24 juin 2025

Abigeme batakiri ku ntebe y’ishure na bo nyene hariho amashure y’imyuga bashobora kwigiramwo ibijanye n’ubuhinga

Ivyo ni ivyashikirijwe na Nyakwubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka Ka Zina n’Iterambere Ridakumira ku munsi Mukuru Mpuzamakungu wahariwe umwigeme, umwaka w’2023.

Ngaha mu Burundi, uwo munsi wahimbajwe ku civugo kigira kiti : « Duhimirize abigeme  kwijukira kwiga no gukora mu bisata vy’ubuhinga».

Ibirori vy’uwo munsi bikaba vyabereye muri komine Mwumba, intara ya Ngozi kuri uyu wa gatanu, igenerezo rya 20 gitugutu 2023.

Mw’ijambo ryiwe, Nyakwubahwa Imelde SABUSHIMIKE yamenyesheje ko uwo munsi usanzwe uhimbazwa igenekerezo rya 11 gitugutu ukwo umwaka utashe ariko ko uno mwaka ibirori bijanye n’uwo munsi mukuru bitashoboye gutunganywa kuri iryo genekerezo kubera ibindi bikorwa bihambaye vyari vyategekanijjwe ku rwego rw’igihugu.

Umushikiranganji yavuze ko icivugo c’uyu mwaka ciyumviriwe mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo kijanye n’ibitigiri bike vy’abakenyezi n’abigeme bakora mu bisata vy’ubuhinga. Aha yaciye aboneraho gushikiriza ko atahandi umuti ubereye kuri ico kibazo wozanana atari mu gukundisha abigeme ibisata vy’ubuhinga, gurtyo babone guhurumbira amashure yigisha ibijanye n’ivyo bisata.

Yaragarutse kukamaro ko kwiga ibisata vy’ubuhinga, aho yamenyesheje ko ivyo bisasata bifasha ababinonosoye gutegura imigambi iza ari inyishu ku bibazo vy’aho babaye; gurtyo aho kuba abarondera akazi bakaba abagatanga.

Nyakwubahwa Umushikiranganji yarongeye aramenyesha ko umunsi Mpuzamakungu wahariwe umwigeme  uha akaryo ibihugu ngo birabire hamwe intambwe bigezeko mu gushira mu ngiro ivyo vyiyemeje mu ntumbero yo guteza imbere agateka kiwe no kwiyemeza kumukingira no  kumushigikira gusumba. Ati : « ni akaryo kandi ku bigeme ko gutereza amaso inyuma ngo barabire hamwe intambwe bamaze gutera mw’iyubahirizwa ry’agateka k’abo hamwe no gushikiriza ivyorangurwa kugirango ibibabangamiye bigabanuke; gurtyo uruhara rw’abo mw’iterambere ry’imiryango n’iryo ibihugu vyabibarutse rwibonekeze gusumba.

 

Nyakwubahwa Imelde SABUSHIMIKE ntiyibagiye gukebura abigeme ko batoja ku mohe y’ababahenda ngo si vyiza k’umwigeme akwirikirana igisata iki canke kiriya c’ubuhinga, ngo hariho umwuga utabereye ku mwigeme, ngo umwigeme akora mu gisata c’ubuhinga iki canke kiriya  ntaronka umwanya wo kwitwararika umubiri wiwe uko bikwiye bigatuma ugomba kubaho nk’abagabo, ngo akazi aka canke kariya gasaba inguvu nyinshi, n’bindi.

Kubigeme batakari ku ntebe y’ishure, Nyakwubahwa Umushikiranganji yabamenyesheje ko na bo nyene hariho amashure y’imyuga bashobora kwigiramwo ibijanye n’ubuhinga.

Nayo abavyeyi yabasavye kugarukira indero y’abana, basubire kuri ya ndero yo kuziko yamye iranga abarundi. Yaboneyeho kandi kwibutsa abatanga akazi mu bisata vy’ubuhinga ko abigeme bashoboye, aca abahamagarira kubaha akazi kugirango n’abo bagire ico baterereye mu mashirahamwe yabo.

Nyakwubahwa Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo gushigikirana yaragarutse kandi ku ngorane zitandukanye zituma abigeme badashobora gushika ku ndoto z’abo zo mu buzima, nazo akaba ari nk’izi:

  • ingorane zijanye n’imico n’imigenzo zituma umwana w’umwigeme aremerezwa ibikorwa vyo mu rugo bigatuma ataronka umwanya ukwiye wo gusubiramwo ivyigwa nka musazawe ;
  • ingorane zijanye no kutaronka ivyangombwa bimwebimwe biharije mu butandukane bwabo n’abahungu, ivyo bigatuma kenshi basiba kw’ishure;
  • ingorane zijanye no kwiyumvira ko umwigeme ariwe arwiza umuryango zituma abigeme rimwe na rimwe bahatirwa gushinga izabo batavyiyumvamwo, bigatuma bubaka nabi ;
  • Ingorane zijanye no gutwara inda z’indaro ndetse bakandura n’indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka harimwo n’umugera wa SIDA ;
  • Ingorane zijanye no kudahabwa ikibanza gikwiye mu muryango zituma na we nyene atigirira icizere gikwiye, akifata nkuwudashoboye, n’ibindi n’ibindi.

Nayo Désiré MINANI, Buramatari w’Intara ya Ngozi mw’ijambo ry’ikaze, yarashimiye Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo gushigikirana kuba yashimye ko ibirori vy’uwo munsi mukuru waharimwe umwigeme bibera mu ntara arongoye. Aha na we nyene yarateye akamo abigeme kugira birinde ibibasamaza ariko bijukire amashure mbere cane cane ibisata vy’ubuhinga.

Nawe uwaserukiye abigeme, Médiatrice NIYOKWIZIGIRA, yarashimye utwigoro n’imigambi itari mike Reta y’Uburundi idasiba gutunganya kugira ngo agateka k’umwigemwe kubahirizwe gusumba. Abandanya avuga ko utwigoro twa Reta y’Uburundi nabo bafashanya twatumye umwigeme w’umurundikazi atera intambwe haba mu kwiga, gukora akazi nk’abandi no kuja mu nzego zifata ingingo.

Ntiyibagiye kugaruka ku ntambamyi umwigeme w’umurundikazi ahura nazo, ati : « naho hari vyinshi bimaze gukorwa haracari intambamyi ». Aha yaciye amenyesha zimwe zimwe nk’ibitigiri bike vy’abigeme bahurumbira kwiga ibisata vy’ubuhinga, amikoro make atuma abigeme badashobora kuronka udukoresho bakoresha iyo bari mu Butinyanka.

Niko guca asaba Reta kugabanya igiciro c’ibikoresho abigeme bakoresha bari bu butinyanka mbere bishoboka bigatangwa ku buntu cane cane  ku bigeme bari mu mashure. Nayo abavyeyi yabasavye gutera intege abigeme ngo bashobore kwiga no gokora mu bisata vy’ubuhinga.

Twobamenyako ibirori vyuwo munsi vyarangijwe no gutanga ubushimwe kubigeme bitanze gusumba abandi mu bikorwa vy’iteramber hamwe n’abanyeshure baronse amanota meza mu bisata bitandukanye.