- Kw’Igenekerezo rya 09 myandagaro, uko umwaka utashe, amakungu arahimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe Abasangwa butaka.
- Uwo musi mukuru washinzwe mu nama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu ngingo yayo ya A/RES/49/214 yemejwe igenekerezo rya 23 kigarama 1994.
- Uyu mwaka, Amakungu azohimbaza uwo musi ku civugo kivuga kiti : « UMUGERA WA KORONA N’INGENE ABASANGWABUTAKA BOWIKINGIRA». Aha mu Burundi twashimye kwisunga iki civugo ngo : « GUHANGANA N’IKIZA C’UMUGERA WA KORONA NO GUSHIKIGIRWA MU VY’IMIBANO N’UBUTUNZI KU MIRYANGO Y’ABATWA ».
- Reta y’Uburundi ntaco idakora kugira ngo abarundi bose bubahirizwe kumwe mu gateka kabo. Ni muri iyo ntumbero Reta yafashe ingingo zihambaye zo gushigikira Abatwa mu bibazo bitandukanye vy’ubuzima bwabo bwa misi yose.
- Uburundi bwaratunganije imigambi irashe ituma abenegihugu biteza imbere abatwa nabo nyene badasigaye inyuma.
- Muri politike naho nyene, Abatwa baraserukiwe mu nzego zitandukanye z’intwaro y’igihugu no mu bindi bisata bitandukanye bifata ingingo.
- Reta y’Uburundi ibicishije mu Bushikirangani bw’Amagara y’Abantu no kurwanya Sida, yarafashe ingongo yo kurwa ico kiza mu mugambi : « NDAKIRA, SINANDURA kandi SINANDUZA » Abatwa nabo nyene izo ngingo zikaba ziberekeye kuko ni abarundi nk’abandi.
- Ngaha mu gihugu cacu, uwo musi mukuru mpuzamakungu azohimbarizwa kumurwa mukuru wa Komine Nyabihanga mu Ntara ya Mwaro, kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro 2020.
- Duhamagariye abenegihugu bose na cane cane abo mu ntara ya mwaro kuzosidukana n’iyonka mu guhimbaza uwo musi.
Murakoze !