26 septembre 2022

Hariho imiryango y’abatwa batagira agateka ko kugira uburaro bwiza

Ivyo biri mu vyamenyesheje na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 26 myandagaro 2022 ku murwa Mukuru w’intara ya Ngozi aho yariko arugurura icese inyigisho z’iminsi 2 zijanye n’agateka ka zina muntu ku bansangwabutaka mu ntara za kayanza, Kirundo Ngozi na Muyinga.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yavuze ko Reta y’Uburundi yama ikora itiziganya kugira ngo agateka ka zina muntu, hatibagiwe n’ak’abasangwabutaka bari barakumiriwe, gaterimbere  kandi kubahirizwe.

Vyongeye, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yamenyesheje ko Reta y’Uburundi ifadikanije n’abayunganira yarakoze ibikorwa vyinshi kandi bishimishije biteza imbere umurundi kandi bidasiga inyuma abasangwabutaka.

Aca atanga utororero ko yarashizeho(i) Ubuyobozi bujejwe guteza imbere no gukingira agateka ka zina muntu mu ntara no muma komine(ii) Isubirwamwo ry’itunganywa ry’amategeko atandukanye, (iii)Gukuraho igihano co gupfa; (iv)Gutunganya imigambi yokwitez’ imbere  idasiga inyuma Abasangwabutaka aho twovuga nk’umugambi MERANKABANDI, (v)Kubakira uburaro bwiza abasangwabutaka (vi) Gushira mu nzego zimwe zimwe abasangwabutaka,  n’ibindi vyinshi.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yavuze kandi ko Reta y’Uburundi ibandany itanga inyigisho z‘agateka ka zina muntu ibicishije mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina muntu, n’Iterambere ridakumira kandi ngo izo nyigisho z’agateka ka Zina Muntu zigenewe abenegihugu bo mu mice itandukanye yo mu gihugu c’Uburundi kugira bamenye agateka kabo.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko Izi nyigisho zatunganijwe hageze kuko Uburundi buheruka kwifatanya n’ayandi makungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe Abasangwabutaka kw’igenekerezo rya 09 Myandagaro mu ntara ya Gitega .

Abitavye inyigisho (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Akaba yibukije abari aho ko uno mwaka icivugo mpuzamakungu ari :« Uruhara rw’umukenyezi w’umusangwabutaka mu gutsimbataza imico n’akaranga » Hano mu gihugu cacu,uwo munsi mukuru wahimbajwe ku civugo: «Uruhara rw’umukenyezi w’umusangwabutaka mu gutsimbataza imico n’akaranga vy’Abarundi ».

Yaciye atanga insiguro ko ico civugo c’igihugu cacu kirahamagarira umukenyezi w’umusangwabutaka kugira urahara mugutsimbataza imico ijanisha kw’iterambere rirama, rihurikiyemwo bose kandi rikozwe neza kandi ngo ico civugo kirashimangira  ugushira imbere imibano y’abantu batekanye kandi bishingiye ku gateka ka zina muntu, n’ubutungane kuri bose.

Mu bikorwa bijanye n’ihimbazwa ry’uyo munsi mukuru mpuzamakungu wahariwe Abasangwabutaka, birakenewe cane kuyaga n’ Abasangwabutaka  ba hano mu Burundi ibijanye n’agateka kazina muntu muri rusangi .

Yasavye abari bitavye izo nyigisho kuzozishikiriza abandi aho baje bava mu kibano, nazo ziklaba ahanini zari zerekeye :

  • Uburenganzira bw’ imigwi y’abantu bafise ingorane bisangije;
  • Irondoka rijanye n’amagara meza;
  • Umubano mwiza mu rugo;
  • Kurwanya amabi afatiye kugitsina ;
  • Isuku soko ry‘ amagara meza .

Yarongeye abasaba kuja mu mashirahamwe no mu makoperative bongere batunganye imigambi ishobora gushigikirwa n’ibanki y’urwaruka canke iy’abakenyezi zose zikorera mu ntara ya Gitega kuko ngo afise amakenga ko imigambo yose yoba imaze gushigikirwa n’ibanki y’urawaruko, hoba atay’urwaruka rw’abatwa irimwo.

Akaba yashimike abajejwe intwaro na cane cane buramatari w’intara ya Ngozi kuko yama hafi y’abenegihugu na cane cane abasangwa butaka, ari nako kuboneraho kumenyesha ko hari abatwa batagira uburaro bwiza, ariko bafadikanije n’abajejwe intwaro, bashoboye kuduza ibigeda, maze ubushikiranganji arongo nabwo burabaronsa ibisakazo.

Yarashimiye Ishirahamwe mpuzamakungu FNUAP ryafashije ibijanye n’uburyo bwo gutungana izo nyigisho aca abasaba no gushigikira kugirango n’abandi basangwabutaka bo mu zindi ntara bashikirwe n’izo nyigisho.

Buramatari w’intara ya Ngozi Emmanuel NTACONSANZE (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Buramatari w’intara ya Ngozi Emmanuel NTACONSANZE, yarashimiye Ubushikiranganji kubona bwaratunganije inyigisho nk’izo mu ntara ya Ngozi, aca aboneraho kubandanya asaba ko zotegurwa kugirango n’abatashikiriwe, nabo biyumvirweko bamenye uburenganzi n’amategeko agenga agateka ka Zina muntu.

Abasangwabutaka bahawe izo nyigisho bakaba barashimiye cane nyakubahwa Umushikiranganji ajejwe gushigikirana hamwe n’abamufasha we yiyumviriye gutunga inyigisho nk’izo kandi akishikira kugirango abakangurire kumenya amateka n’amategeko agenga kiremwa muntu.

Baboneyeho kumusaba ko inyigisho nk’izo zokwiragizwa mu basangwabutaka bose kuko ngo hari amahohoterwa bahora bagirirwa ariko bakabura aho bitura ngo batunganirizwe

Mu vyo bashikirije, harimwo ibijanye n’ihohoterwa rifatiye kugitsina rihora rikorerwa abakenyezi b’abatwakazi.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yaciye agenda abshikirije abakenyezi bose bari bitavye izo nyigisho ibikoresho vy’isuku bakunda gukenera harimwo indobo, cotex, isabune, amavuta yo kwisiga n’ibindi.

Bakaba barashimiye cane Nyakubahwa Umushikiranganji wo gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira aho baciye babigaragariza mu ntambo n’imvyino, mbere na Nyakubahwa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE akaba yaciye yifatanya mu kugaragaza uwo mu nezero mu ntambo.

Mwomenya ko bubaye ubwambere mu mateka y’igihugu c’Uburundi aho inyigisho zerekeye agateka ka zina muntu zitangwa ku basangwabutaka.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →