Kiremwamuntu wese yaba umwana canke uwukuze, n’abakenyezi batibagiwe, arafise uburenganzira bwo gushikiriza iciyumviro ciwe, mu gihe kidahungabanya umutekano canke ngo kibe intambamyi yo kubaho neza kuri buri muntu wese. Uburenganzira bwo gushikiriza iciyumviro burafise ingene amategeko yaba mpuzamakungu canke ay’Uburundi yabutegekanije.
- Ingene amategeko mpuzamakungu ategekanya ubwo burenganzira
Uburenganzira bwo gushikiriza iciyumviro butegekanijwe n’amategeko mpuzamakungu atandukanye: itangazo mpuzamakungu ry’agateka ka zinamuntu, amasezerano mpuzamakungu mu vy’uburenganzira bw’abantu mu kwitunganiriza ivyabo no mu vyerekeye poritike, amasezerano mpuzamakungu yerekeye agateka k’abana hamwe n’amasezerano ya Afrika yerekeye agateka ka zinamuntu n’ak’abenegihugu.
a. Mw’itangazo mpuzamakungu
Kiremwamuntu wese, arafise uburenganzira bwo guserura iciyumviro ciwe.Tubisanga mu ngingo ya 19 ivuga ko “umuntu wese afise uburenganzira bwo guserura ivyiyumviro vyiwe. Ni ukuvuga ko ata muntu yogira umutima uhagaze ku vyerekeye ivyiyumviro vyiwe, ko ashobora kurondera n’ukumenyesha amakuru n’ivyiyumviro mu mihingo yose, mu buryo ubwo ari bwo bwose”
b. Mu masezerano mpuzamakungu mu vy’uburenganzira bw’abantu no mu vyerekeye politike
Ntamuntu n’ umwe yogirirwa nabi kubera ivyiyumviro vyiwe. Biri mu ngingo ya 19 ivuga ko “atamuntu n’umwe yogirirwa nabi kubera ivyiyumviro vyiwe. Ibandanya ivuga ko umuntu wese afise uburenganzira bwo kuvuga iryo agona, ubwo burenganzira bukaba burimwo umwidegemvyo wo kurondera, kuronka no gukwiza amakuru n’ivyiyumviro vy’ubwoko bwose, ata karimbi mu mbibe z’igihugu, ari amakuru avurwa ku munwa, mu nyandiko canke mu buhinga canke mu bundi buryo bwose yitoreye”.
c. Mu masezerano mpuzamakungu yubahiriza agateka k’abana
Uburenganzira bwa muntu bwo guserura iciyumviro ciwe, burategekanijwe kandi no ku bana. Tubisanga mu ngingo ya 12 ivuga ko, “ibihugu vyemeje ayo masezerano, bitegerezwa guha umwana wese amaze guca ubwenge, uburenganzira bwo guserura iciyumviro ciwe ku kibazo cose kimwerekeye. Irongerako ko umwana wese ategerezwa guhabwa akaryo ko kwumvirizwa ku bimwerekeye, haba muri sentare, mu ntwaro, mu mashirahamwe atandukanye ndetse n’ahandi hose hashobora gufatirwa ingingo zimwerekeye”.
Ingingo ya 13 iza yunganira iya 12, kuko ivuga ko “umwana wese afise uburenganzira bwo guserura ico yiyumvira. Muri ubwo burenganzira, harimwo ukurondera, ukuronka n’ugukwiragiza amakuru n’ivyiyumviro vy’ubwoko bwose, iyo biva hose, ibiciye mu mvugo, mu nyandiko, mu bicapo canke hakurikijwe ubundi buryo umwana yitoreye”.
d. Mu masezerano ya Afrika yubahiriza agateka ka zina muntu n’ak’abenegihugu
Umuntu wese arafise uburenganzira bwo guserura iryo agona hamwe no kumenyesha abandi ivyiyumviro vyiwe, ariko yisunze amategeko n’ amabwirizwa.Tubisanga mu ngingo y’9 mu gace kayo ka 2 ivuga ko “umuntu wese afise uburenganzira bwo guserura iryo agona kandi agashobora kumenyesha abandi ivyiyumviro vyiwe yisunze amategeko n’amabwirizwa”.
Biragaragara ko iyi ngingo iha uburenganzira bwo gushikiriza icimviro abantu bose muri rusangi, itaravye umugabo, umukenyezi canke umwana.
Mu ncamake, amategeko mpuzamakungu atandukanye arategekanya uburenganzira bw’umuntu wese bwo gushikiriza iciyumviro. N’amategeko y’Uburundi arategekanya ubwo burenganzira.
- Ingene amategeko y’Uburundi ategekanya uburenganzira bwo
gushikiriza iciyumviro.
Mu mategeko y’Uburundi, tuja kwisunga ibiri mw’Ibwirizwa Shingiro, mw’ibwirizwa n°1/19 ryo ku wa 14 nyakanga 2018 rigenga ibimenyeshamakuru mu Burundi, mw’itegeko inomero 100/167 ryo ku wa 5 ruheshi 2012 rishiraho ihuriro ry’urwaruka hamwe n’ibiri mu gitabu c’amategeko mpanavyaha.
Mw’Ibwirizwa Shingiro
Uburenganzira bwa muntu bwo gushikiriza iciyumviro, butegekanijwe mu ngingo ya 31 nayo ivuga ko “umuntu wese afise uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro vyiwe. Reta irubahiriza ubwigenge bw’umuntu bw’ukuja mw’idini ashaka, ugushikiriza ivyiyumviro vyiwe n’ugukurikiza umutimanama wiwe”.
Mu gushimangira iyo ngingo ya 31, ku vyerekeye imice y’ abarundi muri rusangi nk’ uko amasezerano y’ i Arusha yabishitseko n’ abakenyezi batibagiwe, hampande y’uburenganzira bwa kiremwamuntu twavuze aho hejuru, ishirwa ryabo mu nzego zitandukanye z’igihugu, rituma baronka akaryo ko guterera ibikorwa n’ ivyiyumviro vyabo mw’ituganywa ry’ubuzima bw’igihugu, kugira kiremwa muntu wese yubahirizwe mu burenganzira bwiwe bwo gushikiriza iciyumviro.
Ni kuri iryo hangiro, vyashizwe mu ngingo y’169 y’Ibwirizwa Shingiro ivuga ko “ Inama Nshingamateka igizwe n’imiburiburi n’abashingamateka 100 barimwo 60% b’abahutu na 40% b’abatutsi bose hamwe harimwo abashingamateka b’abakenyezi n’ imiburiburi ibice 30% vy’abatowe n’abenegihugu bagatorerwa ikiringo c’imyaka itanu, harimwo n’abashingamateka batatu b’abatwa bongeweko nk’uko ibwirizwa rigenga amatora ribitegekanya mu gace ka mbere k’ingingo yaryo y’108 ”.
No mu nama nkenguzamateka, abakenyezi barafise ikibanza gituma uburenganzira bwabo bwo gushikiriza iciyumviro buguma bwubahirijwe. Tubisanga mu ngingo ya y’185 mu gace kayo ka 2 ivuga ko “ mu bagize Inama Nkenguzamateka hategerezwa kubamwo n’imiburiburi ibice 30 % vy’abakenyezi.
Uburenganzira bwo gushikiriza iciyumviro ngaha mu Burundi burutegekanijwe no ku bana. Itegeko ry’ umukuru w’Igihugu no 100/167 ryo ku wa 5 ruheshi 2012 rishiraho ihuriro ry’urwaruka, kuva ku mutumba gushika ku rwego rw’ Igihugu.
Rigizwe n’abana 7 batorwa ku mutumba, 7 batorwa muri komine, 2 batorwa ku rwego rw’intara. Abatowe ku rwego rw’intara bagiye hamwe bagira iryo huriro ku rwego rw’igihugu.
Iri huriro ni urwego abana bashikirizamwo ivyiyumviro vyose muri rusangi, na cane cane ivyiyumviro vyerekeye uburenganzira bwabo, nk’ uko tubisanga mu gace ka 5 k’ ingingo ya mbere y’ iryo tegeko.
N’aho uburenganzira bwo gushikiriza iciyumviro butegekanijwe n’amategeko mpuzamakungu hamwe n’amategeko y’Uburundi, iyo umuntu yinyegeje inyuma y’ubwo burenganzira agakora ibinyuranye n’amategeko, ibwirizwa n°1/19 ryo ku wa 14 nyakanga 2018 rigenga ibimenyeshamakuru mu Burundi, ryarategekanije ivyo kwiyubara.Tubisanga mu ngingo za 53 hamwe no mu ya 55 zaryo.
Ingingo ya 53 ivuga ko “ umumenyeshamakuru wese ategerezwa kwirinda ico cose cotuma ashikiriza inkuru itariyo kugira ntakurikiranwe n’ubutungane ”.
Ingingo ya 55 nayo ivuga ko “ umumenyeshamakuru canke uwundi wese ariko arashikiriza inkuru ategerezwa kwubahiriza ivyiyumviro vy’abandi mu vyerekeye poritike, ukwemera canke ivy’ abandi bose, ariko arashikiriza inkuru, n’aho ivyiyumviro vyabo vyoba binyuranye na rwiwe ”.
Vyongeye, igitabu c’amategeko mpanavyaha c’Uburundi kirategekanya ibihano bihabwa uwinyegeje inyuma y’ uburenganzira bwo gushikiriza iciyumviro, bikagaragara ko ariko aratukana canke ariko aratesha agaciro abandi.Tubisanga mu ngingo ya 265 ivuga ko “ uwo wese mu majambo avuga ariko arashikiriza ivyiyumviro vyiwe, bigaragaye ko ariko aratuka umuntu kandi akabikora ku mugaragaro, ahanishwa umunyororo uva ku kwezi kumwe gushika ku mwaka n’ihadabu riva ku mafaranga ibihumbi cumi gushika ku bihumbi ijana vy’amafaranga y’amarundi canke igihano kimwe muri ivyo conyene ”.
Uretseko abantu dutegerezwa kwubahana hagati yacu, dutegerezwa no kwubaha inzego z’igihugu, mu gihe turiko turashikiriza ivyiyumviro vyacu.
Niyo mpamvu ingingo ya 394 ivuga ko “uwagiriwe n’icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu mu vyiyumviro ashikiriza, ahanishwa umunyororo uva ku mezi atandatu gushika ku myaka itanu n’ihadabu riva ku mafaranga ibihumbi cumi gushika ku bihumbi mirongo itanu vy’amafaranga y’amarundi”.
Nk’ uko tubisanga kandi mu gace ka mbere k’ ingingo y’ 396, “uwagiriwe n’icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu, umushingamateka, umushikiranganji, umucamanza, umukozi wa Reta, icariho c’uburongozi canke uwujejwe umutekano mu gihe ariko arangura amabanga yashinzwe, ahanishwa umunyororo uva ku mezi atandatu gushika ku myaka ibiri n’ihadabu riva ku mafaranga ibihumbi mirongo itanu gushika ku bihumbi ijana canke agahanishwa igihano kimwe muri ivyo conyene”.
Biragaragara ko n’ aho gushikiriza ivyiyumviro ari uburenganzira bwa zina muntu wese, uwushaka gushikiriza ivyiyumviro vyiwe asabwa kwisunga amategeko n’ amabwirizwa.
Aha duca tubona ko uburenganzira bwo gushikiriza iciyumviro bufise aho bugarukira na kare uburenganzira bwa muntu bugarukira na cane cane aho ubw’ uwundi butangurira.
Mu gusozera, twovuga ko uburenganzira bwo gushikiriza iciyumviro bwugururiwe umuntu wese, abakuze n’abana, abagabo n’abakenyezi, kandi ko iyubahirizwa ryabwo ritegekanijwe n’amategeko yaba ayo ku rwego mpuzamakungu ndetse n’amategeko y’Uburundi. Twovuga kandi ko iyubahirizwa ry’ubwo burenganzira rifise aho rigarukira, kuko uwushikirije iciyumviro mu gihe adakoresheje urupfasoni, arahanwa nk’uko amategeko yabitegekanije.
15 ruheshi 2025