Ivyo ni ivyasabwe na Nyakubahwa Imelde SASBUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, imibano, Agatekaka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 11 kigarama 2021, i Gitega, aho yari yaramutse ashikiriza imfashanyo ku bapfungwa bari bw’ibohero rikuru rya Gitega.

Iyo mfashaya ikaba yari igizwe n’itoni 3 z’umuceri, imatera 1200, amasafuriya 1000, uburengeti 1000, ababaro y’impuzu 25 harimwo baro 8 z’ishati z’abagabo, baro 13 z’ipantaro na boro 4 z’ikanzu z’abakenyezi. Yarabashikirije kandi ikarato 50 harimwo isabune 4800.

Mw’ijambo ryiwe, nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yabasavye kutazosubira gukoresha nabi umuyagankuba kuko ariwo wabaye intandaro y’umuriro wahitanye ibintu n’abantu muri iryo bohero.

Muri iryo ijambo ryiwe kandi, Nyakubahwa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE Yararemesheje imiryango yabuze, arongera arashimira abapfungwa bari muri iryo bohero ku nyifato nziza berekanye, bakaguma bifashe naho bari mu bihe bitoroshe.
Ati Reta Mvyeyi kandi Nkozi Irajwe ishinga n’Uko abenegihugu bose bogira ubuzima bwiza, irabitwararitse kandi irabakeneye, iracakeneye ko bagira ubuzima bwiza, ari naco gituma yarondeye ivyo vyose bishobora kuba birabafashe.
Yanashimiye cane abo bose bamaze kugira ico bafashije, eka mbere n’aboba bariko bariyumviroa icokorwa kuri abo bapfungiwe muri iryo bohero.
Yaranabasavye kutagurisha ivyo bikoresho babahaye canke ngo babikoreshe ico bitagenewe, ngo gutyo biraheza bigahimbara ababibahaye.

Uwaserukiye abapfungiwe muri iryo bohero rya Gitega nawe mw’ijambo ryiwe yarashimiye cane Reta y’Uburundi ibicishije ku Mushikiranganji wo Gushigikirana kuri iyo mfashanyo, aca anamenyesha ko ngo nibasubira kuronka umuyagankuba bazogerageza kuwukoresha neza ngo ntuzosubire gutera isanganya nk’iriheruka kuba.

Mwomenya ko abanyororo 38 ari bahitwnywe n’umuriro wadutse kw’igenekerezo rya 7/12/2021, nayo abagera ku 69 bakaba barakomeretse aho baciye bajanwa kuvurirwa mu bitaro bitandukanye, kandi bakavuzwa na Reta y’Uburundi.