurwa hamwe n’ibindi vya nkenerwa, Ni mwamara kukaronka, muze kugashira k’umutima ushima turazi ko uwushiha atawo mwigeranye, umwe wese aze kubwira mugenzi we ati uyu musi uragahoraho, ati Imana Ishimwe, turaramvye!!! »

 Imbere yo kurangiza rino jambo, akaba yarashimiye icese abo bose bitanze batiziganya kugira urwo rubanza rugende neza, agashimira kandi abo bose bitanze kugira ngo uburyo buboneke atnze akarorero k‘umuryango w’abafurera BENEYOZEFU ushigikiwe na ‘‘Solidarité Mondiale‘‘, ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu mu Burundi ‘‘OMS‘‘, n‘abandi.

Eka ntiyibagiye gukengurukira ibigo n‘amashirahamwe hamwe n’abantu bose bitanga batiziganya kugira ngo na ntaryo abageze mu zabukuru bame babona ko kuramba ari imigisha atari imivumo.

Nyakubahwa Umuyobozi mwishikira mu biro vya buramatari w’Intara ya Muramvya (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Umuyobozi mwishikira mu biro vya buramatari w’Intara ya Muramvya akaba ashima cane abitanga bose ngo abageze mu zabukuru bagire amagara meza kandi agateka kabo kagume kubahirijwe.

Yavuze ko intara yose ya Muramvya ifise abageze mu zabukuru bagera ku 583 agashima ukungene amakomite yo gukinga no gutegekaniriza kazoza abenegihugu ari kukivi.

Akaba yarangije asaba abantu bose kubandanya bitaho abageze muzabukuru kuko aribo batugejeje ngaha.

Furera arongoye umuryango w’abafurera bene Yozefu (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe furera arongoye umuryango w’abafurera bene Yozefu, yavuze ko bakenguruka ingingo yafashwe na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu  c’Uburundi yo kuvuza kubuntu abageze mu za bukuru.

Yavuze kandi ko amashirahamwe n’Ibigo vyitaho abageze mu zabukuru barajwe ishinga no kwunganira Reta y’Uburundi kugirango agateka k’abo bakurambere bacu kubahirizwe, gakingirwe, kugirango basozere neza ubuzima Imana yabahaye.

Yaboneyeho gutera akamo amashirahamwe mpuzamakungu asanzwe ashigikira Reta mu migambi y’iterambere ngo yunganire bimwe biboneka ivyo bigo kukobifise uruhara runini mw’iterambere ry’igihugu.

Akaba kandi yavuze ko Umuryango w’abafurera bene Yozefu ushimira amashirahamwe ya OMS na Solidarité Mondiale, ku mfashanyo yabo badasiba kubaronsa, kugirango bashobore gufasha abageze mu zabukuru bo mu makomine ya Giheta, Ntabihanga na Rutegama.

Uwaserukiye Ishirahamwe OMS muri ivyo birori (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Uwaserukiye Ishirahamwe OMS muri ivyo birori akaba yamenyesheje ko urugero rwo kubaho muri afirika (Esperance de vie ) ari imyaka 56 kandi ko bashimishwa n’ukungene reta y’uburundi iguma yitaho ineza y’bageze mu zabukuru.

Agashimishwa n’itegegeko ririko ririyumvirwa gushirwaho kugirango abageze mu zabukuru nabo babandanye bitabwaho bishemeye.

Yavuze ko ko iru shirahamwe rizobandanya rishigikira Reta y’Uburundi mu migambi yayo yo gutunganiriza abenegihugu na burya abageze mu zabukuru hari umuco wo kubasonera.

Uwaserukiye abageze mu zabukuru (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Uwaserukiye abageze mu zabukuru nawe mw’ijambo ryiwe akaba yarashimye ingingo ya reta yo guha pansion yisununuye abakukurutse inyuma y’umwaka w’2022, ariko agasaba ko n’ab’imbere y’uwo mwaka bokwiyumvirwako.

Mu vyerekeye amagara y’abantu, Asaba ko abageze mu zabukiuru bovurwa co kimwe n’abana bari munsi y’imyaka itanu hamwe n’abakenyezi bibungenze.

Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA, Umunyamabanga Ntayegayezwa Mu bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya ko mu mpera zivyo birori, abageze mu zabukuru baronkejwe ibifungurwa n’ibikoresho bigizwe n’isabune, umuceri , ifu y’ubuyi hamwe n’ibiharage.

Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA, Umunyamabanga Ntayegayezwa Mu bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Abanyeshure kandi b’abatwa batoye ikibazo ca reta co mu mwaka w’icenda, ubu bari mu ndaro ngaho mu ntara ua Muramvya bakaba bararonkejwe ibikoresho vy’ishure bigizwe n’ivarize, amashuka, indobo, ibirato, imyamabro y’impuzu za uniforme, cologate, n’ibindi harimwo n’amafaranga yo kwikenura muvyo bakenera bari kwishure.

Gutyo bakaba bahamagariwe kwiga n’umwete mwinshi, babayeho nk’uko abandi banyeshure babayeho, gutyo ngo iyo miryango nayo iheze itere imbere.

Nyakubahwa Patiri mukuru wa Paruwase Munanira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Patiri mukuru wa Paruwase Munanira akaba nawe yarashimye cane kubona abana b’abanyeshure b’abatwa bitabwaho na reta, aca avuga ko iyo paruwasi Munanira yari yarafashe ingingo yo gufasha n’imiburiburi umunyeshure umwe agaheza na kaminuza, babicishije mu mibano rukristu.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →