1. Kw’igenekerezo rya mbere Gitugutu uko umwaka utashe, Uburundi bwama bwifadikanya n’amakungu mu guhimbaza Umunsi Mpuzamakungu Wahariwe Abageze mu Zabukuru.
2. Icivugo Mpuzamakungu c’uyu mwaka kikaba ari iki « Twiteho twongere tubungabunge amagara y’abageze muzabukuru kugira basazane iteka ».
3. Ngaha mu Burundi, uwo munsi mpuzamakungu uzohimbazwa ku civugo kivuga giti : « Twese hamwe, duharanire gusazana iteka n’ amagara meza ku bageze muzabukuru.
4. Reta y’Uburundi iramaze kurangura ibitari bike mu mubijanye no gukinga hamwe n’ugutegekaniriza kazoza keza abeneguhugu, abageze muzabukuru badasigaye inyuma, , aha twovuga nk’ibi bikurikira :
Kugiriranira amasezerano n’ibigo canke amashirahamwe yitaho abageze mu zabukuru, ivyo bikaba bituma tubaha agafashanyo (subsides) ku mwaka ku mwaka, tutibagiye kubarihira amatara n’amazi ndetse n’ugufasha kugira ngo imfashanyo zivuye hanze zigenewe abageze mu za bukuru zibashikire atakirinze gusabwa;
Kugendera ibigo vyitaho abageze muzabukuru, tukabironsa ibipfungurwa n’utundi twankenerwa;
Gushigikira imigambi yo kwiteza imbere y’ibigo n’amashirahamwe yitaho abageze muzabukuru;
Gushiraho umunsi mukuru wahariwe gushigikirana mu kibano, kuva muri mukakaro umwaka w‘2018;
Kuvuza k’ubuntu ba ntahonikora bageze mu za bukuru;
Kwemeza amasezerano ya Afrika yo kwitaho abageze mu zabukuru;
Kuvuza ijana kw’ijana abakukuruke bakoresheje Mitiweri y’abakozi ba Reta;
5. Naho tudondaguye ibitari bike Reta ikorera abageze mu za bukuru, ntitwokwirengagiza kandi ko hakiriho abakurambere atari bake bugarijwe n’ibibazo bitandukanye bijanye no kuronka ivyankenerwa vyo kubaho neza mu buzima bwabo bwa misi yose, aho ndetse hariho nabo tukibona bagifise agatima ko gusegerereza.
6. Kuri ivyo bibazo vyose, Reta y’Uburundi yiyemeje kubandanya ikora ukwo ishoboye kugira ngo bukebuke abageze muzabukuru bagende bagira umwizero gutyo babone ko «kuramba atari umuvumo ahubwo ari umugisha». Mbere hakaba hariko harategurwa itegeko ryo gukingira abageze muzabukuru;
7. Ngaha mu gihugu cacu, uwo munsi mukuru uzohimbarizwa mu kibumbu,komine kayokwe, mu ntara ya Mwaro kw’igenekerezo tuzobamenyesha hanyuma.
Kazoba ari akaryo keza ko gushigikira abageze mu za bukuru batowe batishoboye kurusha abandi.
8. Ni harambe gushigikira no guteza imbere hamwe nogukingira agateka k‘abageze mu zabukuru.
9. Tukaba twipfurije abageze mu za bukuru bose, umunsi mukuru mwiza!!