30 avril 2024

Reta y’Uburundi yarafashe ingingo zitari nke zo gushigikira abageze mu zabukuru

Ivyo ni ivyashikirijwe na Nyakwubahwa Ponsiyano Hatungimana, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ku munsi wa Gatanu, igenekerezo rya 6 gitugutu 2023, aho hari haramutse hahimbazwa Umunsi Mpuzamakungu wahariwe abageze muzabukuru. Ibirori vy’uwo munsi usanzwe uhimbazwa kw’igenekerezo rya mbere gitugutu uko umwaka utashe bikaba vyabereye mu ntara ya kirundo.

Ku rwego rw’igihugu, uwo munsi ukaba wahimbajwe ku civugo kivuga giti :« Twese hamwe, Urwaruka rudasigaye inyuma, twitwararike kwama twubahiriza na ntaryo agateka k’abageze muzabukuru».

Mw’ijambo ryiwe, Umunyamabanga Ntayegayezwa yamenyesheje ko mu ntumbero yo gukinga no gutegekaniriza kazoza abenegihugu abageze muzabukuru badasigaye inyuma, Reta y’Uburundi yafashe ingingo zitari nke zo gushigikira abageze mu zabukuru, nazo ni nk’izi zikurikira:

– Gusinyiranira amasezerano n’amashirahamwe n’ibigo bifasha abageze mu zabukuru, aho baronswa uburyo buri mwaka, babarihira amatara n’amazi, no mu kuborohereza kwinjiza ibikoresho bivuye hanze biza bibafasha;

– Gushigikira no kuronsa ibikoresho n’ibifungurwa abageze muzabukuru, n’ibindi.

Nyakwubahwa Ponsiyano Hatungimana yavuze kandi ko Igihugu cacu cateye intambwe idasanzwe mugufata ingingo zorohereza abakurambere bacu ugereranije n’aho hambere haheze, nko Kuvuza k’ubuntu ba ntahonikora bageze mu zabukuru.

Yamara ngo naho Reta ikorera ibitari bike abageze mu zabukuru, ngo ntawokwirengagiza ko hakiriho abakurambere batari bake bugarijwe n’ibibazo bitandukanye, hakaba hariho n’abaherutse gukurwa mw’ibarabara bari babeshejweho n‘ugusegerereza.

Aca asaba abari aho bose gushigikira abageze muzabukuru mukurwanya ivyo vyose vyotuma agateka kabo gasuzugurika nko mu kurenganywa ku matongo, kwagirizwa uburozi, gufatwa nabi mukibano, n’ibindi.

 

Ntiyibagiye kumenyesha ko Reta y’uburudi « RETA MVYEYI, RETA NKOZI » izobandanya gukora ukwo ishoboye kwose kugira abageze mu zabukuru bagende bagira akarusho, ati :« turemeza ataguhigimanga ko inyishu ya mbere iri muri ca gikorwa co gushigikirana mu kibano, iyindi nyishu ikomeye ikaba iri mu miryango y’abo ».

Yarangije ijambo ryiwe ashimira abitavye ibirori vy’uwo munsi, cane cane abitanga batiziganya mu guharanira agateka k’abageze mu zabukuru, aha twovuga Abafurera Beneyozefu n’Ababikira b’Abamisiyonari b’urukundo.

Ntiyibagiye kandi no gushimira abafashije bose kugira uwo munsi mpuzamakungu ugende neza nka OMS, Solidarité mondiale n’abandi.

Nayo Buramatari w’Intara ya Kirundo mw’ijambo ryiwe akaba yarashimiye cane Reta y’Uburundi ku bikorwa vyinshi vyiza ikorera abageze mu zabukuru ibicishije mu Bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo gushikigirana. Yongera arashimira Abafurera Beneyozefu n’Ababikira b’Abamisiyonari b’uburukundo ku kuntu bitanga mugufasha ba ntahonikora mu ntara arongoye, ati dukorana neza n’ibigo vyabo.

Yaba Uwaserukiye ababikira b’Abamisiyonari b’urukundo Mama Mary Fidéline, canke uwaserukiye ibigo vy’abafasha abageze mu zabukuru Furera Cyriaque Hakizimana, bose barashimiye Ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo gushigikirana ku kuntu bubafasha mu bikorwa vyabo bitandukanye vyo kwitaho ba ntahonikora harimwo n’abageze mu zabukuru. Bagasaba kubandanya bafatwa mu mugongo gutyo bashobore kworoherwa muvyo bafashisha abari mu bigo vyabo, ndetse n’abandi babitura.

Ibirori vyarangijjwe no gushigikira abageze mu zabukuru batowe muri ako karere  mu kubaronsa ibikoresho vyankenerwa hamwe n’ibifungurwa.