4 mai 2024

Abagendana ubumuga 25 bararonkejwe impapuro zerekana ko bize umwuga wo Gusudira

Abagendana ubumuga 25 nibo baronkejwe, kw’igenekerezo rya 20 ndamukiza 2024, Impapuro zerekana ko bakurikiranye inyigisho z’umwuga wo gusudira, bakaba bari bamaze amezi 3 biga uwo mwuga mu kigo c’igisha imyuga co mu ntara ya Bubanza. Bakaba babironkejwe n’Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iteramnere Ridakumira.
Bararonkejwe kandi ibikoresho bizobafasha mukurangura uwo mwuga wo gusudira hamwe n’akabahasha k’amafaranga ibihumbi ijana yo kwunguruza ivyo bikoresho.
Umunyamabanga Ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji yaserukiye Umushikiranganji muri ico gikorwa, Nyakubahwa Ponsiyano Hatungimana, akababa yasavye abaronkejwe ibikoresho kubibungabunga no kubikoresha neza gutyo biteze imbere bateze imbere n’igihugu cabibarutse.
Nyakubahwa Ponsiyano Hatungimana yarongeye aramenyesha ko bagiye kugendera abantu bose baronkejwe ibikoresho n’Ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo gushigikirana gutyo birabire ukwo babikoresheje n’intambwe bagezeko.
Nayo abaronkejwe impapuro z’umutsindo n’ibikoresho vyo kurangura umwuga wo gusudira barashimiye cane Ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo gushigikirana ku kuntu budahengeshanya gushigikira abagendana ubumuga, haba mukubavuza canke mu bindi vyankenerwa. Bakaba bariyemeje gukoresha neza ivyo bikoresho kugira bibafashe kwiteza imbere.