Na Elie HARINDAVYI
Nkuko twabishikirijwe na Fabien YAMUREMYE, Umuyobozi w’Umugambi wo gusubiza mugateka abagateshejwe (Projet Cadre de Réintegration Sociale) mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, ibiharuro vyo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 17 Rusama 2021, vyerekanye ko abantu 35.555 bo mu , miryango 7 012 aribo bamaze gukinjura kubera umwuzure w’amazi ya Rusizi yuzuye agashwara amazu y’abantu.
- Abimuriwe muri site ya Sobel kw’igenekerezo rya 15 rusama 2021
Aho bavuye Ingo/imiryango Igitigiri c‘abantu Site KIGARAMANGO 365 977 ZONE GATUMBA 255 600 Bose 620 1577 - Abahunze bava muri KINYINYA na KAJAGA
Umutumba bavuyeko | Ingo | Igitigiri c‘abantu | Ingorane |
Kinyinya I | 766 | 3830 | Ntatuzu twa surwumwe bafise |
Kinyinya II | 832 | 4160 | Ntatuzu twa surwumwe kandi ntabombo y‘amazi meza |
Kinyinya III | 1443 | 7215 | Ntamahema bafise |
Bose | 3041 | 15205 | Ntatuzu twa surwumwe kandi ntabombo y‘amazi meza |
- Abahunze bava mu gatumba rapport yo ku 16 Rusama 2021
Umutumba | Ingo | Abagore | Abagabo | Igitigiri | Ingorane |
Kinyinya I | 856 | 1427 | 2854 | 4281 | 1. Harabura amazi meza
2. Ntatuzu twa surwumwe bafise 3. Ntamahema bafise 4. Ntabifungurwa bagira |
Kinyinya II | 296 | 494 | 989 | 1483 | |
Mushasha I | 425 | 708 | 1417 | 2125 | |
Mushasha II | 419 | 698 | 1397 | 2095 | |
Muyange I | 486 | 1478 | 2955 | 4433 | |
Muyange II | 339 | 564 | 1131 | 1695 | |
Gaharawe | 309 | 512 | 1033 | 1545 | |
Warumbondo | 6 | 14 | 27 | 41 | |
Vugizo | 215 | 358 | 717 | 1075 | |
Bose | 3351 | 6253 | 12620 | 18773 |
Reta y’Uburundi ikaba yaciye irungika vyihuta umurwi w’abashikiranganji kugirango birabire ivyago abo benegihugu barimwo, mu ntumbero yo gutora umuti vuba na bwango.

Nyakubahwa Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira Umupfasoni Imelde SABUSHIMIKE ari kumwe n’Umushikiranganji ajejwe Intwaro yo hagati mu gihugu, uwujejwe Ibidukikije hamwe n’Uwujejwe ibikorwa vya Reta, ni bagendeye abenegihugu batewe n’umwuzure w’amazi muri Zone Gatumba na Rukara muri Komine MUTIMBUZI, hamzwe no kuruzi Kajeke n’intatemwa zo ku Mpanda muri Komine ya Mpanda intara ya Bubanza kuri uyu wambere igenekerezo rya 17 Rusama 2021.
Mw’ijambo yashikirije abenegihugu bahungiye mu Rukaramu, Nyakubahwa Umushikiranganji w’Intwaro yo Hagati mu Giguhu Gervais NDIRAKOBUCA yamenyesheje ko bahishikiye ngo birabire, none ko bagiye gutanga raporo kubabakurira hanyuma baheze bazane inyishu mumisi ya vuba.

Umushikiranganji Gervais NDIRAKOBUCA ati: “Abahoze bapanze amazu yatewe n’umwuzure, basabwe kuja gupanga ahandi“. Yaciye asaba abajejwe intwaro kugira intonde z’abahora bafise amazu kugirango Reta izobaronderere ahandi boba gutyo ico kubazo ntikizosubira kubashikira.
Nyakubahwa Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yabasavye gutegura imitima kugirango Reta ni yabona ko ibibereye ari kubimura burundu, bazoyakire kuko nico kizoba kibereye.
Yaboneyeho gutera akamo abasanzwe bafasha Uburundi, kugira ico baterereye umwe wese bivanye n’aho aherereye kandi n’ico ashoboye, ngo ivyo rero bazobikora ata nzitizi barinze gushira imbere.
Yararemesheje abo benegihugu bagize ivyo vyago, aca abemerera ko inyishu y’ivyo bibabazo izoboneka mu minsi iri imbere. Abo bashikiranganji baragendeye kandi abenegihugu bari muri zone Rukaramu aho bugarijwe n’ubukene budasanzwe bwo kubura ivyo bifashisha
Twobamenyesha ko abo benegihugu batakigira icepfo na caruguru, batagira utuzu twa surwumwe, batagira ibifungurwa icibahiwe co ni amazi meza canke aho bakika umusaya.
Bagendeye kandi aho uruzi rwasenyuye ibarabara muri zone Rukaramu muri komine MUTIMBUZI intara ya BUJUMBURA

Bavuye aho, Abo Bashikiranganji baragendeye aho uruzi KAJEKE rwataye inzira, rwirara mu mirima no mu mazu y’abantu, none ubu bafashe ingingo yo gusubira kurucisha aho rwahora ruca, gutyo rureke kuzibira amabarabara nk’uko rwamaze gushwara mw’ibarabara rya Gihanga.

Abashikiranganji uko ari bane bagendeye itongo ry’abapfuye riri ku Mpanda aho ryatewe n’amazi y’uruzi KAJEKE. Ibikorwa vyo gusubira gucisha aho uruzi rwaca bikaba bigiye gutangura vyihuta, aho kugeza kumunsi wa Kane igenekerezo rya 20 Rusama 2021 ruzoba rwasubiye guca aho rwahora.