25 avril 2024

Genda mufashe abakenyezi birimizi cane cane kugirango nabo biture iyi banki kuko yagiyeho kubwabo

Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe na Nyakubahwa Feliex Ngendabanyikwa, Umwunganizi w’umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa kane igenekerezo rya 15 nyakanga 2022 hariya I Gitega, igihe yariko arugurura uruganda rwo kumenyekanisha ibikorwa vya banki y’abakenyezi isanzwe ifise icicaro aho kumurwa mukuru w’intara ya Gitega.

Nyakubahwa Feliex Ngendabanyikwa, Umunyamabanga Ntayegayezwa w’umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yibukije abari aho ko iyi Banki y’Imigambi n’Iterambere ry’Abakenyezi BIDF yuguruye imiryango icese kw’igenekerezo rya 03 Ntwarante 2022 aho ibirori vyo kuyugurura vyari vyatewe iteka na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi  cacu.

Ngo kugira bishoboke ko yugurura imiryango ku mugaragaro, hari ibikorwa bitari bike vyakozwe kubera ubutwari n’ubukerebutsi bw’Urwengo Nshingwantwaro hamwe n’Ubuyobozi bukuru bw’Ibanki.

Abitavye Inama (Ifoto na Elie HARINDAVY)

Yibukije abari aho ko muri Rusama y’umwaka wa 2020, ibwirizwa ry’Umukuru w’Igihugu  n°100/072 ryo kuwa  8 Rusama 2020 ryerekana uruhara rwa Reta y’Uburundi n’Urw’ amakomine mu gushiraho imitahe igize Ibanki (Banque d’Investissement et de Développement pour les Femmes au Burundi « BIDF ») ryaragiyeho, rigaca ryerekana indinganizo y’itunganywa ry’umutahe w’Ibanki y’abakenyezi, BIDF aho ryashinze yuko ibice 15% vy’umutahe utangwa na Reta, ibindi bice 85% vy’umutahe bigatangwa n’amakomine yose agize Uburundi.

Ati “Aho hari mu ntumbero yo gushira mungiro no mubikorwa ihangiro rya Reta ryuko umukenyezi w’umurundikazi yoroherezwa mu kuronswa ingurane yo kurangura imigambi imushikana kw’iterambere rirama kandi ridakumira”.

Nyakubahwa Féliex Ngendabanyikwa, Umunyamabanga Ntayegayezwa w’umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yavuze kandi ko uwo mugambi wateguriwe ukongera ugatunganirizwa mu Bushikiranganji turongoye bivanye n’iryo hangiro ryayo ryerekeye iterambere ridakumira ku musanzwe muzi neza ko ibwirizwa ry’umukuru w’igihugu No 100/ 084 ryo kuwa 12 Gitugu 2020 rishiraho ubushikiranganji bwacu n’ico bujejwe aho mu ngingo yaryo ya 12 harimwo ishirwaho ry’ubuyobozi bukuru bujejwe iterambere ry’umukenyezi, mbere hakabaho n’igisata kijejwe kushigikira abakenyezi (Département de l’Autonomisation de la Femme et de la promotion de la fille).

Ngo ni muri iyo ntumbero iyi banki yagiyeho kugirango noneho umukenyezi nawe aronke uko atunganya kandi agashira mungiro imigambi imuteza imbere, ikongera igateza imbere igihugu.

Muvyo iyo banki imaze kurangura, Nyakubahwa Felix NNGENDABANYIKWA yatanganje ko hariho abakenyezi bahurikiye mu ma Koperative eka mbere no mu mashirahamwe bamaze kuronswa ingurane, hamwe mbere  nabazanye imigambi ku giti cabo, bamaze na bo nyene kuyironswa ariko kubera hakiri muntango, ngo ni kuguma bahinyanyura kugirango bigume bitera bimera neza kurusha.

yongeye ati “Nico gituma twateguye turi kumwe n’abarongoye iyi Banki “uruganda rwo kumenyekanisha Ibanki BIDF, ibikorwa vyayo n’uburusho buronswa abanywanyi bayitura, mu kubaronsa ingurane yo kurangura imigambi yabo yo kwiteza imbere,  rugenewe abajejwe iterambere ry’ingo n’imibano mu Ntara zose z’Igihugu, Ivyegera vyabo hamwe n’Abunganizi muvy’Imibano mu ma Komine yose agize igihugu acu ciza c’Uburundi”, kugirango baterere agacumu k’ubumwe mukuyimenyekanisha no kumenyekanisha ibikorwa n’uburusho bitanga n’iyo Banki ku banywanyi bayo”.

Kubera ko abo batumiwe basanzwe bajejwe aho baherereye ivy’iterambere n’imibano mu ma Komine no mu Ntara, yabasavye gukurikirana neza izo nyigisho, hanyuma nabo ngo bazoheze babe abaserukizi b’Ibanki (ambassadeurs) mu kibano aho barangurira imirimo yabo ya misi yose.

Abitavye Inama (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Akaba yaciye abasaba ibi bikurikira ati:

“Genda mufashe abakenyezi birimizi cane cane kugirango nabo biture iyi banki kuko yagiyeho kubwabo. Turazi neza ko abakenyezi benshi bibagora kuronka ico barwatiriza kugirango baronke ingurane, ariko iyi banki yakje kugirango ibafashe baronke izo ngurane bitabagoye.

Rero mwebwe mubegereye cane, genda mubafashe gutunganya imigambi ishoborta kwemerwa neza n’iyi banki baheze bayizane, gutyo baronswe ingurane.

Musanzwe muzi neza ko hari umugambi twabonye ko ufasha cane abakenyezi eka mbere n’abandi bose kwiteza ibere, umugambi nawe nuze hamwe no kuja mu makoperative.

Aho muherereye, genda muhimirize abakenyezi kuja muri bene iyo migambi, baje mu mashirahamwe hamwe no mumakoperative baheze babone kwitura iyi banki bitagoranye.

Twibaza ko benshi bataramenya ko iyi banki iriho kandi ikora igikorwa nk’ico. Murafise rero uruhara ntangere rwo kubakangurira kuja muri iyi banki, bamenye ko Atari baba bakenyezi bari basanzwe bafise ingene bitura n’ayandi mabanki yari ahasanzwe, bakaronka ingurane gusa boza kuyitura, dukeneye buri mukenyezi yiyumve aheze ayiture gutyo dushikire umugambi w’iterambere ata n’umwe avuyemwo”.

Mu kurangiza yibukije abari aho ko bofashanya n’abajejwe intwaro kugirango ibazo co gukura mw’ibarabara abana bose hamwe n’abakuze basegerereza, maze bamenyesha mu kibano niba hjari umuntu yoba atahari kuri uyo Mutumba.

Umupfasoni Donatienne GIRUKWISHAKA, arongoye Urwego Nshingwantwaro rw’ibanki y’imigambi n’iteramber ry’abakenyezi « BIDF » (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Uwurongoye Urwego Nshingwantwaro rw’ibanki y’imigambi n’iteramber ry’abakenyezi « BIDF » Umupfasoni Donatienne GIRUKWISHAKA, Yamenyesheje ko muri kahise atari na ka kera, ivyigwa vyagizwe n’abahinga b’Ibanki nkuru y’igihugu cacu c’Uburundi vyarerekanyeko umurundikazi yamye akumirwa mubijanye no kuronswa ingurane.

Yavuze ko ivyo bikava ku ntambamyi afise zijanye no kubura ingwati kuko kenshi kiretse abakenyezi bize bashobora kugwatiriza umushahara, abirimizi n’abadandaza bo usanga badafise ico bokwigombomboza kuko itongo ahenshi rigabwa n’abagabo.

Yarongeye ati « Nubwo Ubushikiranganji bwitaho ineza yabakenyezi bwagiye buragerageza kurondera ingene bwokorana n’amabanki hamwe n’ibigega bitandukanye bitanga ingurane ngo bakunde baze barakorana nabo bakenyezi cane cene badafise amikoro manini, ntibabikoze neza, kuko vyagiye biragaragara ko aho gufasha vyukuri babivyazamwo umusaruro ku nyungu zabo ».

Ati « Niho rero havuka iciyumviro cuko hojaho ibanki atakindi ijejwe atari ugufasha abakenyezi kwiteza imbere ifatiye ku ntambamyi zitandukanye bafise kandi ico ciyumviro carashikanywe hejuru n’abushikiranganji hanyuma indongozi za Reta Mvyeyi Leta Nkozi ziragishigikira ».

« Niko gushiraho Ibanki yitaho vy’umwihariko Umukenyezi mu kumushigikira mu migambi yiwe y’iterambere, gutryo agashobora guteza imbere umuryango, ikibano eka mbere akagira n’uruhara rugaragara mu gufasha igihugu camwibarutse gushikira iterambere rirama ata numwe asigaye inyuma ». Ivyo ni Nyakubahwa GIRUKWISHAKA Donatienne yabivuze.

Uwo arongoye uwro rwego nshingwantwaro rw’iyo banki yabandanije avuga ko ifise ihangiro nyezina ryo guherekeza abakenyezi mw’ishigwaho ry’imigambi y’iterambere nukubafasha kuyivyaza umusaruro, Vyongeye, ngo iyo banki BIDF ikora ibikorwa vyose izindi banki z’ubudandaji zikora, ariko yibanda cane cane kubakenyezi.

Hejuru y’ivyo bikorwa, GIRUKWISHAKA Donatienne yavuze ko hashizweho kandi izindi ndinganizo kugira umukenyezi yoroherezwe mukurangura imigambi y’iterambere, aho ni nko kumenyesha, kwigisha hamwe no gukurikirana umukenyezi mw’itunganywa ry’imigambi yemerwa na banki, kandi akongera akayivyaza umusaruro, maze ivyo ngo bigakorwa ku bakenyezi bahurikiye mu ma koperative n’amashirahamwe eka no kubakora ku giti cabo.

Akaba yarangije amenysha ko urwo ruganda rwatunganijwe kugirango abajejwe ivy’iterambere ry’ingo n’imibano mu Ntara no mu ma Komine yose agize igihugu bamenye kandi bamenyekanishe ibikorwa vy’iyo banki, bayimenya neza ido n’ido, ivyo ikora n’uturusho itanga kubanywanyi bayo eka no kurabo bose bayitura.

Gutyo aca abasaba kuzofasha mukuyimenyekanisha, guhimiriza no gusigura ivyiza vyayo kugirango abakenyezi bayihurumbire kandi ko ngo yaje kubaremurura kubibazo bihanze abakenyezi bibashikira, inyishu yibitari bike ikaba yabonekeye mu bikorwa vy’iyo banki nkuko bavyiyumviye.

Nawe Nyakubahwa Arthur, Umuhanuzi wa Buramatari w’intara ya Gitega ajejwe amategeko akaba yashimye cane kubona urwa ruganda rwateguriwe mu ntara ya Gitega, kandi no kubona kandi iyo banki yashinzwe kugira icicaro kumurwa mukuru w’intara ya Gitega.

Icegera c’uwurongoye ibanki y’iteramber ry’imigambi y’abakenyezi BIDF (Ifoto na Elie HARINDAVY)

Icegera c’uwurongoye ibanki y’iteramber ry’imigambi y’abakenyezi BIDF akaba yasiguriye abari aho ibisabwa kugirango uwipfuza kwinjira ngo abe umunywanyi wiyo banki yakikirwe.

Ari nako gusaba ko abo baserukira ubushikiranganji bwo Gushigikirana mu ntara zose n’amakomine yose bogenda kwigisha abandi bakenyezi ibijanye niyo banki, gutyo bazoheze nabo bakirwe.

Chantal NIYOMWUNGERE, ahagarariye DPDFS Makamba ari mubabajije ibibazo (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Abari bitavye urwo ruganda babajije ingene iyo banki izoshobora gukwira mu gihugu cose naburya isanzwe ifise icicaro kumurwa mukuru w’intara ya Gitega gusa, kandi ata bisata irashinga mu ntara ngo yorohereze aboyitura haba mu kubika canke kubikura amafaranga yabo.

Umwe mu bakozi ba BIDF yariko atanga inyishu kubibazo vyabajijwe (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mu nyishu baronkejwe ikaba ari uko ngo iyo banki izokoresha uburyo bwa ecocash na lumicash kugirango umundi wese aho aherereye asho bore kubikura canke kubitsa ubu muri iyo banki atiriwe arashika ahari icicaro c’iyo Banki I Gitega.

Nyakubahwa Feliex Ngendabanyikwa, Umunyamabanga Ntayegayezwa w’umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira mugihe yariko arasozera ibikorwa vy’urwo ruganda (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mu gusozera Nyakubahwa Féliex Ngendabanyikwa, Umunyamabanga Ntayegayezwa w’umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira akaba yaciye asaba abo baserukira ubwo bushikiranganji mu ntara n’amakomine yose agize igihugu kuzogirisha amanama yo kumenyekanisha ibikorwa vy’ibanki y’iterambere ry’imigambi y’abakenyezi BIDF kandi ko bazo tanga yaporo yavyo mu kiringo c’amezi atatu, kuva ubu gushika mu mpera z’ukwezi kwa kigarama 2022.

Akaba kandi yabamenyesheje ko muvyo bazohora batangako raporo, ivyerekeye iyo banki navyo bigeye kuzohora bijamwo.

Mwomenya ko bubaye ubwambere habaye Uruganda rwo kumenyekanisha ibikorwa vy’ibanki y’iterambere ry’imigambi y’abakenyezi BIDF kuva ishinzwe muri Ntwarante 2022.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →