19 mai 2024

« Tubaha Imbuto n’amase yo gutabira kugira bigende neza »

Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Potien HATUNGIMANA, Umunyamabanga ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterimbere Ridakumira kuri uyu wa Gatatu igenekerezo rya 25 Gitugutu 2022 i Mubimbi nu ntara ya Bujumbura, aho yari aramutse agendeye komine Mubimbi yo mu ntara ya Bujumbura mu mugambi w’ubwo bushikirangnji wo kwishikira kukivi kugirango birabire uko abenegihugu bariko bariyungunganya ngo bateri imbere.

Nyakubahwa Potien HATUNGIMANA, Umunyamabanga ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterimbere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Akaba yaragendeye koperative y’abatwa baronkejwe itongo na komine Mubimbi.

Yarashimiye komine Mubimbi kuba barafashe iyanmber mu kuronsa iyo koperative y’abatwa itongo ry’intizo ringana na hegitari 2.

Yaribukije abagize iyo coperative ko ingurube ubushikiranganji bwabaronkeje bozibungabunga kugirango bazoshobore kwokorera n’abandi ba ntahonikora bari mur iyo komine.

Nyakubahwa Potien HATUNGIMANA, Umunyamabanga ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterimbere Ridakumira ariko aratera ibiraya (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Potien HATUNGIMANA yabemereko ko ubishikiranganji bujejwe gushigikirana buzobashigikira mu kubaronsa Imbuto hamwe n’ifumbire.

Akaba yavuze kandi ko ico gikorwa cakozwe no mu zindi ntara, aho mbere mu ntara ya Muyinga hoho hari umurima uteye igomwe, n’abandi nyene bakaba bagiye kuzoshigikirwa.

Nyakubahwa Potien HATUNGIMANA, Umunyamabanga ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterimbere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya ko yaciye atanguza gutera ibiraya muri uwo murima ari kumwe n’abagiye bamuherekeje bavuye mu bushikiranganji, Intumwa ya Buramatari w’intara ya Bujumbura, Musitanteri wa Komine Mbimbi hamwe n’abandi.

Nyakubahwa Potien HATUNGIMANA, Umunyamabanga ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterimbere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yaramenyesheje kandi ko urwo rugendo rwari urwo gutanguza igikorwa co kuronsa uburaro ba ntahonikora abatwa nabo badasigaye inyuma, na cane cane ikirwati kizubakwa n’ubushikiranganji ku mutumba wa Businde , kikazobamwo abahuye n’ivyago vy’umwuzurira wo mu gatumba.

Yasavye abandi barongoye amakomine kuzobandanya bashigikira ico gikorwa mu gutanga amatongo agatagara.

Nyakubahwa Potien HATUNGIMANA, Umunyamabanga ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterimbere Ridakumira ariko aratanga ibikoresho vyo kuzofasha gutaba ibibanza (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mu gihe yariko aratanga ibikoresho bizofasha kwubaka ikirwati, yavuze ko mu gihe nko mundwi zibiri boba bamaze gutaba, Ubushikiranganji bwoca butangura kuduza impome bahereye ku nzu mirongo ibiri, gutyo n’abasanzwe bafasha bobonereho aho bahera, babone ko bishoboka.

Yavuze kandi ko abenegihugu bategerezwa gukora maze ubushikiranganji buheze bubasahirize, kuko ngo hamwe bobashikiriza inzu yugaye atanakimwe bakoze, ntibobona ko inzu yabagoye ngo babone kuyibungabunga.

Musitanteri wa komine Mubimbi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe musitanteri wa komine Mubimbi akaba yavuze ko aho hambere abatwa bo muri iyo komine bari batunzwe no Kubumba ariko ko baje kuvuga ko haruhande yo kubumba bashobora no kurima ari no muri iyo ntumbero komine yaciye ibaronsa iryo tongo.

Yavuze kandi ko ubu bagiye hamwe barorora ingurube, mbere bakaba baranafyatuye amatafari bashobora kuzokuramwo imilioni zibiri (2.000 .000), mbere hakaba harimwo n’abariko bariga umwuga wo kumenyesha amakuru.

Nyakubahwa Potien HATUNGIMANA, Umunyamabanga ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterimbere Ridakumira ari ahazubakwa ikirwati (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Akaba yarashimiye cane Ubushikiranganji bujejwe gushigikirana kubona bwafashe uwo mugambi mwiza wo gushigikira abenegihugu bafise amikoro make.

Iryo rizubakwako ico kirwati rikaba ripima ihegitari 9, hakazokwubakwa inzu zishika 200 ariko kubera ko iryo tongo ari rinini, Nyakubahwa Potien HATUNGIMANA yasavye ko ahazoba hatarubakwa hashobora kuzoba hararimwa, ibivuyemwo bisahirize imiryango ifise amikoro make.

Ibikoresho (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya ko ibikoresho vyatanzwe kugirango bizofashe mu kwubaka ico kirwati ari amashipili, ibipahu, imipanga, ibibido yo kuvomesha amazi hamwe n’ibokono binibi bini vyo kubika amazi kandi bikazokora kuri chantier gusa.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →