18 avril 2024

Umwe wese nashimire Imana uko ameze

Ivyo biri mu majambo yashikirijwe na Nyakubahwa TWAGIRIMANA Laetitia, Umuyobozi ajejewe kurwanya amabi afatiye kugitsina mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agatekaka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wambere Igenekerezo rya 22 Myandagaro 2022 I Bujumbura aho bariko bariko baratanga inyigisho zo kurwanya amabi afatiye kugitsina, ku murwi w’abagendana  ubumuga butandukanye harimwo no kutumva no kutavuga hamwe no gukingira agateka kabo.

Nyakubahwa TWAGIRIMANA Laetitia, Umuyobozi ajejewe kurwanya amabi afatiye kugitsina mu bushikiranganji bwo gushigikirana, Imibano, Agatekaka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yavuze ko Reta y’Uburundi ibicishije mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina muntu n’Iterambere ridakumira yihaye intumbero yo kugwanya amabi afatiye ku gitsina asanzwe yibonekeza kw’isi yose tutibagiye mu gihugu c’Uburundi.

yavuze ati: “Ayo mabi aribonekeza mu bice bitandukanye vy’igihugu cacu kandi akaba abangamiye ubuzima bwa kiremwa muntu yaba abana abakukuze, abatama n’abatamakazi tutibagiye n’abagendana ubumuga.

Nyakubahwa TWAGIRIMANA Laetitia, Umuyobozi ajejewe kurwanya amabi afatiye kugitsina mu bushikiranganji bwo gushigikirana, Imibano, Agatekaka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yaribukije abari aho ko hariho ihohoterwa rifatiye ku gitsina rikorerwa abagendana ubumuga bivanye n’uko yavutse aca atanga akarorero k’abafata ku nguvu abagendana ubumuga ngo niho boca batunga canke abanyamwema bakabica bakaja kubagurisha ku batakaje akaranga ka kiremwa muntu, basigaye   bameze nk’ibikoko birya abandi bantu kuko abakora ayo mabi badatora, ivyo navyo bikaba bifise ingaruka mbi k’uwayakorewe, ku muryango wiwe ndetse no ku gihugu cose, hakaba n’abicwa inyuma yo gukorerwa ayo mabi kugira ababikoze ntibamenyekane.

Mu ngaruka mbi Nyakubahwa Laetitia TWAGIRIMANA yashikirije ni nyishi cane harimwo abatwaye inda batipfuzatutibagiye uwo mwana azoba avutse ingorane aheza akagira, abahevye amashure kubera ubwo bubegito bwa bamwebamwe, abanduye ingwara zidakira n’ibindi.

Nyakubahwa TWAGIRIMANA Laetitia, Umuyobozi ajejewe kurwanya amabi afatiye kugitsina mu bushikiranganji bwo gushigikirana, Imibano, Agatekaka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari kumwe n’uwusigurira abatavuga kandi batumva (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mu ntumbero yo kurwanya ayo mabi afatiye ku gitsina, yavuze ko ibitari bike bimaze kurangurwa:

  • Umugambi w’igihigu wo kurwanya amabi afatiye kugitsina n’integuro y’ibikorwa nyamukuru bizorangurwa mu kiringo c’imyaka 5 (2018-2022) ;
  • Ishirwaho ry’integuro y’ibikorwa bizorangurwa mubijanye n’ingingo ya 1325 yerekeye abakenyezi, amahoro n’umutekano y’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe amahoro  n’umutekano;
  • Mu kurwanya amabi afatiye ku gitsina,harabayehoibwirizwa inomero 1/13 ryo ku wa 22 nyakanga 2016 ryerekeye ugukinga n’uguhasha amabi afatiye ku gitsina hamwe n’ugukingira abakorewe ayo mabi;
  • Harashizweho ibigo bijejwe gufasha abakorewe amabi afatiye ku gitsina muntara za gitega, makamba, cibitoke, muyinga na Rumonge.
  • Gutunganya amasekeza ahamagarira abantu kuhindura inyifato n’ingendo mukurwanya amabi afatiye ku gitsina, akarorero itanguzwa ry’isekeza ryo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi Ishirwaho ry’ihuriro ry’abakenyezi mu burundi n’ibindi bitari bike tutiriwe turadondagura
Nyakubahwa TWAGIRIMANA Laetitia, Umuyobozi ajejewe kurwanya amabi afatiye kugitsina mu bushikiranganji bwo gushigikirana, Imibano, Agatekaka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa TWAGIRIMANA Laetitia yarongeye avuga ko ari  muri iyo ntumbero Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwatunganije inyigisho ku bagendana ubumuga bwo kutumva zo kurwanya amabi afatiye ku gitsina no guharanira agateka kabo kugira nabo bamenye ayo mabi ay’ariyo bongere bamenye kuyikingira, iyo hagize uwo ashikira naho, amenye aho ashobora kwitura bamufashe. Ikaba ibaye inyigisho igira kabiri ku murwi w’abagendana ubumuga nk’ubwo.

Bamwe mu jejwe intwaro bari batumiwe muri izo nyigisho ‘Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Izo nyigisho zikaba zari zatumiwemwo abajejwe intwaro ku rwego rwu’umutumba ari nabo bama bari hafi y’abo bagendana ubumuga mu kibano, bakaba bazi n’ingorane bakunda kuba bahura nazo mu kibano.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →