18 septembre 2024

Reta y’Uburundi yarashizeho ibanki yagenewe abakenyezi ngo bashobore twiteza imbere, bateze imbere imiryango yabo ndetse n’igihugu cabibarutse

Ubushikirangaji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwaratunganije kw’igenekerezo rya 5 myandagaro, mu ntara ya Bubanza, uruganda rwo guhimiriza abakenyezi ngo biteze imbere babicishije mu gusaba ingurane mu banki no yandi mashirahamwe atanga ingurane.
Nyakubahwa Imelde Sabushimike, arongoye ubwo Bushikiranganji yamenyesheje ko biragaragara ko umukenyezi ari umushinge ukomeye mw’iterambere aho ryozanana hose mu Gihugu, mu gihe yohaguruka, agakoresha ivyo igihugu kimutegekaniriza, iruhande y’ubuhinga n’ubumenyi Imana yamuremanye.
Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo iterambere ry’umukenyezi yarongeye aramenyesha ko Reta y’Uburundi imaze gukora ibitari bike ngo umukenyezi ashobore gutera imbere, ateze imbere umuryango wiwe n’igihugu camwibarutse; aha akavuga ibijanye no kwegereza ifumbire abenegihugu ku giciro kitavuna, imbuto zirobanuye, kwigisha ubuhinga bugezweho bwo kurima no kworora ngo umwimbu wongerekane gusumba, guhimiriza abenegihugu gukorera mu ma koperative, gutanga imfashanyo y’ibikoresho canke y’amafaranga ku bariko barakorera hamwe imigambi y’iterambere.
Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo iterambere ry’umukenyezi akaba yahamagariye abakenyezi b’abarundikazi kutarera amaboko ngo Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 5 myandagaro 2024,, bakorora, mbere ngo hari n’abamaze kugera ku ntambwe yo kurangura n’iyindi migambi yiyaguye y’iterambere, nk’ubudandaji buto buto na bunini, guhingura ivyimburwa no kubidandaza, gukora urudandanzwa ndengambibe, kurondera isoko y’ibidandazwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none, no mu gukoresha ubundi buhinga mw’iterambere bwari bwiharijwe n’abagabo muri rusangi.
Kuberako abakenyezi benshi b’abarundikazi badafise amikoro yobafasha kurangura imigambi y’iterambere uko bavyipfuza, yamenyesheje ko baca barangura bike bihuye n’ubushobozi bafise, hanyuma iterambere rikaba rito mu miryango, bigatuma n’iterambere rica riba rito mu kibano mbere no mu Gihugu.
Aha akaba yaboneyeho kubahimiriza kwitura amabanki n’amashirahamwe atanga ingurane kugira bashobore kurangura imigambi yo kwiteza imbere, ariko akabasaba kubanza gutegura imigambi neza.
Yarongeye arameyesha ko Reta y’Uburundi imaze kubona ko utwigoro tw’abakenyezi mw’iterambere tuguma twiyongera, yaciye ifata ingingo yo gushiraho Ibanki yitiriwe iterambere ry’abakenyezi, itanga ingurane ku nyungu itavuna ku bakenyezi bari hamwe canke bigenga bafise imigambi irashe yo kwiteza imbere.
Umuyobozi mwishikira mu biro vya Buramatari w’intara ya bubanza yavuze ko ivyigwa biheruka vyerekanye ko ibitigiri vy’abitura Ibanki y’abakenyezi mu ntara ya Bubanza biri kurugero rushimishije kuko abakenyezi barahimirijwe bikwiye kugira biture iyo banki ndetse n’aayandi mashirahamwe yo kuziganya no gutanga ingurane.
Nayo Nyakubahwa Donatienne Girukwishaka, Umuyobozi Mukuru ajejwe iterambere ry’Umukenyezi yaserukiye Umushikiranganji mukurangiza ibikorwa vy’iyo nama, nawene nyene yaratanze impanuro kuri abo bakenyezi ngo babanze bategure imigambi yabo neza imbere yo gusaba ingurane kuko vyagaragaye ko hari abafata ingurane batabanje kwiga neza ingene bazoriha ingurane basavye, bigaca bibagora kuriha.
Twobamenyesha ko Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo gushigikirana yagiye ajanye abakorera mw’ibanki yitiriwe abakenyezi BIDF, Dukuze Microfinance, Wise, CECM kugira babasigurire uturusho batanga mukuziganya no gutanga ingurane.