10 décembre 2024

Umunsi mpuzamakungu wahariwe umwigeme n’akaryo ko gutereza amaso inyuma ngo barabire hamwe intambwe bamaze gutera mw’iyubahirizwa ry’agateka kabo

Kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 30 gitugutu 2024, harahimbajwe mu gisagara ca Bujumbura, umunsi mpuzamakungu wahariwe umwigeme.
Ibirori nyezina bikaba vyabereye mu muri zone ya Kinama, mu ngoro y’amanama y’ikigo citiriwe umuryango mweranda. Uwo munsi ukaba wahimbajwe ki civugo kigira giti : « Imbona kazoza y’umwigeme ishigikirwe ku bwa kazoza keza kuri twese ».
Mw’ijambo ryiwe, Nyakubahwa Imelde Sabushimike, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yateye iteka ivyo birori yamenyesheje ko ico civugo gihamagarira umuntu uwo ariwe wese kwumviriza no gushikigira indoto z’abigeme kugira ngo bashobore kwiteza imbere no guteza imbere igihugu cabibarutse.
N’umunsi uha akaryo ibihugu ngo birabire hamwe aho bigejeje mu gushira mu ngiro ivyo vyiyemeje mu ntumbero yo guteza imbere agateka k’umwigeme.
Ni akaryo kandi k’ubigeme ko gutereza amaso inyuma ngo barabire hamwe intambwe bamaze gutera mw’iyubahirizwa ry’agateka kabo hamwe no gushikiriza ivyorangurwa kugira ngo ibibabangamiye bigabanuke.  Yaratanze impanuro kubigeme aho yabasavye kwigenza neza bakagira indero runtu bakongera bagakorana umwete kugira biteze imbere, bongere barwanye ivyo vyose vyobasamaza.
Nayo uwaserukiye abigeme arashima ibimaze kurangurwa na Reta y’Uburundi mu ntumbero yo guteza imbere agateka k’abigeme. Akaba yasavye ko abigeme bobandanya bafashwa mu bitari bike nko mukuronswa ivyankerwa biharije nk’ibkoresho bakenera mugihe bari mu butinyanka, n’ibindi.

Uwaserukiye ishirahamwe mpuzamakungu rikurikirana ivyerekeye irwirirana ry’abantu « FNUAP » akaba yamenyeshejeko bazokwama bashigikira Reta y’Uburundi mu migambi yayo y’iterambere harimwo niyo gushigikira umwigeme.