6 mai 2025

ITANGAZO RISHIKIRIJWE NA NYAKWUBAHWA UMUSHIKIRANGANJI WO GUSHIGIKIRANA, IMIBANO, AGATEKA KA ZINA MUNTU N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA RIJANYE N’IHIMBAZWA RY’UMUNSI MUKURU MPUZAMAKUNGU WAHARIWE UMUKENYEZI MWIRIMIZI, UMWAKA 2023.

  1. Igenekerezo rya 15 gitugutu uko umwaka utashe, Uburundi burifadikanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi mwirimizi.
  2. Uyo munsi mpuzamakungu ukaba washinzwe mu nama y’isi yose igira kane yakoranije abakenyezi mvamakungu, mu gisagara ca Beijing co mu gihugu c’Ubushinwa, mu mwaka w’1995. Ukaba washinzwe mu ntumbero yo kwihweza no guha agaciro uruhara ntangere umukenyezi mwirimizi afise, mu bijanye no kugwiza umwimbu no gutunganya ibijanye no gufungura neza, tutibagiye n’ivyerekeye iterambere rusangi.
  3. Guhimbaza uwo munsi mukuru mpuzamakungu biha akaryo ama Reta n’abasanzwe bafasha muri ico gisata, ko gusuzuma ivyaranguwe mu ntumbero yo gushigikira utwigoro tw’umukenyezi mwirimizi, ndetse no mu kubakarihiriza ubwenge mu bijanye n’iterambere muvyo ubutunzi.
  4. Aha iwacu mu Burundi, uyo munsi uzohimbazwa ku civugo kivuga kiti :« Ibikorwa vy’umukenyezi mwirimizi, shimikiro ryo kurwanya ubukene n’inzara». Ico civugo kikaba gishimikira ahanini ku ruhara rudasanzwe umukenyezi mwirimizi agira mubijanye no kurwiza umwimbu, no gufungura neza ingaburo ikwiye kandi ibereye, tutibagiye no mw’iterambere ry’ibihugu.
  5. Ibirori vyo guhimbaza uyo munsi mukuru bikazobera ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge, igenekerezo rya 25 gitugutu 2023, bikazorangwa n’ihayanishwa-gurisha ry’ivyimburwa n’ibindi bikoresho bitandukanye vyahinguwe n’abakenyezi birimizi bazoba bavuye muntara zose z’igihugu, kuva kw’igenekerezo rya 25 gushika kurya 28 gitugutu uyu mwaka.
  6. Tukaba duhamagariye abenegihugu bose, cane cane abo mu ntara ya Rumonge no mu micungararo yaho, gusidukana n’iyonka bakaza kwifadikanya n’abakenyezi birimizi, mu guhimbaza uyo munsi mpuzamakungu wabahariwe, mu kubatera intege bakabagurira ivyimburwa n’ibihingurano vyavuye mu nguvu zabo.
  7. Turangije twipfuriza abakenyezi birimizi bose umunsi mukuru mwiza.
  8. Niharambe iterambere ry’umukenyezi mwirimizi.

Imana ibahezagire.

Murakoze !