27 juillet 2024

ITANGAZO RY’UBUSHIKIRANGANJI BWO GUSHIGIKIRANA, IMIBANO, AGATEKA KA ZINA MUNTU N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA MU NTUMBERO YO GUHIMBAZA UMUSI MUKURU MPUZAMAKUNGU WAHARIWE UMUKENYEZI, Umwaka w’2024

  1. Igenekerezo rya 8 Ntwarante uko umwaka utashe, Uburundi burifatanya n’ayandi makungu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi. Uwo munsi udasanzwe ukaba washizweho inyuma y’imyiyerekano itandukanye y’abakenyezi  basanzwe  bakora ibikorwa bitobito mu mahinguriro bikorera utwabo, bo muri Amerika yo mu buraruko nabo mu bihugu vya buraya, basaba uburenganzira butandukanye harimwo no kwitabira amatora  muntango z’ikinjana ca 20. Ukaba wahavuye ushigwaho n’inama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yabaye mu mwaka w’1977.
  2. N’umunsi wo gusuzuma intambwe tugezeko muguharanira agateka k’umukenyezi ndetse n’ukurabira hamwe intambamyi dukwiriye guhangana nazo kugirango dushikire uburenganzira bumwe kuri bose hatisunzwe ubutandukane bw’ibitsina canke irindi kumirwa iryo ariryo ryose.
  3. Uyu mwaka w’2024, Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu cacu c’Uburundi ahamagarira abajejwe gufata ingingo, amashirahamwe ya Reta, abajejwe ivy’ubutunzi, Abunganira Reta mu migambi yayo, abahinga, abari mu bisata vya Kaminuza n’ama Banki, kugira uruhara rudasanzwe mu gushigikira umukenyezi mu twigoro twiwe twa misi yose  mw’iterambere na canecane mu kumworohereza kugira aronke ivyankenerwa bimufasha kugwiza umwimbu mu bisata vyose: uburimyi, ubworozi, ubudandanji, imyuga, guhingura, kubika umwimbu. Ivyo vyose bigakorwa kugira ntihagire umukenyezi n’umwe asigara inyuma mu rugamba rwo gushikana Uburundi kuri ya mbona kazoza y’ubhurundi bwifashe mu 2040, n’uburundi buteye itembere mu 2060.
  4. Ibirori vyo guhimbaza Umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi bikazoba kw’igenekerezo rya 08 ntwarante mu ntara ya GITEGA muri Commune GITEGA ku kibuga c’umupira « INGOMA » , bihagarikiwe na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu cacu, ku civugo kigira kiti :« Tujane n’umukenyezi mw’iterambere dushimikiye ku kurwiza umwimbu ». Iki civugo kikaba kije gitera intege umukenyezi, yari asanzwe ari ku kivi mu kurwiza umwimbu ngo ashigikirwe bimwe biboneka, maze iterambere risage ibisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu n’umukenyezi adasigaye inyuma.
  5. Turashima ibimaze gukorwa aha mu gihugu cacu kugira umukenyezi w’umurundikazi atere intambwe ibiboneka, aha twovuga:
  • Guteza imbere umukenyezi mu bijanye n’ubutunzi dufatiye kw’ishingwa ry’ibanki ijejwe imigambi y’iterembere ry’umukenyezi, gushigikira imigambi mitomito y’abakenyezi mu kubaronsa ibikoresho hamwe no kibigisha itegeurwa ry’imigambi;
  • Kurwanya hamwe no gukinga amabi afatiye ku gistina mu gushiraho ahasha abakora ayo mabi, hamwe n’ibigo bifasha abahuye nayo mabi;
  • Abakenyezi mu Burundi baraserukiwe mu nzego zitadukanye naho ibitigiri bikiri hasi.

Kandi ivyo vyose bizobandanya bikorwa kuko biri mumahangairo twihaye kugira umukenyezi nawe aterere mu gushika kuri ya mbona kazoza ya 2040 y’Uburundi bwifashe na 2060 y’Uburundi  buteye imbere.

  1. Muri uku kwezi kwa Ntwarante guhariwe umukenyezi, harategekanijwe kurangurwa ibikorwa bitari bike bikurikira :
  • Ibiganiro mu ma radiyo bishimikiye kuri iki civugo bizoshikirizwa ;
  • Amanama yo guhanahana ivyiyumviro ku bibazo biraba iterambere ry’agateka k’umukenyezi azokoreshwa ;
  • Kwitabira inama y’isi yose igira mirongo itandatu n’umunani y’umugwi ujejwe gukurikirana uko uko umukenyezi abayeho ;
  • Ihimbazwa ry’uyo musi mukuru ku rwego rw’igihugu, ku rwego rw’intara hamwe no ku rwego rwa komine ;
  • Ibikorwa bitandukanye bizorangurwa n’abasanzwe bitaho ineza y’abakenyezi ;
  1. Twibukije abenegihugu bose hamwe n’abafata ingingo ko kwubahiriza agateka ka kiremwa muntu, harimwo ako umukenyezi n’umwigeme ari iteka rinini ku gihugu kandi ko ari kimwe mu mushinge w’iterambere rirama.
  2. Tukaba duhamagariye abenegihugu bose bo muntara ya Gitega no mumicungararo yaho gusidukana n’iyonka, mukuza guhimbaza uyo musi mukuru wahariwe abakenyezi.
  3. Turipfurije umunsi mukuru mwiza abakenyezi bose, MURAKOZE !