3 mai 2025

Gitega ni Iyambere

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 22 ruheshi 2022 i Gitega niho haba amahiganwa yo gucagura ururirimbo rwambere rwaririmbwe n’abatwa ruhayagira ivyiza umugambi MERANKABANDI washikanyeko abenegihugu bahora bugarijwe n’ubukene bitagira izina, umurwi w’i Gitega akaba ariwo wabaye uwambere.

Abagize imirwi y’abatwa 4 yahiganirwa ikibanza cambere

Imirwi 4 iva mu ntara ya Kirundo, Gitega, Karusi na Ruyigi yabaye iyambere mu ntara iwabo ikaba ari yo yahiganirwa ico kibanza cambere aho umurwi wose waba ugizwe n’abakinyi 15.

Ayo mahiganwa akaba yari yatanguriye ku mitumba yose umugambi MERANKABANDI wakoreyemwo muri izo ntara, barabandanya no kurwego rw’amakonine no mu ntara nkuko twabishikirijwe na Yohani MVUYEKURE ajejwe kumenyesha amakuru mumugambi MERANKABANDI.

Umurwi w’abatwa wo mu ntara ya Gitega akaba rero ariwo wabaye uwambere, aho waronse amanota 7.08 kuri 10 muri ayo mahiganwa.

Umurwi wabaye uwambere

Ukaba waciye uronswa akabahasha k’ibihumbi amajana atatu vy’amarundi  (300.000 Fbu), ibitenge bibiri bibiri kuri buri mukinyi, hamwe n’imipira yo kwambara ibiri ibiri nyene.

Umurwi wakurikiye ukaba wabaye uwuserukira intara ya Kirundo ku manota 6.75 kuri 10 aho nawo nyene waronkejwe ibitenge bibiri bibiri, imipira yo kwambara ibiri ibiri hamwe n’akabahasha k’ibihumbi amajana abiri na Mirongo itanu (250.000Fbu)

Umurwi wa gatatu wabaye uwo mu ntara ya Karusi aho waronse amanota 6.70 kw’10, nawo nyene ukaba waciye uronswa akabahasha k’ibihumbi amajana abiri vy’amafaranga y’amarundi (200.000Fbu), ibitenge hamwe n’imipira yo kwambara kubakinyi bose.

Umurwi wa kane wabaye uwo mu ntara ya Ruyigi, ukaba nawo waronse amanota 5.75 kuri 10, uca uronswa akabahasha kw’ibihumbi ijana na mirongo itanu vy’amarundi (150.000Fbu), ibitenge hamwe n’imipira yo kwambara ku bakinyi bose.

Bamwe mu bari bagize umurwi watanga amanota ku miri y’intara zahiganywe

Mugucagura umurwi wambere, abari bajejwe gutanga amanota bisunga iciyumviro nyamukuru kiri mu ruririmbo, ingene batondekesha amajwi n’ibikoresho bacurarangisha, ko uruvyino ari rushasha hamwe n’ingene bariko baravyifatamwo igihe bariko baravyina.

Yohani Mvuyekure ajejwe kumenyesha amakuri mumugambi MERANKABANDI

Yohani MVUYEKURE asanzwe ajejwe kumenyesha amakuru mu mugambi MERANKABANDI akaba yavuze ko umurwi wabaye uwambere uzoca ujanwa i BUJUMBURA muri studio kugirango ururirimbo rwabo rufatwe neza ruheze ruzoze ruravuzwa mu maradio atandukanye.

Umurwi w’abatwi b’I Gitega babaye abambere

Abo bagize umurwi w’abatwa bo mu ntara ya Gitega bafashijwe n’umugambi MERANKABANDI bakaba barerekanye akanyamuneza ko kubona umurwi wabo ubaye uwambere muri ayo mahiganwa.

Abahinga bafashije gucagura umurwi wambere

Mwomenya ko amahiganwa nk’ayao yari yarigeze kuba mu mwaka w’2020 aho intara ya KARUSI ari yaje ubwambere, ariko ico gihe amahiganwa akaba yakoreshejwe ku banywanyi bose b’umugambi MERANKABANDI atari kubatwa gusa.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →